Zaburi 41:1-13
Ku mukuru w’abaririmvyi. Ni zaburi ya Dawidi.
41 Hahiriwe uwitaho umuntu mutoyi+.Yehova azomukiza ku musi w’ivyago.
2 Yehova azomurinda amuzigamire ubuzima.
Azokwitwa umuhirwe mw’isi+.Ntazoreka ngo abansi biwe bamugire uko bashaka+.
3 Yehova azomushigikira ari ku musego+.Azomuruhurira ari ku gitanda arwariyeko*.
4 Navuze nti: «Ewe Yehova, ngirira ubuntu+.
Nkiza+ kuko ari wewe nacumuyeko+.»
5 Ariko abansi banje baguma banyipfuriza ibibi,
bakavuga ngo: «Azopfa ryari ngo izina ryiwe rizimangane?»
6 Hagize uwuza kundaba, avugana uburyarya mu mutima wiwe.
Aguma arondera ibintu bibi aja kuvuga.Araheza agasohoka, akabikwiragiza hose.
7 Abanyanka bose baguma bavugana ubwongoshwe.Baguma bapanga imigambi yo kunkorera ikibi, bakavuga ngo:
8 «Yafashwe n’ikiza gikaze.Ubu ko camuryamitse, ntazosubira guhaguruka+.»
9 Mbere n’umuntu twahora tubana amahoro, uwo nari nizigiye+,uwo twahora dusangira ibifungurwa*, yampindutse*+.
10 Ariko wewe ga Yehova, nungirire ubuntu umpagurutse,kugira ndabasubirize mu nkoko.
11 Iki ni co kizonyereka ko unkunda:
Ni uko abansi banje batonyigambako bigina intsinzi+.
12 Nayo jewe, ugutungana kwanje ni kwo gutuma unshigikira+.Uzongumiza imbere yawe igihe cose+.
13 Yehova Imana ya Isirayeli nashemezwegushika ibihe bidahera*+.
Amen kandi Amen.
Utujambo tw'epfo
^ Canke «azohindura igitanda arwariyeko.»
^ Canke «umukate.»
^ Mu giheburayo havuga ngo «yandugirije igitsintsiri.»
^ Canke «kuva ibihe bidahera gushika ibihe bidahera.»