Umuntu akijijwe yoba aba akijijwe ibihe vyose?
Inyishu Bibiliya itanga
Bibiliya ntiyigisha ko umuntu akijijwe biba biheze. Umuntu yaronse agakiza biciye ku kwizera Yezu Kristu arashobora gutakaza ukwo kwizera n’ako gakiza yaronse. Bibiliya ivuga ko kugira umuntu agumane ukwizera bisaba akigoro, akarwana “intambara ikomeye.” (Yuda 3, 5) Abakirisu bo ntango bari bamaze kwakira Kristu babwiwe bati: “Mugume mushitsa ubukiriro bwanyu mutinya kandi mujugumira.”—Abafilipi 2:12.
Ivyanditswe vyo muri Bibiliya ntibishigikira inyigisho y’uko umuntu akijijwe aba akijijwe ibihe vyose
Bibiliya iravuga ivyaha bikomeye bishobora gutuma umuntu atinjira mu Bwami bw’Imana. (1 Abakorinto 6:9-11; Abagalatiya 5:19-21) Iyaba rero umuntu adashobora gutakaza agakiza yaronse, ivyo bintu Bibiliya ivuga nta co vyoba bimaze. Ahubwo Bibiliya yerekana ko umuntu yamaze kuronka agakiza ashobora kugwa asubiriye gukora icaha gikomeye. Nk’akarorero, mu Baheburayo 10:26 havuga hati: “Nimba tuza turacumura n’ibigirankana tumaze kuronka ubumenyi butagira amakosa bwerekeye ukuri, nta kimazi c’ibicumuro kiba kigisigaye.”—Abaheburayo 10:26; 6:4-6; 2 Petero 2:20-22.
Mu kigereranyo kimwe Yezu yatanze, yarerekanye akamaro ko kugumana ukwizera. Muri ico kigereranyo yigereranije n’umuzabibu, abigishwa biwe na bo abagereranya n’amashami yawo. Abo bigishwa biwe bobwirijwe kwerekana ukwizera mu vyo bakora, ari vyo vyamwa. Ariko bishitse ntibagumane ukwizera, ‘botawe hanze nk’ishami ritama,’ gutyo bakaba batakaje agakiza baronse. (Yohani 15:1-6) Intumwa Paulo yaratanze ikigereranyo gisa n’ico, mu kuvuga ko abakirisu batagumanye ukwizera kwabo ‘bazocacurwa.’—Abaroma 11:17-22.
Abakirisu basabwa ‘kuguma bari maso.’ (Matayo 24:42; 25:13) Abareka kwitaho ivy’Imana, haba mu gukora “ibikorwa vy’umwiza” canke mu kudakora bimwe bishitse ivyo Yezu yategetse, baratakaza agakiza kabo.—Abaroma 13:11-13; Ivyahishuwe 3:1-3.
Bibiliya iravuga ahatari hake ko abamaze kwakira agakiza bategerezwa kuguma bihanganye gushika kw’iherezo. (Matayo 24:13; Abaheburayo 10:36; 12:2, 3; Ivyahishuwe 2:10) Abakirisu bo mu ntango baragize umunezero igihe bamenya ko abo basangiye ukwizera bariko barihanganira ivyariko bigerageza ukwizera kwabo. (1 Abatesalonika 1:2, 3; 3 Yohani 3, 4) None vyoba vyumvikana Bibiliya ishimitse ku kwihangana udahemuka mu gihe n’abatihangana borokoka vyanka bikunda?
Igihe intumwa Paulo yari yegereje gupfa ni ho gusa yabona ko ubukiriro bwiwe ari ntakekeranywa. (2 Timoteyo 4:6-8) Imbere y’aho, yaratahura ko yashobora gutakaza ubukiriro mu gihe yoretse agatwarwa n’ivyipfuzo vy’umubiri. Yanditse ati: “Umubiri wanje ndawukubitagura ibipfunsi nkawujana nk’umuja, kugira ngo maze kwamamaza ku bandi, nanje ubwanje simpave mba uwutemewe.”—1 Abakorinto 9:27; Abafilipi 3:12-14.