Ja ku birimwo

Igitabu c’Ivyahishuwe gisobanura iki?

Igitabu c’Ivyahishuwe gisobanura iki?

Inyishu Bibiliya itanga

 Izina ry’ikigiriki ry’igitabu co muri Bibiliya c’Ivyahishuwe, ari ryo A·po·kaʹly·psis (apocalypse mu gifaransa), risobanura “gupfukura” canke “gushira ahabona.” Iryo zina rirerekana insobanuro y’igitabu c’Ivyahishuwe; kirapfukura ibintu vyari vyaranyegejwe kandi kirashira ahabona ibintu vyobaye haheze igihe kirekire vyanditswe. Bwinshi mu buhanuzi buri muri ico gitabu ntiburaranguka.

Ibintu nyamukuru biranga igitabu c’Ivyahishuwe

Ivyofasha umuntu gutahura igitabu c’Ivyahishuwe

  1.   Insobanuro y’ico gitabu ni nziza, si iyitera ubwoba abakorera Imana. Naho abantu benshi izina ry’ico gitabu barisanisha n’icago gikomeye, mu ntango no mu nsozero y’igitabu c’Ivyahishuwe havuga ko abasoma ubutumwa buri muri co, bakabutahura kandi bakabushira mu ngiro bahiriwe.​—Ivyahishuwe 1:3; 22:7.

  2.   Mu gitabu c’Ivyahishuwe hariyo “ibimenyetso” umuntu adakwiye gufata uko biri urudome ku rundi.​—Ivyahishuwe 1:1.

  3.   Ibintu bitandukanye bihambaye be n’ibimenyetso vyinshi bivugwa mu gitabu c’Ivyahishuwe biba bisanzwe vyaravuzwe muri Bibiliya:

  4.   Amayerekwa yerekeye “umusi w’Umukama,” uwutanguye igihe Ubwami bw’Imana bwashingwa mu 1914 Yezu na we agatangura kuganza ari Umwami. (Ivyahishuwe 1:10) Ku bw’ivyo, turashobora kwitega ko iranguka nyamukuru ry’Ivyahishuwe rizoba muri iki gihe cacu.

  5.   Kugira dutahure igitabu c’Ivyahishuwe, dukeneye vya bintu nyene bidufasha gutahura igihimba gisigaye ca Bibiliya, muri ivyo hakaba harimwo ubukerebutsi buva ku Mana be n’ugufashwa n’abasanzwe bagitahura.​—Ivyakozwe 8:26-39; Yakobo 1:5.