Yesaya 1:1-31

  • Umuvyeyi afise abana b’abagarariji (1-9)

  • Yehova aranka ugusenga kwo guheza umwuga (10-17)

  • «Nimuze dutunganye ibibazo» (18-20)

  • Siyoni izosubira kuba igisagara cizigirwa (21-31)

1  Ibi ni vyo Yesaya*+ mwene Amozi yeretswe ku vyerekeye Ubuyuda na Yeruzalemu mu gihe ca Uziya+, Yotamu+, Ahazi+ na Hezekiya+, abami b’Ubuyuda+:   Niwumve wa juru we, nawe si+ utege amatwi,kuko Yehova avuze ati: «Narareze abana barakura+,mugabo barangararije+.   Impfizi irazi neza uwayiguze,n’indogobwa irazi ubwato nyeneyo ayigaburiramwo.Mugabo Abisirayeli ntibanzi*+,abantu banje bwite bigenza nk’abatagira ubwenge*   Riragowe ihanga ry’abacumuzi+,abantu baremerewe n’amakosa,uruvyaro rw’inkozi z’ikibi, abana bononekaye. Barahevye Yehova+,bakengera wa Mweranda wa Isirayeli,bamutera ibitugu.   Ni hehe handi muzokubitwa ko muguma mugarariza+? Umutwe wose urarwayen’umutima wose uri ku musego+.   Kuva mu kirenge gushika ku mutwe nta na hamwe hakomeye. Hari ibikomere, ibirabagu vy’inkoni n’inguma nshasha.Nta wabivuye* canke ngo abitubike canke ngo abibombekeshe amavuta+.   Igihugu canyu ni umusaka. Ibisagara vyanyu vyaturijwe umuriro. Abanyamahanga barya igihugu canyu murorera+. Gisigaye kimeze nk’agahinga kahonejwe n’abanyamahanga+.   Umukobwa wa Siyoni* asigaye ameze nk’akazu k’ubwugamo* mu murima w’imizabibu,nk’akaruri ko mu murima w’amakonkombure,nk’igisagara cugarijwe+.   Iyo Yehova Nyeningabo atadusigariza abarokotse na bakeyi,twari kuba nka Sodomu,tugasigara tumeze nka Gomora+. 10  Nimwumve ijambo rya Yehova, mwebwe ab’i Sodomu+ mutwaza igikenye*. Nimutege amatwi amategeko* y’Imana yacu, mwa bantu b’i Gomora+. 11  «Ibimazi vyanyu vyinshi bimariye iki+?», ni ko Yehova avuze. «Amashikanwa yanyu aturirwa y’impfizi z’intama+ n’ibinure vy’ibitungwa vyagaburiwe neza+ nabihaze.Kandi simpimbarwa n’amaraso+ y’amashuri+, ay’imyagazi y’intama n’ay’impene+. 12  Igihe murenguka imbere yanje+,ni nde aba yabasavyekuza guhonyanga mu bigo vyanje+? 13  Nimureke kuzana ayandi mashikanwa y’intete ata co amaze. Imibavu yanyu iranshisha+. Murubahiriza imboneko z’ukwezi+, amasabato+, mugatunganya n’amakoraniro+.Sinshobora kwihanganira amakoraniro yanyu adasanzwe kandi mukoresha amageza+. 14  Ndanka imboneko z’ukwezi muhimbaza n’imisi mikuru yanyu. Vyambereye umuzigo.Nduhijwe no kuvyihanganira. 15  Iyo mudugije amaboko musenga,ndabahisha amaso yanje+. Naho mutura amasengesho menshi+,sindabumviriza+.Amaboko yanyu yuzuyeko amaraso+. 16  Nimwiyoze, mwihumanure+.Nimunkure mu maso ibintu bibi mukora,mureke gukora ikibi+. 