Daniyeli 2:1-49

  • Umwami Nebukadinezari ahagarikwa umutima n’indoto yarose (1-4)

  • Nta ncabwenge n’imwe yashoboye kumubwira iyo ndoto (5-13)

  • Daniyeli asaba Imana ngo imufashe (14-18)

  • Ashemeza Imana kubera yamuhishuriye iryo banga (19-23)

  • Daniyeli abwira umwami iyo ndoto (24-35)

  • Insobanuro y’iyo ndoto (36-45)

    • Ibuye rigereranya ubwami rizosavya ico gishusho (44, 45)

  • Umwami atera iteka Daniyeli (46-49)

2  Mu mwaka ugira kabiri Nebukadinezari ari ku ngoma, yararose indoto zitari nke, kandi zaramuhagaritse umutima cane+ ku buryo adashobora gutora agatiro.  Uwo mwami yaciye atumako abaherezi bakora ivy’amageza, abapfumu*, abarozi n’Abakaludaya*, kugira bamubwire indoto yarose. Nuko baraza maze bahagarara imbere yiwe+.  Umwami ababwira ati: «Hari indoto narose, kandi numva mpagaritse umutima, kuko nshaka kumenya ivyo narose.»  Abakaludaya baca bishura umwami mu rurimi rw’igiharameya*+ bati: «Ewe mwami, nuhangame ibihe vyose! Twiganire twebwe abasavyi bawe indoto warose, maze tukubwire insobanuro yayo.»  Umwami aca yishura abo Bakaludaya ati: «Ng’iyi ingingo ntabanduka nafashe: nimutamenyesha iyo ndoto n’insobanuro yayo, bazobahimbagura, amazu yanyu na yo ahindurwe utuzu twa surwumwe* tw’abantu bose.  Ariko nimwambwira iyo ndoto n’insobanuro yayo, nzobaha ingabire, impembo n’iteka ryinshi+. Mbwira rero iyo ndoto n’insobanuro yayo.»  Baca bamwishura ubwa kabiri bati: «Umwami natubwire twebwe abasavyi biwe indoto yarose, maze tumubwire insobanuro yayo.»  Umwami abishura ati: «Ndabona neza ko muriko muriteza utunyoni, kuko muzi ko ingingo nafashe ari ntabanduka.  Nimutambwira iyo ndoto, mwese muza kuronka igihano kimwe. Mwagiye inama yo kumbwira ibinyoma no kumpenda, kugira murabe ko nisubirako. Banza mumbwire iyo ndoto, nca menya ko mushobora kuyisobanura.» 10  Abakaludaya bishura umwami bati: «Nta muntu n’umwe kw’isi ashobora gukora ico kintu umwami asavye, kuko ata mwami ahambaye canke buramatari yigeze asaba ikintu nk’ico umuherezi akora ivy’amageza, canke umupfumu canke Umukaludaya. 11  Ikintu umwami ariko arasaba kiragoye, kandi nta muntu n’umwe yogishobora uretse za mana, na zo zikaba zitabana n’abantu* 12  Umwami aca ararungura n’ishavu, maze ategeka ko bica incabwenge* zose z’i Babiloni+. 13  Itegeko rimaze gusohoka, abantu b’umwami baca baja kurondera incabwenge zose kugira bazice. Barondera kandi na Daniyeli na bagenziwe kugira na bo nyene babice. 14  Muri uwo mwanya, Daniyeli abigiranye ubwenge n’ukwiyubara, aca avugana na Ariyoki umukuru w’abacungera umwami, uwari agiye kwica incabwenge z’i Babiloni. 15  Abaza Ariyoki, intwazangabo y’umwami ati: «Kubera iki umwami yatanze itegeko rikaze gutyo?» Ariyoki aca aramubwira igituma+. 16  Daniyeli aca yinjira aho umwami ari, amusaba umwanya kugira azomubwire insobanuro y’iyo ndoto. 17  Daniyeli aca arataha, maze amenyesha bagenziwe Hananiya, Mishayeli na Azariya ibijanye n’ico kibazo. 