Ja ku birimwo

VYOBA VYARIYADUKIJE?

Ururimi rw’akayabu

Ururimi rw’akayabu

 Utuyabu tw’udutungano turazwi yuko dukunda kwisukura. Ica kane c’umwanya tumara turi maso tuwumara turiko turisukura. Mu kwisukura, dukoresha ururimi rwatwo rukozwe mu buryo butangaje.

 Rimbura iki kintu: Ururimi rw’akayabu ruriko utuntu tumeze nk’uduherehere dushika 290. Utwo tuntu tumeze nk’uduhwa dutoduto, tukaba turaba inyuma kandi tugumye nk’inzara z’umuntu. Kamwekamwe kose muri utwo tuntu kariko agatoboro gaca kajamwo amate igihe cose akayabu gasohoye ururimi. Igihe akayabu kariko karifyeta ku bwoya, utwo tuntu duca twinjira muri ubwo bwoya, tukarekurira ku rukoba ya mate ari muri two.

Twa tuntu turi ku rurimi uturabiye muri rugagamisha

 Buri musi, ururimi rw’akayabu rurashobora kurekurira ku rukoba no mu bwoya nka mililitiro 48 z’amate. Ayo mate arimwo indemamubiri zica imigera zitwa enzymes. Vyongeye, igihe ayo mate ariko aruma, umubiri w’akayabu uca ususuruka, ivyo bikaba bihambaye kubera ko kadafise udusaho tw’icuya twinshi dutuma gasusuruka.

 Igihe kamwe muri twa tuntu gashitse ahantu hari ubwoya bufatanye, gaca kinjira indani muri bwo bigatuma butandukana. Igihe akayabu kariko karisukura, iyo twa tuntu turi ku rurimi dukoze ku mubiri wako, biratuma kumva kamerewe neza ku rukoba. Hari ubwoko bw’igisokozo abahinga bakoze biganye ukuntu ururimi rw’akayabu rumeze. Ico gisokozo kirasokoza umushatsi mu buryo bworoshe kandi kigatandukanya imishatsi izitanye ata nguvu nyinshi ukoresheje, kandi kikoroha kwoza. Abahinga bavuga kandi ko kwigana ukuntu ururimi rw’akayabu rumeze bishobora gutuma biga uburyo bushasha bwo kwoza ibintu vy’ubwoya. Birashobora kandi gutuma baryohora ubuhinga bakoresha mu gushira imiti canke amavuta ahantu hari ubwoya.

 Uvyibazako iki? Ururimi rw’akayabu rwoba rwariyadukije, canke hariho uwarushizeho?