Imigani 30:1-33

  • UBUTUMWA BWA AGURI (1-33)

    • Ntumpe ubukene canke ubutunzi (8)

    • Ibintu bitigera bihaga (15, 16)

    • Ibintu utigera umenya inzira yavyo (18, 19)

    • Umugore arenga ibigo (20)

    • Ibikoko bifise ubwenge burenze (24)

30  Ubutumwa buhambaye Aguri mwene Yake yabwiye Itiyeli na Ukali:   ndi ikijuju kuruta abandi bantu bose+,kandi ubwenge* abandi bantu bafise jewe nta bwo mfise.   Sinigeze ndonka ubukerebutsi,kandi nta bumenyi mfise bwa wa Mweranda cane.   Ni nde yaduze mw’ijuru hanyuma akavayo+? Ni nde yegeranirije umuyaga mu biganza vyiwe? Ni nde yatekeye amazi mu mpuzu yiwe+? Ni nde yashinze aho isi igarukira hose+? Yitwa nde, kandi umwana wiwe ni nde, nimba ubizi?   Amajambo y’Imana yose aratyoroye+. Ni inkinzo kuri abo bose bayihungirako+.   Ntihagire ico wongera ku majambo yayo+,ahandiho yoguhanaugaca ugaragara ko uri umubeshi.   Ndagusavye ibintu bibiri. Ntubinyime imbere y’uko mpfa.   Niwigize kure yanje uburyarya n’ibinyoma+. Ntumpe ubukene canke ubutunzi. Reka nirire ivyo kurya binkwiye+,   kugira simpave mpaga maze nkakwihakana, nkavuga nti: «Yehova ni nde+ Ntureke kandi ngo mbe umukene, kugira simpave niba maze ngasiga iceyi izina ry’Imana yanje. 10  Ntubeshere umusuku kuri shebuja,ahandiho yohava akuvuma maze ukagirwa n’icaha+. 11  Hari abantu* batuka ba sekandi ntibahezagire ba nyina+. 12  Hari abantu bibwira yuko badahumanye+,ariko batiyogeje ubucafu* bwabo. 13  Hari abantu bishima canekandi basuzugura abandi birenze+. 14  Hari abantu amenyo yabo ameze nk’inkotan’imibangabanga yabo imeze nk’imbugita,kugira barotse abantu batobato bave kw’isino kugira bazimanganye abakene mu bantu+. 15  Imisundo* ifise abakobwa babiri baguma basemerera ngo «Impa! Impa!» Hari ibintu bitatu bitigera bihaga,emwe ibintu bine bitigera bivuga ngo «Birakwiye!»: 16  Ukuzimu+, inda y’ingumba,ubutaka butagira amazin’umuriro utigera uvuga ngo «Birakwiye!» 17  Ijisho ry’umuntu asuzugura se kandi ntagamburukire nyina+,ibikona vyo mu mwonga* bizorinogorakandi ibiswi vy’inkona bizorirya+. 18  Hari ibintu bitatu ntatahura*,emwe ibintu bine binsiga ubwenge: 19  Inzira y’inkona mu kirere,inzira y’inzoka ku gitandara,inzira y’ubwato* mu kiyagan’inzira y’umugabo ari kumwe n’inkumi. 20  Ng’iyi inzira y’umugore arenga ibigo: ararya, akihanagura umunwamaze akavuga ati: «Nta kibi nakoze+ 21  Hari ibintu bitatu bijugumiza isi,emwe ibintu bine idashobora kwihanganira: 22  igihe umushumba abaye umwami+,igihe ikijuju cariye kigahimba, 23  igihe umukobwa yankwa* arongowen’igihe umusukukazi asubiriye* inabuja+. 24  Hari ibintu bine bitobito kw’isi,ariko bifise ubwenge burenze*+: 25  Ibimonyo, ni udukoko tutagira inguvuariko turategura ibifungurwa vyatwo mu ci+; 26  inkezi zo mu bitandara+, ni udukoko tudakomeyeariko turubaka inzu zatwo mu bitandara+; 27  inzige+, nta mwami zigiraariko zose zigenda zipanze mu migwi*+; 28  akaburuburu+, karamata ku bintu n’amagurukandi kakinjira mu kirimba c’umwami. 29  Hari ibintu bitatu bitambuka mu buryo butangaje,emwe ibintu bine bitangaje iyo biriko biragenda: 30  intambwe, ni co gikoko gikomeye kuruta ibindi vyosekandi nta muntu n’umwe agikanga+, 31  imbwa y’uruhigi, isuguru y’impenen’umwami ari kumwe n’ingabo ziwe. 32  Nimba warakoze ivy’ubupfu mu kwishira hejuru+canke ukaba wariyumviriye kubigira,niwifate ku munwa+. 33  Nka kurya nyene guterera amata bizana amavutano gufyonda izuru bikazana amaraso,ni ko no kuvyura ishavu bizana amahane+.

Utujambo tw'epfo

Canke «ugutegera.»
Canke «urunganwe», «iyaruka.»
Mu giheburayo havuga ngo «umwanda mukuru.»
Canke «imiyoka.»
Canke «mu mubande.»
Canke «bintangaza cane.»
Canke «y’imeri.» Imeri ni ubwato bunini.
Canke «adakundwa.»
Canke «yomoye.»
Canke «ariko bigenza itima.»
Canke «zigenda zitonze nk’izigiye ku rugamba.»