Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

WATCHTOWER LIBRARY

Gushira ibishasha muri Watchtower Library

Gushira ibishasha muri Watchtower Library

Urashobora kuregera Watchtower Library ku buryo iza iraraba ko hari ibishasha, canke ukavyishiriramwo ukoresheje ipaki y’ibishasha.

Kuyiregera ku buryo iza iraraba ko hari ibishasha

Kurikiza ubuyobozi bukurikira kugira uregere Watchtower Library ku buryo iza iraraba ko hari ibishasha.

  1. Ja muri Watchtower Library, uce ufyonda kuri Ububiko hama ufyonde kuri Gutunganya kugira wugurure agasandugu kavuga ngo Gutunganya ibiri mu bubiko.

  2. Uri muri ako gasandugu, nufyonde kuri Ibishasha hama ushire akamenyetso kuri Ibishasha bize birivoma.

  3. Igihe cose hazoba habonetse ibishasha, uzoca uronka ubutumwa bukubaza nimba wipfuza kubivoma. Nufyonde kuri Ego kugira Watchtower Library ibivome ice ibishiramwo.

Kwishiriramwo ibishasha

Urashobora kwishirira ibishasha muri Watchtower Library ukoresheje ipaki y’ibishasha. Kugira uronke ipaki y’ibishasha ya vuba, nuyikwege muri Watchtower Library canke uyivome mu gufyonda aho munsi handitse ngo Voma.

Ingene wokwega ipaki y’ibishasha

Kugira ukwege ipaki y’ibishasha, nukurikize ubu buyobozi:

  1. Ja muri Watchtower Library ufyonde kuri Imfashanyo, uce ufyonda kuri Kwishiriramwo ibishasha hama kuri Ipaki y’ibishasha.

  2. Nuhitemwo ikibanza muri orodinateri yawe wobikamwo iyo paki y’ibishasha, uce ufyonda kuri Save (Enregistrer). Watchtower Library ica ikora ipaki y’ibishasha ifise izina riherezwa na “.updatepkg”.

Ingene wovoma ipaki y’ibishasha

Nufyonde aha munsi handitse ngo Voma kugira urabe ko hariho ibishasha muri Watchtower Library yo mu rurimi rwawe. Nimba bihari, nuce ukurikiza ivyo bagusavye kugira ushire iyo paki mu mashini yawe.

Gushiramwo ibishasha

Kugira ushire ku gihe Watchtower Library ukoresheje ipaki y’ibishasha, nukurikize ubu buyobozi:

  1. Ja muri Watchtower Library ufyonde kuri Imfashanyo, uce ufyonda kuri Kwishiriramwo ibishasha hama kuri Shiramwo ibishasha.

  2. Mu gasandugu baca baguha, nuce urondera fichier ifise izina riherezwa na “.updatepkg”. Nuhitemwo iyo fichier uce ufyonda kuri Open (Ouvrir) kugira ivyo bintu bishasha bije muri Watchtower Library.