Itanguriro 33:1-20

  • Yakobo ahura na Esawu (1-16)

  • Yakobo ashika i Shekemu (17-20)

33  Mu nyuma Yakobo abona Esawu ariko araza ari kumwe n’abagabo 400+. Aca afata abana arabagabura hagati ya Leya na Rasheli na ba basukukazi babiri+.  Ashira imbere ba basukukazi n’abana babo+, hakurikira Leya n’abana biwe+, hanyuma Rasheli+ na Yozefu.  Na we aca aja imbere yabo, agenda arunama gushika hasi, abigira incuro indwi gushika ashikiriye mwenewabo.  Ariko Esawu yiruka kumusanganira, amugwa mu nda yongera aramusoma, bose baca baraturikisha bararira.  Esawu abonye abo bagore n’abana, aca amubaza ati: «Abo muri kumwe ni bande?» Yakobo amwishura ati: «Ni abana Imana yahaye umusavyi wawe kubera ubuntu bwayo+  Ba basukukazi baca begera imbere bari kumwe n’abana babo maze barunama.  Leya na we nyene yegera imbere ari kumwe n’abana biwe maze barunama. Hanyuma Yozefu yegera imbere ari kumwe na Rasheli, na bo nyene barunama+.  Esawu amubaza ati: «Kuki warungitse barya bantu na birya bitungwa vyose twagiye turahura+?» Na we amwishura ati: «Ni ukugira ngo databuja angirire ubuntu+  Esawu aca amubwira ati: «Ivyo mfise birarenze mwenewacu+. Nugumane ibintu vyawe.» 10  Mugabo Yakobo amubwira ati: «Oya ni ukuri. Nimba wangiriye ubuntu, niwakire iyo ngabire nguhaye kuko nayirungitse kugira bikunde ko mbona mu maso hawe. Kandi igihe nabona mu maso hawe, ni nk’aho nabonye mu maso h’Imana kuko wanyakiriye unezerewe+. 11  Ndakwinginze wakire ingabire* ndakuzaniye+ kuko Imana yangiriye ubuntu, nkaba mfise ivyo nkeneye vyose+.» Aguma amwinginga ku buryo yakira iyo ngabire. 12  Mu nyuma, Esawu avuga ati: «Ingo rero tugende. Ndaza kugendera imbere yawe.» 13  Ariko Yakobo amwishura ati: «Databuja, urabona ko mfise abana bakiri bato+ hamwe n’inka n’intama vyonsa. Hamwe nobitwara gihutihuti, naho hoba umusi umwe gusa, ubusho bwose bwoca bupfa. 14  Databuja, ndakwinginze ube uragenda witangire imbere umusuku wawe. Jewe ndaza bukebuke nisunze uko ibitungwa n’abana bigenda, gushika nshitse aho databuja aba i Seyiri+ 15  Esawu aca amubwira ati: «Reka ngusigire bamwe mu bantu banje.» Yakobo amwishura ati: «Kuki wirirwa urabasiga? Igihambaye ni uko databuja yangiriye ubuntu.» 16  Uwo musi nyene Esawu aca afata inzira, asubira i Seyiri. 17  Yakobo aca aja i Sukoti*+, araheza ahubaka inzu yiwe n’impongore z’ibitungwa vyiwe. Ni co gituma aho hantu yahise Sukoti. 18  Yakobo amaze kuva i Padani-Aramu+, ashika impore mu gisagara ca Shekemu+ mu gihugu ca Kanani+, aca ashinga ihema hafi y’ico gisagara. 19  Araheza agura iryo tongo yari yashinzemwo ihema n’abahungu ba Hamori se wa Shekemu, arigura amahera* 100+. 20  Aca ahubaka igicaniro maze acita ngo «Imana, Imana ya Isirayeli+

Utujambo tw'epfo

Mu giheburayo havuga ngo «umuhezagiro.»
Iryo zina risobanura ngo «insago», «impongore.»
Mu giheburayo ni «kesita.» Ni amahera yakoreshwa kera, mugabo agaciro kayo ntikazwi.