Itanguriro 11:1-32

  • Umunara w’i Babeli (1-4)

  • Yehova avurunganya ururimi rw’abantu (5-9)

  • Kuva kuri Shemu gushika kuri Aburamu (10-32)

    • Umuryango wa Tera (27)

    • Aburamu ava i Uri (31)

11  Ico gihe abantu bose bo kw’isi bavuga ururimi rumwe kandi bakoresha amajambo amwe.  Nuko bariko baragenda berekeza mu buseruko, babona ahantu h’ikiyaya mu gihugu ca Shinari+, baca baba ng’aho.  Maze babwirana bati: «Nimuze dufyature amatafari hanyuma tuyaturire.» Baraheza bakoresha amatafari mu kibanza c’amabuye n’ikaburimbi mu kibanza c’ubudongo.  Bongerako bati: «Reka twiyubakire igisagara n’umunara ufise isonga rishika kw’ijuru, kugira twiheshe izina rurangiranwa kandi ntidukwiragire kw’isi yose+  Maze Yehova yitegereza* ico gisagara n’uwo munara abantu bari bubatse.  Yehova avuga ati: «Aba bantu barunze ubumwe* kandi bavuga ururimi rumwe+, none ehe raba ivyo batanguye gukora. Erega ubu nta kintu na kimwe bazokwiyumvira gukora ngo kibananire.  Ingo tumanuke+, tuvurunganye ururimi rwabo kugira ntibasubire kwumvikana.»  Yehova aca abashwiragiza kw’isi yose+, baca bagenda baraheba kwubaka ico gisagara.  Ni co gituma ciswe Babeli*+, kuko ari ho Yehova yavurunganirije ururimi rw’ababa kw’isi yose, kandi ni ho Yehova yabashwiragirije kw’isi yose. 10  Iyi ni inkuru yigana kahise ka Shemu+. Shemu yari afise imyaka 100 igihe yavyara Arupakisadi+, hakaba hari haheze imyaka ibiri umwuzure uteye. 11  Shemu amaze kuvyara Arupakisadi yabayeho imyaka 500, ayivyaramwo abahungu n’abakobwa+. 12  Arupakisadi ashikanye imyaka 35 avyara Shela+. 13  Arupakisadi amaze kuvyara Shela yabayeho imyaka 403, ayivyaramwo abahungu n’abakobwa. 14  Shela ashikanye imyaka 30 avyara Eberi+. 15  Shela amaze kuvyara Eberi yabayeho imyaka 403, ayivyaramwo abahungu n’abakobwa. 16  Eberi ashikanye imyaka 34 avyara Pelegi+. 17  Eberi amaze kuvyara Pelegi yabayeho imyaka 430, ayivyaramwo abahungu n’abakobwa. 18  Pelegi ashikanye imyaka 30 avyara Reyu+. 19  Pelegi amaze kuvyara Reyu yabayeho imyaka 209, ayivyaramwo abahungu n’abakobwa. 20  Reyu ashikanye imyaka 32 avyara Serugi. 21  Reyu amaze kuvyara Serugi yabayeho imyaka 207, ayivyaramwo abahungu n’abakobwa. 22  Serugi ashikanye imyaka 30 avyara Nahori. 23  Serugi amaze kuvyara Nahori yabayeho imyaka 200, ayivyaramwo abahungu n’abakobwa. 24  Nahori ashikanye imyaka 29 avyara Tera+. 25  Nahori amaze kuvyara Tera yabayeho imyaka 119, ayivyaramwo abahungu n’abakobwa. 26  Tera ashikanye imyaka 70 avyara Aburamu+, Nahori+ na Harani. 27  Iyi ni inkuru yigana kahise ka Tera. Tera yavyaye Aburamu, Nahori na Harani. Harani na we yavyaye Loti+. 28  Harani yapfuye se wiwe Tera akiriho, apfira mu gisagara ca Uri+ c’Abakaludaya+ mu gihugu ciwe c’amavukiro. 29  Aburamu na Nahori bahavuye barongora. Umugore wa Aburamu yitwa Sarayi+, uwa Nahori na we yitwa Milika+, umukobwa wa Harani. Harani yari se wa Milika na Isika. 30  Sarayi yari ingumba+, nta kana yari afise. 31  Mu nyuma, Tera afata Aburamu umuhungu wiwe, na Loti umwuzukuru wiwe+ ari we muhungu wa Harani, na Sarayi umukazana wiwe ari we mugore wa Aburamu umuhungu wiwe, bava mu gisagara ca Uri c’Abakaludaya maze baja mu gihugu ca Kanani+. Bahavuye bashika i Harani+ maze babayo. 32  Imyaka yose Tera yamaze yabaye 205, araheza apfira i Harani.

Utujambo tw'epfo

Mu giheburayo havuga ngo «amanuka kuraba.»
Canke «bagize ihanga rimwe.»
Iryo zina risobanura ngo «umuvurungano.»