Yesaya 18:1-7
-
Ubutumwa bwo gucira urubanza Etiyopiya (1-7)
18 Kiragowe igihugu c’udukoko tw’amababa tuduma,igihugu kiri mu karere k’inzuzi za Etiyopiya+!
2 Kirungika intumwa ziciye mu kiyaga,zikajabuka amazi mu mato akozwe mu rufunzo, kikavuga giti:
«Nimugende mwa ntumwa zinyaruka,muje kw’ihanga ry’abantu barebare kandi b’akabiri karemvye*,ku bantu batinywa ahantu hose+,muje kw’ihanga rikomeye kandi rinesha ayandi mahanga*,isi yaho ikaba itwarwa n’inzuzi.»
3 Yemwe bantu aho muri hose, yemwe ababa kw’isi mwese,muzobona ikintu kimeze nk’ikimenyetso* gishinzwe ku misozi,mwumve ijwi rimeze nk’ijwi ry’inzamba.
4 Kuko Yehova yambwiye ati:
«Nzoguma ntekanye, ndabe ikibanza canje* ntayegayezwa,nk’ubushuhe buca ibibatsi buzanana n’umuco w’izuba,nk’igicu c’urume mu bushuhe bwo mu gihe c’iyimbura.
5 Kuko imbere y’uko iyimbura ritangura,igihe ishurika rizoba ryarangiye, n’amashurwe agacika inzabibu zitanguye gusha,imivyaro izokurwaho hakoreshejwe imihoro yo gututura,n’uturandaranda ducibwe, dukurweho.
6 Ibiziga vyabo bizohebwa biribwe n’inyoni zihiga zo mu misozin’ibikoko vyo kw’isi.
Inyoni zihiga zizobimarako ici,n’ibikoko vyose vyo kw’isi bibimareko igihe c’iyimbura.
7 Ico gihe Yehova Nyeningabo azozanirwa ingabireivuye mw’ihanga ry’abantu barebare kandi b’akabiri karemvye*,ku bantu batinywa ahantu hose.Izoza ivuye kw’ihanga rikomeye kandi rinesha ayandi mahanga*,isi yaho ikaba itwarwa n’inzuzi.Iyo ngabire izojanwa ahantu hitirirwa izina rya Yehova Nyeningabo, ku musozi Siyoni+.»
Utujambo tw'epfo
^ Mu giheburayo havuga ngo «ihanga rikweguye kandi risenye.»
^ Canke «ihanga ry’inkomezi zidacika kandi rihonyangira hasi.»
^ Canke «igiti bashinga nk’ikimenyetso.»
^ Hashobora kandi kuvugwa ngo «ndabe ndi mu kibanza canje.»
^ Mu giheburayo havuga ngo «ihanga rikweguye kandi risenye.»
^ Canke «ihanga ry’inkomezi zidacika kandi rihonyangira hasi.»