Zaburi 57:1-11
Ku mukuru w’abaririmvyi: bayiririmbira kw’ijwi ryitwa «Ntuhonye.» Ni indirimbo* ya Dawidi, igihe yahungira Sawuli mw’isenga+.
57 Nungirire ubuntu Mana, nungirire ubuntu,kuko ari wewe mpungirako+.Mu gitutu c’amababa yawe ni ho mpungira gushika ivyago birenganye+.
2 Imana Musumbavyose ni yo ntabaza,Imana y’ukuri, yo inkura mu ngorane.
3 Imana izomfasha yibereye mw’ijuru kandi izonkiza+.
Izotuma abashaka kuncakira bataha zirayoye. (Sela*)
Imana izokwerekana ubuntu* bwayo n’ubwizigirwa bwayo+.
4 Nkikujwe n’intambwe+.Mbwirizwa kuryama hagati y’abantu bashaka kundotsa.Amenyo yabo ni amacumu n’imyampi,kandi ururimi rwabo rukarishe nk’inkota+.
5 Ewe Mana, nushirwe hejuru y’amajuru.Ese ubuninahazwa bwawe bwokwibonekeza kw’isi yose+!
6 Bateguye urusenga rwo gutega ibirenge vyanje+.Nagondamye kubera ukuremerwa n’amagorwa+.
Bimvye ikinogo imbere yanje,ariko ni bo bakiguyemwo+. (Sela)
7 Ewe Mana, umutima wanje urashikamye+,umutima wanje urashikamye.
Nzokuririmbira nongere ngucurarangire.
8 Ewe buninahazwa bwanje, niwikangure!
Niwikangure wa gicurarangisho c’imirya, na wewe wa nanga!
Ngira nkangure umutwenzi+.
9 Ewe Yehova, nzogushemeza mu makungu+.Nzokuririmbira amashemezo* mu mahanga+.
10 Kuko urukundo* rwawe ari rwinshi, ni rurerure gushika mw’ijuru+.Ubwizigirwa bwawe bushika hejuru mu bicu.
11 Ewe Mana, nushirwe hejuru y’amajuru.Ese ubuninahazwa bwawe bwokwibonekeza kw’isi yose+!
Utujambo tw'epfo
^ Mu giheburayo havuga ngo «mikitamu.» Raba Insiguro y’amajambo (Mikitamu).
^ Raba Insiguro y’amajambo.
^ Canke «urukundo rudahemuka (rudahera).»
^ Canke «nzogucurarangira.»
^ Canke «urukundo rudahemuka (rudahera).»