Mika 6:1-16
6 Ndabinginze mwumve ivyo Yehova avuga.
Haguruka ushikirize imburano zawe imbere y’imisozi,imirambi yumve ijwi ryawe+.
2 Nimwumve, mwa misozi, imburano za Yehova,namwe mishinge ikomeye y’isi+,kuko Yehova afitaniye imburano n’abantu biwe.Aburana na Isirayeli+ ati:
3 «Bantu banje, mbega nabakoreye iki?
Nabaruhishije gute+?
Nimunyagirize.
4 Kuko nabakuye mu gihugu ca Misiri+aho mwari abashumba*, ndabacungura+.Narungitse Musa, Aroni na Miriyamu+ ngo babaje imbere.
5 Bantu banje, ndabinginze mwibuke ivyiyumviro Balaki umwami wa Mowabu yashikirije+,n’ivyo Balamu mwene Beyori yamwishuye+.Mwibuke ivyabaye kuva i Shitimu+ gushika i Gilugali+,kugira ngo mumenye ibintu bigororotse Yehova yakoze.»
6 Mbega nzorengukana iki imbere ya Yehova?
Nzokwibangikanya iki ngiye kwunama imbere y’Imana yo mw’ijuru?
Noba nzorengukana imbere yiwe amashikanwa aturirwa uko yakabaye,nkarengukana inyana zimaze umwaka+?
7 Mbega Yehova azohimbarwa n’impfizi z’intama ibihumbi,n’inzuzi ibihumbi mirongo z’amavuta+?
Mbega nzotanga umuhungu wanje w’imfura ngo mbabarirwe ubugarariji bwanje,ntange ubura bwanje kugira mparirwe igicumuro canje+?
8 Ewe muntu, yarakubwiye iciza ico ari co.
None hari ikindi Yehova agusaba*?
Ico agusaba gusa ni ugukurikiza ubutungane*+, gukunda ukudahemuka*+no kugendana n’Imana yawe+ wifashe ruto+!
9 Ijwi rya Yehova rirasemerera ribwira igisagara.Abafise ubukerebutsi nyabwo bazotinya izina ryawe.
Nimushire umutima ku gihano* no kuri nyene kugitanga+.
10 Mbega mu nzu y’umubisha haracariyo amatunga y’ububisha,n’ingero ya efa* idakwiye, imwe Imana yanka?
11 Mbega noba nera* kandi mfise umunzane mubin’isaho ijamwo amabuye bapimisha y’ububeshi+?
12 Kuko abatunzi baho buzuye ubukozi bw’ikibi,abahaba na bo bakavuga ibinyoma+.Ururimi rw’akanwa kabo rurabesha+.
13 «Nzogukubita rero ndagukomeretse+,ntume ucika umusaka kubera ibicumuro vyawe.
14 Uzorya ntuhage,mu nda hagume hagaragara+.
Ivyo uzoshira ku ruhande, ntuzoshobora kubitwara ngo ubizigame,n’ivyo uzoba washoboye gutwara, nzobiha umwansi*.
15 Uzobiba imbuto mugabo ntuzokwimbura.
Uzokanya* imyelayo* mugabo ntuzoronka amavuta ukoresha.Uzogana umuvinyu mugabo nta wo uzonywa+.
16 Kuko mwubahiriza ivyagezwe vya Omuri, mukigana ivyo abo mu muryango wa Ahabu bakora vyose+,kandi mugakurikiza ivyiyumviro vyabo.
Ni co gituma nzobagira akajoreza,ababa mu gisagara nkabagira ikintu co kuvugiriza agahwa+.Amahanga azobagaya+.»
Utujambo tw'epfo
^ Mu giheburayo havuga ngo «mu nzu y’abashumba.»
^ Canke «kugira urukundo rurangwa n’ubuntu kandi rudahemuka.» Mu giheburayo havuga ngo «gukunda urukundo rudahemuka (rudahera).»
^ Canke «kuba intungane», «kutarenganya.»
^ Canke «akwitezeko.»
^ Mu giheburayo havuga ngo «ku nkoni.»
^ Raba Inyongera ya B14.
^ Canke «noba ndi intungane.»
^ Mu giheburayo havuga ngo «inkota.»
^ Mu giheburayo havuga ngo «uzoganisha ibirenge.»
^ Imyelayo bayita kandi olive.