Ico bavuga ku bijanye n’inkomoko y’ubuzima

Abantu batandukanye baratwiganira icatumye batahura ko hariho Umuremyi.

Monica Richardson: Umuganga asigura icatumye yemera Imana

Yaribajije nimba kwibaruka umwana coba ari ikintu ciyadukije canke ko hariho uwabitunganije. Ni iciyumviro ikihe yashitseko afatiye ku vyo amaze kwibonera mu kazi kiwe k’ubuganga?

Massimo Tistarelli: Umuhinga mu vy’amarobo asigura icatumye yemera Imana

Ubuhinga budasanzwe afise bwaratumye atangura gukekeranya ku vyo yemera ku bijanye n’uko ibintu vyiyadukije.

Petr Muzny: Umuhinga mu vy’amategeko asigura icatumye yemera Imana

Yavutse ku ntwaro y’abakomunisita. Kwemera Umuremyi vyabonwa ko ari ubujuju. Raba icatumye ahindura ivyo yahora yemera.

Irène Hof Laurenceau: Umuganga abaga ingingo z’amagufa asigura icatumye yemera Imana

Akazi akora ko kuvura abafise ingorane mu ngingo z’amaguru katumye ahindura ivyiyumviro.

Raba kandi

SIYANSI NA BIBILIYA

Ico bavuga ku nkomoko y’ubuzima

Abahinga b’ibinyabuzima, abaganga, ababaga be n’abandi, baragereranya ivyo bubuye hamwe n’ivyo Bibiliya ivuga maze bakagira ico bavuze ku nkomoko y’ubuzima.