Ja ku birimwo

Amafoto yo mu Bwongereza (Igice ca 2: Nyakanga 2015—Myandagaro 2016)

Amafoto yo mu Bwongereza (Igice ca 2: Nyakanga 2015—Myandagaro 2016)

Ivyabona vya Yehova bo mu Bwongereza bariko barubaka ahazokwimukira ibiro vyabo. Vyahora i Mill Hill muri Londres, bikaba bizokwimukira mu buseruko nko ku bilometero 70, hafi y’igisagara ca Chelmsford i Essex. Raba amafoto yerekana ingene ibikorwa vyagenze kuva muri Nyakanga 2015 gushika muri Myandagaro 2016.

Ku wa 29 Gitugutu 2015: Aho babika ibikoresho

Bariko barashira ibeto imbere ya garaje bazohora bakwamuriramwo imashini zo mu bwubatsi.

Ku wa 9 Kigarama 2015: Aho babika ibikoresho

Bariko barasakara inyubakwa izoba irimwo uburiro n’amabiro mu gihe c’ubwubatsi.

Ku wa 18 Nzero 2016: Aho babika ibikoresho

Uwuriko aricira ibiti bimwebimwe biri ahazoja irembo rikuru, akoresheje imashini iriko ikintu kimeze nk’umukasi. Uwo mukasi uricira igiti, nya mashini igaca igiterura ikagitwara. Ivyo biti bazobisubiriza ibindi imbere y’uko ubwubatsi burangira.

Ku wa 31 Ntwarante 2016: Aho bazokwubaka

Bariko barakura mw’ivu ibicafu vyasizweho n’uwahora ari nyeneho. Iryo vu bazoriyungurura hama basubire kurikoresha.

Ku wa 14 Ndamukiza 2016: Aho bazokwubaka

Bagira baterure amakonteneri bakoresheje imashini. Ayo makonteneri azoba ari amabiro n’ibibanza abubatsi n’abakozi bahabwa ibiraka bazokoreramwo imirimo itandukanye.

Ku wa 5 Rusama 2016: Aho bazokwubaka

Bariko barashira mu bigunguru ibicafu babona ko bohinguramwo ibindi bintu. Komite y’ubwubatsi yihaye ihangiro ryo gukura ibicafu biri muri ico kibanza gushika ku bice 95 kw’ijana, ariko ivyo bice biramaze kurenga. Vyongeye, ibice 89 kw’ijana vy’ibintu vyabomaguwe ku mazu yahahora, nk’ibitafari, ibisima n’ibibaho, bizokoreshwa mu bindi bikorwa aho kuri shantiye.

Ku wa 23 Rusama 2016: Aho babika ibikoresho

Uwuriko arafurira ibinogo bicamwo amatiyo. Ayo matiyo azoza aracamwo imicafu iva mu tuzu tw’imfatakibanza abubatsi bazobamwo.

Ku wa 26 Rusama 2016: Aho bazokwubaka

Umukozi w’ikompanyi yahawe ikiraka ariko arasuzuma ivu kugira arabe ko ryokoreshwa mu kwubaka amabarabara yo muri ico kibanza.

Ku wa 31 Rusama 2016: Ingene hazoba hameze

Ku wa 31 Rusama 2016, Inama Nyobozi y’Ivyabona vya Yehova yaremeje uwo mugero. Kubera ko Inama Nyobozi imaze kwemeza uwo mugero n’abategetsi bo muri ako karere bakaba baramaze kubaha uruhusha, ubwubatsi bugiye guca butangura.

Ku wa 16 Ruheshi 2016: Aho bazokwubaka

Bariko barakura ibicafu mw’ivu ryavuye aho bazokwubaka. Iryo vu riraheza rigakoreshwa ahandi. Ivyo birazimbutse kuruta kurikuraho bagaca barita, hama bakagura irindi barisubiriza.

Ku wa 20 Ruheshi 2016: Aho bazokwubaka

Bariko baratunganya ahazoja ibarabara riva kw’irembo rikuru. Ico gikorwa carabandanije naho muri uko kwezi hari imvura nyinshi, bigatuma huzura ivyondo.

Ku wa 18 Mukakaro 2016: Aho babika ibikoresho

Bariko baravomera amabarabara kugira ivumbi rigabanuke. Ivyo biratuma kuri shantiye haguma hasa neza, bikaba bihuye n’amategeko ngenderwako y’ishirahamwe ryagiraniye amasezerano na Komite y’ubwubatsi. Iyo komite yaremeye gukurikiza amategeko agenga ubwubatsi yo muri ako karere. Amategeko y’iryo shirahamwe arahuye n’ingingo ngenderwako zo muri Bibiliya kuko ahimiriza abubatsi kwubaha ababanyi no kubitaho.

Ku wa 18 Mukakaro 2016: Aho babika ibikoresho

Uwuriko arakata ivyuma bizofata imiringoti itwara imyuka.

Ku wa 22 Mukakaro 2016: Aho bazokwubaka

Bariko barayungurura ivu ringana n’amatoni 20.000 rivanze n’ibihomvagurike. Nk’uko biboneka hagati kuri iyo foto, bariko barapakira iryo vu mu kamashini. Ako kamashini gafise ubuyungiro butandukanya ibinonko bininibinini na bitobito, ivu rinoze rigaca rikorokera munsi. Ku mpande zitatu z’ako kamashini, hari ivyuma bitatu bica bitwara iryo vu mu tuduga bivanye n’ubunini bwaryo.

Ku wa 22 Mukakaro 2016: Aho bazokwubaka

Bariko barimba ibivu ahantu bazokwubaka kugira haje kuri nivo ibereye bivanye n’imigero y’inyubakwa bazohubaka.

Ku wa 18 Myandagaro 2016: Aho bazokwubaka

Amaja ibubamfu kuri iyo foto, bahejeje gutaba ikibanza ku buryo bashobora gutangura kwimba imishinge y’inyubakwa y’uburaro. Hirya y’ico kibanza hari inzu y’imfatakibanza ishobora kubamwo abakozi 118.