Umusiguzi 4:1-16
4 Narongeye kwitegereza agahahazo kose gakorerwa munsi y’izuba, maze mbona amosozi y’abahahazwa, kandi nta wubahoza bari bafise+. Ababahahaza bari bafise ububasha, ariko bobo nta wubahoza bari bafise.
2 Naciye nkeza abapfuye aho gukeza abakiri bazima+.
3 Ariko uwutaravuka arabaruta+ bompi, kuko atarigera abona ibikorwa bibabaje bikorerwa munsi y’izuba+.
4 Narabonye kandi utwigoro twose* n’ibikorwa vy’ubuhanga abantu bakora babitumwe n’uguhiganwa+. Ivyo na vyo nyene ni ubusa, ni ukwiruka inyuma y’umuyaga.
5 Ikijuju kirazinga amaboko ntigikore maze umubiri waco ukaguma ugihererako*+.
6 Urushi rumwe ruri kumwe n’akaruhuko, ruruta amashi abiri ari kumwe n’uburuhe no kwiruka inyuma y’umuyaga+.
7 Vyongeye, narazirikanye ku kandi karorero k’ikintu c’impfagusa kiri munsi y’izuba:
8 hari umuntu usanga ari inyakamwe, atagira n’umugenzi. Nta mwana afise canke mwenewabo, ariko akaguma akora cane adaheza. Ntiyigera ahaga* ubutunzi+. Ariko yoba yigera yibaza ati: «Ndiko nduhira nde canke ndiko niyima ivyiza ku bwa nde+?» Ivyo na vyo nyene ni ubusa, kandi ni igikorwa giteye agahinda+.
9 Babiri baruta umwe+ kuko baronka impembo nziza* ku bw’igikorwa cabo kitoroshe.
10 Kuko umwe muri bo aguye, uwundi ashobora kumuvyura. Ariko vyogendera gute uwuguye adafise uwumuvyura?
11 Vyongeye, iyo babiri baryamanye, baguma basusurutse. Ariko uwuri wenyene yoguma asusurutse gute?
12 Umuntu yoshobora kunesha umwe, ariko babiri bari kumwe boshobora kumunanira. Kandi igitsibo kigizwe n’imigozi itatu ntigicika ningoga*.
13 Umwana akenye ariko aciye ubwenge* aruta umwami ashaje ariko w’ikijuju+, adatahura ko agikeneye guhanurwa*+.
14 Kuko yavuye* mw’ibohero kugira abe umwami+, naho yari yavutse ari umukene ku ngoma y’uwo mwami+.
15 Narihweje abazima bose bagendera munsi y’izuba, n’ingene bigendera wa mwami akiri muto yamusubirira ku ngoma.
16 Naho abamushigikiye ari benshi cane, abazoza mu nyuma ntibazomushima+. Ivyo na vyo nyene ni ubusa, ni ukwiruka inyuma y’umuyaga.
Utujambo tw'epfo
^ Canke «ukubira akuya cane.»
^ Mu giheburayo havuga ngo «maze kikarya inyama z’umubiri waco.»
^ Mu giheburayo havuga ngo «amaso yiwe ntiyigera ahaga.»
^ Canke «inyungu nyinshi.»
^ Canke «ntivyoroshe kugica.»
^ Canke «w’inkerebutsi.»
^ Canke «kuburirwa.»
^ Hashobora kuba herekeza kuri wa mwana aciye ubwenge.