Ja ku birimwo

Kubera iki aho musengera muhita “Ingoro y’Ubwami”?

Kubera iki aho musengera muhita “Ingoro y’Ubwami”?

 Iryo zina rirabereye kubera izi mvo zikurikira:

  •   Iyo nyubakwa ni ingoro, ni ukuvuga ikibanza kigirirwamwo amakoraniro.

  •   Dukoranira hamwe kugira dusenge Yehova, ya Mana ivugwa muri Bibiliya, no kugira dushinge intahe ku biyerekeye.​—Zaburi 83:18; Yesaya 43:12.

  •   N’ikindi kandi, dukoranira hamwe kugira twige ivyerekeye Ubwami bw’Imana, ubwo Yezu yakunda kuvuga.​—Matayo 6:9, 10; 24:14; Luka 4:43.

 Urahawe ikaze kugendera Ingoro y’Ubwami iri hafi yawe maze wibonere ingene Ivyabona vya Yehova bagira amakoraniro yabo.