18  Abasaba ngo basenge Imana yo mw’ijuru kugira ibagirire imbabazi ku bijanye n’iryo banga, kugira ngo Daniyeli na bagenziwe ntibicanwe n’izindi ncabwenge z’i Babiloni. 19  Maze Imana ihishurira Daniyeli iryo banga mw’iyerekwa ryo mw’ijoro+. Daniyeli aca ashemeza Imana yo mw’ijuru, 20  avuga ati: «Izina ry’Imana nirishemezwe ibihe vyose*,kuko ari yo yonyene ifise ubukerebutsi n’ububasha+. 21  Ni yo ihindura ibihe n’ibiringo+,igakuraho abami igashiraho abandi+.Ni yo iha ubukerebutsi abanyabwenge, igaha ubumenyi abafise ugutahura+. 22  Ni yo ihishura ibintu vyimbitse n’ibihishijwe+,ikamenya ibiri mu mwiza+,kandi umuco ubana na yo+. 23  Ewe Mana ya ba sogokuruza, ndagushimiye kandi ndagushemeje,kuko wampaye ubukerebutsi n’ububasha. None ubu na ho uramenyesheje ivyo twagusavye.Uratumenyesheje ibiraje ishinga umwami+ 24  Daniyeli aca yinjira kwa Ariyoki, uwo umwami yari yajeje kwica incabwenge z’i Babiloni+, amubwira ati: «Ntihagire incabwenge n’imwe y’i Babiloni wica. Njana imbere y’umwami, ndamubwire insobanuro y’indoto yiwe.» 25  Ariyoki aca anyarukana Daniyeli imbere y’umwami, amubwira ati: «Nabonye mu Bayuda bari mu bunyagano+, umuntu ashobora gusobanurira umwami indoto yiwe.» 26  Umwami abaza Daniyeli, uwitwa kandi Beluteshazari+ ati: «Urashoboye vy’ukuri kumbwira indoto narose n’insobanuro yayo+ 27  Daniyeli amwishura ati: «Nta n’umwe mu ncabwenge, abapfumu, abaherezi bakora ivy’amageza canke abaragurisha inyenyeri, ashobora kubwira umwami iryo banga ashaka kumenya+. 28  Ariko mw’ijuru hariho Imana ihishura amabanga+, kandi yahishuriye umwami Nebukadinezari ibizoba mu misi y’iherezo*. Ng’iyi indoto warose, kandi ibi ni vyo weretswe igihe wari ku gitanda cawe: 29  Ewe mwami, igihe wari ku gitanda cawe, warose ibizoba muri kazoza, kandi Umwe ahishura amabanga yakumenyesheje ibigiye kuba. 30  Nayo jewe, iryo banga sinarihishuriwe kubera ndusha abandi ubwenge*, ahubwo ni ukugira umwami amenye insobanuro y’iyo ndoto, no kugira umenye ivyiyumviro vyaje mu mutima wawe+. 31  Ewe mwami, wariko uritegereza maze ubona igishusho kinini cane. Ico gishusho amahero gikayangana cane cari gihagaze imbere yawe, kandi cari giteye ubwoba. 32  Umutwe w’ico gishusho wari ukozwe mu nzahabu ityoroye+, igikiriza caco n’amaboko yaco vyari ivy’ifeza+, inda yaco n’amatako yaco vyari ivy’umujumpu+, 33  amaguru yaco yari ay’ivyuma+ kandi ibirenge vyaco vyari bigizwe n’icuma kivanze n’ibumba*+. 34  Wagumye witegereza gushika ibuye risituwe, ariko ridasituwe n’amaboko, maze rikubita ico gishusho ku birenge vyaco vy’icuma hamwe n’ibumba, rirabijanjagura+. 35  Ako kanya, ca cuma, rya bumba, wa mujumpu, ya feza na ya nzahabu, vyose vyaciye bijanjagurika maze bicika nk’umuguruka wo ku mbuga* mu gihe c’ici, umuyaga uca urabitwara ntihasigara n’akavunji na kamwe. Rya buye ryakubita ca gishusho ryaciye ricika umusozi munini cane, maze wuzura isi yose. 36  Indoto ni iyo. Ubu na ho reka tubwire umwami insobanuro yayo. 37  Ewe mwami, wewe umwami w’abami, uw’Imana yo mw’ijuru yahaye ubwami+, ububasha, inkomezi n’ubuninahazwa, 38  ikaguha ububasha ku bantu aho baba hose, ku bikoko vyo mw’ishamba n’inyoni ziguruka mu kirere, kandi ikaguha kubiganza vyose+, ni wewe uri umutwe w’inzahabu+. 