Imigani 17:1-28
17 Ahari amahoro*, ikimanyu c’umukate wumye+kiruta inzu yuzuye ibifungurwa vyizavyiza* ariko irimwo amahane+.
2 Umusuku aciye ubwenge azoganza umwana akora ibintu biteye isoni,kandi azotorana mu bana ba shebuja.
3 Inkono yo mu ruganda ityorora ifeza, ifuru na yo igatyorora inzahabu+,ariko Yehova ni we asuzuma imitima+.
4 Umuntu w’umubisha yumviriza amajambo ababaza,umubeshi na we agatega ugutwi amajambo mabi+.
5 Uwutwenga umukene aba atutse Uwamuremye+,kandi uwunezerwa n’ivyago vy’abandi ntazogenda adahanywe+.
6 Urugori rw’abatama ni abuzukuru babo,kandi iteka ry’abana* ni abavyeyi babo*.
7 Nimba amajambo agororotse* atabereye ku kijuju+,
hari akantu imvugo y’ububeshi ku muntu w’umutegetsi*+!
8 Ingabire ni nk’ibuye ry’agaciro kuri nyeneyo*+.Ituma aroranirwa aho agiye hose+.
9 Uwubabarira* ikosa aba arondera urukundo+,ariko uwuguma arivugavuga atandukanya abagenzi somambike+.
10 Impanuro irashika ku mutima umuntu w’ubwenge*+kuruta gukubita ikijuju inkoni ijana+.
11 Umuntu mubi aguma arondera kugarariza,ariko intumwa itagira ikigongwe izorungikwa kumuhana+.
12 Wopfuma uhura n’idubu yatswe abana bayo,hako uhura n’ikijuju mu bupfu bwaco+.
13 Uwishura ikibi uwamukoreye iciza,ikibi ntikizova ku nzu iwe+.
14 Gutera intambara ni nko kwugurura urugomero rw’amazi*.Imbere y’uko haduka amahane, kura meza+.
15 Uweza umubisha hamwe n’uwutsindisha umugororotsi+,bose barashisha Yehova.
16 Bimaze iki kuba ikijuju gifise uburyo bwo kwironsa ubukerebutsikandi kitipfuza kuburonka*+?
17 Umugenzi nyakuri akundana igihe cose+,kandi ni uwo muvukana yavukiye kuhaseruka mu gihe c’ivyago+.
18 Umuntu atagira ubwenge* ahana ukuboko n’uwundi,akemera kwishinga ingurane y’abandi imbere ya mugenziwe+.
19 Uwukunda amahane aba akunda gucumura+.
Uwongereza uburebure bw’umuryango wiwe aba yishize mu kaga+.
20 Uwufise umutima ugoramye ntazororanirwa*+,kandi uwuvuga ibinyoma azoshikirwa n’ivyago.
21 Uwuvyaye umwana w’ikijuju azogira intuntu,kandi se w’umwana atagira ubwenge nta munezero agira+.
22 Umutima unezerewe ni umuti mwiza*+,ariko umutima utuntuye utuma umuntu atakaza utuguvu*+.
23 Umuntu w’umubisha yakira igiturire mu mpishokugira agoreke ubutungane+.
24 Umunyabwenge agumiza amaso ku bukerebutsi,ariko ikijuju kirayangaza gushika ku mpera y’isi+.
25 Umwana w’ikijuju atera intuntu sekandi agatera umubabaro nyina yamwibarutse+.
26 Guhana* umugororotsi si vyiza,kandi ntibibereye gukubita abanyacubahiro.
27 Umuntu afise ubumenyi aracungera ivyo avuga+,kandi umuntu afise ugutahura aguma atekanye*+.
28 Mbere n’umuntu w’ikijuju, iyo agumye yinumiye abonwa nk’inkerebutsi,kandi iyo umuntu adakuyeko umunwa, bamwita umunyabwenge.
Utujambo tw'epfo
^ Mu giheburayo havuga ngo «yuzuye ibimazi.»
^ Canke «ahantu hatekanye.»
^ Canke «abahungu.»
^ Canke «ba se.»
^ Canke «w’umunyacubahiro.»
^ Canke «meza.»
^ Canke «ibuye rituma nyeneryo ashimwa.»
^ Mu giheburayo havuga ngo «uwupfuka.»
^ Canke «umuntu afise ugutegera.»
^ Mu giheburayo havuga ngo «nko kwugurura amazi.»
^ Canke «kandi kitagira ubwenge?»
^ Mu giheburayo havuga ngo «atagira umutima.»
^ Mu giheburayo havuga ngo «ntazoronka ivyiza.»
^ Canke «uravura.»
^ Canke «wumisha amagufa.»
^ Canke «guca amande.»
^ Mu giheburayo havuga ngo «agira umutima utekanye.»