KU WA 23 GITUGUTU 2023
Greece
Ibihuhusi bikomeye vyateje imyuzure mu bice vyo hagati mu Bugiriki
Muri Nyakanga 2023, harateye ibihuhusi bibiri bikomeye vyarimwo imvura nyinshi mu bice vyo hagati mu Bugiriki. Igihuhusi ca mbere cataziriwe Daniel carononye ibintu vyinshi muri ako karere kuva itariki 4 gushika itariki 7 Nyakanga 2023.
Inyuma y’indwi zitatu, ikindi gihuhusi gikomeye cataziriwe Elias carateye uwundi mwuzure muri ako karere kuva itariki 26 gushika itariki 28 Nyakanga 2023. Mu gisagara kimwe, haraguye imvura nyinshi cane mu kiringo kiri munsi y’amasaha ane. Raporo zerekana ko ibintu vyinshi muri ako karere vyononekaye harimwo ibidandazwa, amazu hamwe n’amabarabara. Abantu barenga 4.500 barateshejwe izabo, abandi 17 na bo barapfuye.
Ingaruka vyagize ku bavukanyi na bashiki bacu
Nta muvukanyi canke mushiki wacu yapfuye
Mushiki wacu umwe ageze mu zabukuru yarakomeretse
Abamamaji 270 barateshejwe izabo
Amazu 11 yarabomotse
Amazu 47 yarononekaye bikomeye
Amazu 51 yarononekaye bisanzwe
Ingoro z’Ubwami zibiri zarononekaye bikomeye
Ingoro z’Ubwami zitandatu zarononekaye bisanzwe
Ibikorwa vyo gutabara
Abahagarikizi b’imizunguruko hamwe n’abakurambere bariko bararemesha abashikiwe n’ivyo vyago muri ako karere bongera babaronsa ivyo bakeneye
Harashinzwe amakomite abiri ajejwe gutabara abashikiwe n’ivyago kugira ahagarikire ibikorwa vyo gutabara
Turasenga ku bw’abashikiwe n’ivyo bihuhusi mu Bugiriki kandi turashashaye igihe Yehova, umwe «yicaye hejuru y’amazi y’umwuzure», azokuraho ivyago vy’ivyaduka ubutakigaruka.—Zaburi 29:10.