Bibiliya ivuga iki ku vyerekeye Pasika?
Inyishu Bibiliya itanga
Guhimbaza Pasika ntibishingiye kuri Bibiliya. Utohoje neza ukaraba inkomoko ya Pasika, uzotahura insobanuro yayo nyakuri. Uzobona ko ari umugenzo ushingiye ku mihamuro ya kera ijanye n’ivy’irondoka. Rimbura ibi bikurikira.
Izina Pasika: Wumvise izina ry’ikirundi Pasika womengo ni ya Pasika y’Abayuda yagizwe iy’abakirisu. Ariko igitabu kimwe c’inkoranyabumenyi (Encyclopædia Britannica) kivuga giti: “Izina ry’icongereza Easter [ari ryo ryahinduwe mu kirundi ngo Pasika] ntibizwi neza iyo ryakomotse. Umupatiri w’umu Anglo-Saxon wo mu kinjana ca 8 yitwa Venerable Bede yakuye iryo zina ku kimanakazi c’impeshi c’aba Anglo-Saxon citwa Eostre.” Abandi na bo bavuga ko ryoba ryakomotse ku kimanakazi c’irondoka c’Abanyafenisiya citwa Astarte, kino kikaba gihwanye n’ikimanakazi c’Abanyababiloni citwa Ishitari.
Inkwavu: Inkwavu ni ibimenyetso vy’irondoka “vyakomotse ku birori n’ibimenyetso vya kera bijanye n’imisi mikuru ya gipagani yo mu mpeshi yahimbazwa n’Abanyaburaya be n’abo mu Karere k’ibihugu vy’Abarabu.”—Encyclopædia Britannica.
Amagi: Igitabu kimwe (Funk & Wagnalls Standard Dictionary of Folklore, Mythology and Legend) kivuga ko uruhigi rw’amagi ya Pasika, ayafatwa ko yaba yazanywe n’urukwavu rwa Pasika, “atari gusa umukino w’abana, ariko ko ari ibisigarira vy’umuhamuro ujanye n’irondoka wagirwa.” Mu mico kama imwimwe vyabonwa ko amagi asharijwe ya Pasika “yari afise ububasha nsigabwenge bwo gutuma umuntu agira agahimbare, atunga agatunganirwa, agira amagara meza kandi agakingirwa.”—Traditional Festivals.
Impuzu nshasha za Pasika: “Kuramutsa ikimanakazi c’Impeshi c’Abanyaskandinaviya ari co Eastre utambaye impuzu nshasha vyabonwa nk’ukutubaha, gutyo bikaba vyatera umukoshi.”—The Giant Book of Superstitions.
Kugira imisa izuba riserutse: Ivyo birafitaniye isano n’imigenzo abasenga izuba ba kera “bagira mu [mpera za Ntwarante] kugira bahe ikaze izuba n’ububasha bwaryo bukomeye ngo rihembure ibimera vyose.”—Celebrations—The Complete Book of American Holidays.
Ikindi gitabu (The American Book of Days) kiradondora neza inkomoko ya Pasika mu kuvuga giti: “Nta gukeka ko Ekleziya igitangura yakurikije imigenzo ya kera y’abapagani ikayiha insobanuro ya gikirisu.”
Bibiliya ivuga ko tudakwiye gusenga Imana twisunze imigenzo itayihimbara. (Mariko 7:6-8) Mu 2 Abakorinto 6:17 havuga hati: “‘Mwitandukanye na bo,’ ni ko Yehova avuga, ‘kandi mureke gukora ku gihumanye.’” Pasika ni umusi mukuru ukomoka mu bapagani; abipfuza guhimbara Imana bakwiye rero kuwirinda.