Imigani 25:1-28
25 N’iyi nyene ni imigani ya Salomo+, yimuwe* n’abantu ba Hezekiya+ umwami w’Ubuyuda:
2 Ubuninahazwa bw’Imana ni ukugumiza ikintu ari ibanga+,ubuninahazwa bw’abami na bwo ni ugusuzuma ikintu bitonze.
3 Kurya ijuru rigera hejuru cane, n’ubwimbike bw’isi bugashika kure cane,ni ko n’ivyiyumviro* vy’umwami ata wobitahura.
4 Kura imicafu mw’ifeza,na yo izoheza ibe iyityoroye neza+.
5 Kura umubisha imbere y’umwamimaze intebe yiwe y’ubwami izohangama mu bugororotsi+.
6 Ntiwitere iteka imbere y’umwami+,kandi ntiwishire hamwe n’abahambaye+,
7 kuko yopfuma akubwira ati: «Ingo hano»,
hako akumaramaza imbere y’abanyacubahiro+.
8 Ntushingishe urubanza gihutihuti.None wokora iki hamwe mugenzawe yokumaramaza+?
9 Genda mubiyage na mugenzawe+,ariko ntuhishure ivyo wabwiwe mw’ibanga*+,
10 kugira ngo uwukwumviriza ntakumaramazecanke ngo usange wakwiragije amajambo mabi* udashobora kugarura.
11 Ijambo rivuzwe ku gihe kibereye+rimeze nk’amapome y’inzahabu ari mu dusharizo tw’ifeza.
12 Ku muntu yakira neza impanuro+, umuhanuzi mwizaameze nk’ihereni ry’inzahabu n’agasharizo k’inzahabu nzizanziza.
13 Kurya kw’akabeho k’urubura* mu gihe c’iyimbura,ni ko n’intumwa yizigirwa imeze ku wayitumye,kuko iruhurira shebuja+.
14 Umuntu yiratira ingabire atigeze atanga*+ameze nk’ibicu n’umuyaga bitarimwo imvura.
15 Ukwihangana kurashobora kugondoza umuntu afise ububasha*,kandi amajambo y’ubwitonzi arashobora kumena igufa+.
16 Niwaronka ubuki, urarya ubwo ukeneye gusa,kuko niwarya bwinshi uzobudahwa+.
17 Ntiwamize ikirenge cawe mu nzu ya mugenzawe,kugira ntuhave umurambira maze akakwanka.
18 Uwagiriza ibinyoma mugenziwe+ameze nk’ubuhiri* n’inkota be n’umwampi usongoye.
19 Kwizigira umuntu atari umwizigirwa* mu gihe c’amagorwabimeze nko guhekenya n’iryinyo rivunitse canke gutambuka n’ikirenge kimugaye.
20 Kuririmbira umuntu atuntuye ku mutima+,ni nko kwambura impuzu mu gihe c’imbehocanke gusuka inkarihe ku munyu witwa alikali*.
21 Nimba umwansi wawe ashonje, numuhe ico arya.Nimba anyotewe, numuhe amazi yo kunywa+,
22 kuko uzoba umurunze amakara yaka ku mutwe*+,kandi Yehova azogushimira.
23 Umuyaga wo mu buraruko uzana imvura,ururimi ruvuga urusaku na rwo rukazana ishavu+.
24 Wopfuma wibera mu mfuruka y’igisenge c’inzu,hako ubana mu nzu imwe n’umugore w’amahane*+.
25 Agakuru keza kavuye mu gihugu ca kurekameze nk’amazi apfutse ku muntu arushe+.
26 Umugororotsi yemera kwoshwa* n’umubishaameze nk’iriba ryuzuye urwondo be n’isoko ricafuye.
27 Si vyiza kurya ubuki bwinshi cane+,kandi si vyiza kwironderera ubuninahazwa+.
28 Umuntu adashobora gucungera ishavu ryiwe+ameze nk’igisagara babomoye kigasigara kitagira uruhome.
Utujambo tw'epfo
^ Canke «yegeranijwe.»
^ Canke «umutima.»
^ Canke «ntuhishure amabanga y’abandi.»
^ Canke «urusaku rubabaza.»
^ Canke «shelegi.» Shelegi ni utuvunjivunji twera cane dukoragurika nk’imvura. Mu gifaransa batwita neige.
^ Mu giheburayo havuga ngo «ingabire y’ikinyoma.»
^ Canke «kugondoza umukomanda.»
^ Canke «ubuhiri bw’intambara.»
^ Hashobora kandi kuvugwa ngo «umuntu w’umuhemu.»
^ Ni ibintu bimeze nk’umunyu bakoresha mu kumesa no mu kwoza ibintu.
^ Ni ukuvuga gutuma uwo muntu yoroha nk’aho woba ushongesheje ishavu ryiwe.
^ Canke «aguma atorana amahinyu.»
^ Canke «yemera kwumvikana.» Mu giheburayo havuga ngo «agenda aradandabagirana imbere.»