Matayo 23:1-39

  • Ntimwigane abanditsi n’Abafarizayo (1-12)

  • Abanditsi n’Abafarizayo baragowe (13-36)

  • Yezu aririra Yeruzalemu (37-39)

23  Maze Yezu abwira amasinzi y’abantu hamwe n’abigishwa biwe ati:  «Abanditsi n’Abafarizayo bariyicaritse ku ntebe ya Musa.  Ivyo bababwira vyose rero muvyubahirize, ariko ntimukore nk’ivyo bakora, kuko ivyo bavuga atari vyo bakora+.  Batekera imizigo iremereye bakayiremeka abantu ku bitugu+, ariko bobo ntibashaka kuyikozako n’urutoke+.  Ivyo bakora vyose babikora kugira biyerekane+. Nk’akarorero, bambara udusandugu* tuninitunini turimwo ivyanditswe kugira bikingire+, kandi bakarehura ubuyonga bw’impuzu zabo+.  Bakunda kwicara mu bibanza vy’iteka ku nzimano* no mu bibanza vy’imbere* mu masinagogi+.  Bakunda kandi ko abantu babaramutsa mw’isoko be n’uko babita Rabi*.  Ariko mwebwe ntimukitwe Rabi, kuko Umwigisha wanyu+ ari umwe, namwe mwese muravukana.  Vyongeye, ntihagire umuntu n’umwe mwita so kw’isi, kuko So wanyu+ ari umwe, umwe ari mw’ijuru. 10  Kandi ntimukitwe indongozi, kuko Indongozi yanyu ari imwe, na yo ikaba ari Kristu. 11  Mugabo umukuru muri mwebwe ategerezwa kuba umusuku wanyu+. 12  Uwishira hejuru azocishwa bugufi+, ariko uwicisha bugufi azoshirwa hejuru+. 13  Muragowe mwa banditsi n’Abafarizayo, mwa biyorobetsi mwe! Kuko mwugarira umuryango w’Ubwami bwo mw’ijuru imbere y’abantu. Mwebwe ubwanyu ntimubwinjiramwo kandi n’abagomba kubwinjiramwo ntimubemerera+. 14 * —— 15  Muragowe mwa banditsi n’Abafarizayo, mwa biyorobetsi mwe+! Kuko mukwiragira mu biyaga no mu misozi kugira muronke umuntu mwinjiza mw’idini ryanyu. Kandi amaze kuryinjira, mutuma aba uwubereye kuja muri Gehena* incuro zibiri kubasumvya. 16  Muragowe mwa ndongozi zihumye+ mwe, kuko muvuga ngo: “Iyo umuntu arahiye urusengero nta co bitwaye, ariko iyo arahiye inzahabu yo mu rusengero abwirizwa gushitsa iyo ndahiro+.” 17  Mwa bijuju n’impumyi mwe! None ikiruta ikindi ni ikihe: ni inzahabu canke ni urusengero rweza iyo nzahabu? 18  Murongera mukavuga ngo: “Iyo umuntu arahiye igicaniro nta co bitwaye, ariko iyo arahiye ishikanwa riri kuri co abwirizwa gushitsa iyo ndahiro.” 19  Mwa mpumyi mwe! None ikiruta ikindi ni ikihe: ni ishikanwa canke ni igicaniro ceza iryo shikanwa? 20  Uwurahiye igicaniro rero aba arahiye igicaniro n’ibiri kuri co vyose, 21  kandi uwurahiye urusengero aba arahiye urusengero n’uwuba muri rwo+. 22  Vyongeye, uwurahiye ijuru aba arahiye intebe y’ubwami y’Imana n’uwicayeko. 23  Muragowe mwa banditsi n’Abafarizayo, mwa biyorobetsi mwe! Kuko mutanga ic’icumi ca menta, aneto na kumino*+, ariko mukirengagiza ibihambaye kuruta vyo mu mategeko, ari vyo vy’ibi: ubutungane+, imbabazi+ n’ubwizigirwa. Ivyo bintu mwari mukwiye kubikora ariko mutirengagije n’ivyo bindi+. 24  Mwa ndongozi zihumye+, mumimina agatuku+ ariko mukarotsa ingamiya+! 25  Muragowe mwa banditsi n’Abafarizayo, mwa biyorobetsi mwe! Kuko mwoza inyuma igikombe n’isahani+, ariko imbere vyuzuye umwina*+ n’ukutigerera+. 26  Wa Mufarizayo w’impumyi we, banza woze imbere igikombe n’isahani kugira ngo n’inyuma hase neza. 27  Muragowe mwa banditsi n’Abafarizayo, mwa biyorobetsi mwe+! Kuko musa n’imva zisize ishwagara+. Inyuma ziboneka ko ari nziza, ariko imbere zuzuye amagufa y’abapfuye n’ubuhumane bw’ubwoko bwose. 28  Na mwebwe nyene inyuma muboneka ko muri abagororotsi, ariko imbere mwuzuye ubwiyorobetsi n’ubugarariji+. 29  Muragowe mwa banditsi n’Abafarizayo, mwa biyorobetsi+ mwe! Kuko mwubaka imva z’abahanuzi kandi mugashariza imva* z’abagororotsi+, 30  mukavuga ngo: “Iyo tuza kuba tuhari mu gihe ca ba sokuruza, ntitwari kwifatanya na bo mu gusesa amaraso y’abahanuzi.” 31  Ukwo ni ko mwiyagiriza ko muri abana b’abishe abahanuzi+. 32  Nimwuzuze rero ingero ya ba sokuruza banyu. 33  Mwa nzoka mwe, mwa ruvyaro rw’imamba mwe+, muzohunga gute urubanza rwa Gehena*+? 34  Ni co gituma ngira ndabarungikire abahanuzi+, abantu b’inkerebutsi n’abigisha+. Bamwe muzobica+, abandi mubamanike ku giti, abandi na bo mubashishagurire+ mu masinagogi yanyu mwongere mubahame+ mu bisagara vyanyu vyose, 35  kugira ngo amaraso yose y’abagororotsi yavishijwe kw’isi aje ku gatwe kanyu, kuva ku maraso ya wa mugororotsi Abeli+ gushika ku maraso ya Zakariya mwene Barakiya, uwo mwiciye hagati y’aheranda n’igicaniro+. 36  Ni ukuri ndabibabwiye, abantu b’iki gihe* ntibazogenda badahaniwe ivyo bintu vyose. 37  Yeruzalemu, Yeruzalemu, wewe wica abahanuzi kandi ukicisha amabuye abagutumweko+! Ni kangahe nashatse kwegeranya abana bawe nka kurya inkokokazi yegeraniriza imiswi yayo munsi y’amababa yayo? Ariko mwaravyanse+. 38  Ehe raba inzu yanyu murayitanywe*+! 39  Ni ukuri ndabibabwiye, ntimuzogenda musubiye kumbona gushika muvuze muti: “Arahezagiwe uwuje mw’izina rya Yehova*+!”»

Utujambo tw'epfo

Utwo dusandugu batwambara mu ruhanga no ku kuboko kw’ukubamfu.
Canke «ku mfungurwa zo ku mugoroba.»
Canke «vyizavyiza.»
Canke «Mwigisha.»
Menta, aneto na kumino ni uduterwa tumota barima, dukoreshwa nk’ibirungo.
Canke «ubusuma.»
Canke «imva z’icibutso.»
Canke «uru runganwe», «iri yaruka.»
Hashobora kandi kuvugwa ngo «murayitanywe ari umusaka.»