Bibiliya yoba yomfasha kuronka agahimbare mu muryango?
Inyishu Bibiliya itanga
Egome. Ng’izi zimwezimwe mu mpanuro ziranga ubukerebutsi itanga zafashije abagabo n’abagore amamiliyoni kuronka agahimbare mu muryango:
Nimwandikishe umubano wanyu. Kuragana imbere y’amategeko yuko muzobana ubuzima bwose ni co kintu nyamukuru gituma muronka agahimbare mu muryango.—Matayo 19:4-6.
Nimukundane kandi mwubahane. Ivyo birimwo gufata uwo mwubakanye nk’uko woshima gufatwa.—Matayo 7:12; Abanyefeso 5:25, 33.
Niwirinde amajambo ababaza. Nuvugane uburwaneza n’igihe nyene uwo mwubakanye avuze canke akoze ikintu kibabaza. (Abanyefeso 4:31, 32) Bibiliya ivuga mu Migani 15:1 iti: “Inyishu, iyo irimwo ubwitonzi, ikevya uburake, mugabo ijambo ritera umubabaro riduza ishavu.”
Ntimuhemukirane. Nugaragarize inyiyumvo z’ivy’urukundo uwo mwubakanye gusa abe ari na we gusa wipfuza mu vy’igitsina. (Matayo 5:28) Bibiliya igira iti: “Umubano w’ababiranye nube uwuteye iteka muri bose, kandi uburiri bw’ababiranye bwoye guhumana.”—Abaheburayo 13:4.
Nimurere abana banyu mu rukundo. Ntimubarekerane canke ngo mubabere umururazi.—Imigani 29:15; Abakolosayi 3:21.