39  Ariko inyuma yawe hazoza ubundi bwami+ urusha ububasha. Hazoza n’ubundi bwami bugira gatatu, bugereranywa n’umujumpu, kandi buzoganza isi yose+. 40  Ubwami bugira kane buzoba bukomeye nk’icuma+. Kurya icuma kijanjagura kandi kigasavya ibintu vyose, emwe kurya icuma kimenagura ibintu, buzojanjagura kandi bumenagure ubwo bwami bwose+. 41  Ko ibirenge n’amano wabonye vyari bigizwe n’ibumba* rivanze n’icuma, ubwo bwami na bwo nyene buzoba bugabuye, ariko buzoba bufise akantu k’ubukomezi bw’icuma, kuko icuma wabonye cari kivanze n’ibumba*. 42  Ko amano yari agizwe n’icuma kivanze n’ibumba, ubwo bwami igice kimwe buzokomera, ikindi gice na co bugoyagoye. 43  Kurya nyene icuma wabonye cari kivanze n’ibumba, ico gice gikomeye kizovangana n’abantu* ariko ntibizofatana ngo binywane, nk’uko nyene icuma kidafatana n’ibumba. 44  Mu misi y’abo bami, Imana yo mw’ijuru izoshiraho ubwami+ butazokwigera busenyurwa+, kandi ubwo bwami ntibuzoganzwa n’irindi hanga+. Buzojanjagura buherengeteze ubwo bwami bwose+, buce buhangama ibihe vyose ari bwonyene+. 45  Ivyo bizoranguka nk’uko nyene wabibonye igihe ibuye ryasiduka ku musozi, ariko ridasituwe n’amaboko, maze rikajanjagura ca cuma, wa mujumpu, rya bumba, ya feza na ya nzahabu+. Imana ihambaye yamenyesheje umwami ibizoba muri kazoza+. Iyo ndoto ni iy’ukuri, kandi insobanuro yayo ni iyo kwizigirwa.» 46  Umwami Nebukadinezari aca arunama imbere ya Daniyeli, mu maso hiwe hashika hasi, maze amuha icubahiro. Aca ategeka ko bamuha ingabire, bakamushikanira n’imibavu. 47  Umwami abwira Daniyeli ati: «Ni ukuri, Imana yanyu ni Imana iruta izindi mana, Umutware aruta abami bose, kandi ni Imana ihishura amabanga, kuko washoboye kumpishurira iryo banga+ 48  Umwami aca aduza igiti Daniyeli, amuha n’ingabire nyinshi nzizanziza kandi amugira umutware w’intara yose ya Babiloni+ n’icariho gikuru kiganza incabwenge zose z’i Babiloni. 49  Umwami abisabwe na Daniyeli, aca agena Shadrake, Meshake na Abedinego+ ngo batunganye imirimo y’intara ya Babiloni, ariko Daniyeli aguma ku kirimba c’umwami.

Utujambo tw'epfo

Canke «abahamagara imizimu.»
Wari umugwi w’abahinga mu vy’ubupfumu no mu vyo kuragurisha inyenyeri.
Mu ntango igisomwa co muri Dn 2:4b gushika 7:28b canditswe mu rurimi rw’igiharameya.
Hashobora kandi kuvugwa ngo «ahantu barunda umwavu (amase).»
Canke «n’igifise umubiri.»
Canke «inkerebutsi.»
Canke «kuva ibihe bidahera gushika ibihe bidahera.»
Canke «mu misi ya nyuma.»
Canke «ubukerebutsi.»
Canke «ibumba rituriye (ribumbabumvye).»
Cari ikibanza kiri mu murima bakubitirako ivyimburwa vy’intete.
Mu giharameya havuga ngo «n’ibumba ry’umubumvyi.»
Canke «n’ibumba ryoroshe.»
Canke «n’uruvyaro rw’abantu.» Ni ukuvuga abanyagihugu batobato.