17  Nimwige gukora iciza, murondere ubutungane+.Nimukosore uwucinyiza abandi,murwanire agateka k’impfuvyi*,muburanire n’umupfakazi+ 18  «Nimuze rero dutunganye ibibazo biri hagati yacu», ni ko Yehova avuze+. «Naho ibicumuro vyanyu vyoba bisa n’agahama,bizosigara vyera derere*+.Naho vyoba bitukura nk’impuzu y’ibara ry’umutukutuku,bizosigara bisa n’ubwoya bwera. 19  Nimwagira umutima ukunze mukanyumviriza,muzorya ivyiza vyo muri iki gihugu+. 20  Mugabo nimwanka mukagarariza,inkota izobarya ibamare+kuko akanwa ka Yehova ari ko kabivuze.» 21  Mbega ukuntu igisagara cahora cizigirwa+ cahindutse maraya+! Cahora cuzuyemwo ubutungane+,ubugororotsi ari yo bwibera+,ariko ubu cuzuyemwo abicanyi+. 22  Ifeza yawe isigaye ari umucafu+.Inzoga* yawe yasutswemwo amazi irajoboroka. 23  Abatware bawe ni intagondwa kandi bakorana n’ibisuma+. Umwe wese muri bo akunda igiturire, akiruka inyuma abamuha ibintu+. Ntibatunganiriza impfuvyi*canke ngo bemere kwakira urubanza rw’umupfakazi+. 24  Ni co gituma Umukama w’ukuri, Yehova Nyeningabo,wa Munyabubasha wa Isirayeli, avuze ati: «Emwe, ngomba nikureko abandwanya,nihore abansi banje+. 25  Nzoguhana*.Nzoshongesha ibicafu* biri kuri wewe nk’aho noba nkoresheje umuti bamesuza*,nkureho imyanda yawe yose+. 26  Nzosubizaho abacamanza bimere nk’uko vyahora mu ntango,nkugarukanire n’abajanama nk’uko vyahora ubwa mbere+. Uzoheza witwe igisagara c’ubugororotsi, igisagara cizigirwa+. 27  I Siyoni hazocungurwa+ biciye ku butungane,abagarutse bo mu bantu biwe bacungurwe biciye ku bugororotsi. 28  Abagarariji n’abacumuzi bazosenyukira rimwe+,abaheba Yehova bayogere+. 29  Abantu bazomaramazwa n’ibiti bikomeye mwipfuje+,muteterwe kubera imirima* mwahisemwo+. 30  Muzocika nk’igiti kinini c’amababi akabiranye+,mumere nk’umurima utagira amazi. 31  Umunyenkomezi azocika ubugwegwe*,ivyo akora bibe agasase k’umuriro.Vyompi bizorurumbira hamwe,ata n’umwe wo kubizimya.»

Utujambo tw'epfo

Iryo zina risobanura ngo «ubukiriro bwa Yehova.»
Canke «ntibazi shebuja.»
Canke «ugutegera.»
Mu giheburayo havuga ngo «nta wabifyondafyonze.»
Canke «nk’urusago.»
«Umukobwa wa Siyoni» ni amajambo ndyoshamvugo kenshi asigura igisagara ca Yeruzalemu canke abakibamwo.
Canke «mwebwe bategetsi b’i Sodomu.»
Canke «inyigisho.»
Canke «umwana atagira se.»
Canke «vyera nka shelegi.» Shelegi ni utuvunjivunji twera cane dukoragurika nk’imvura. Mu gifaransa batwita neige.
Canke «inzoga y’ingano.»
Canke «abana batagira ba se.»
Ni ubucafu busigara bahejeje gucisha ubutare mu muriro.
Canke «isabuni.»
Mu giheburayo havuga ngo «nzohindukiriza ukuboko kwanje kuri wewe.»
Biboneka ko vyari ibiti n’imirima bakoresha mu gusenga ibigirwamana.
Ni utunyuzi tunyaruka gufata umuriro.