IKIBAZO CA 6
Ni ibiki Bibiliya yari yaravuze ku bijanye na Mesiya?
UBUHANUZI
«Wewe ga Betelehemu Efurata, . . . iwawe hazova uwuzombera umutware muri Isirayeli.»
UKUNTU BWARANGUTSE
«Yezu amaze kuvukira i Betelehemu muri Yudaya mu gihe c’umwami Herodi, hari abantu baragurisha inyenyeri baje i Yeruzalemu bavuye mu buseruko.»
UBUHANUZI
«Bagabura impuzu zanje, bagapfindira ivyambarwa vyanje.»
UKUNTU BWARANGUTSE
«Abasoda bamaze kumanika Yezu, batora impuzu ziwe bazigaburamwo kune . . . Mugabo [ikanzu yiwe] nta mubariro yagira, kuko yari ijishwe kuva hejuru gushika hasi. Maze babwirana bati: “Ntituyitabure, ahubwo reka tugire ubupfindo kugira tumenye uwuyitwara.”»
UBUHANUZI
«Azigama amagufa yiwe yose, nta na rimwe muri yo bavunye.»
UKUNTU BWARANGUTSE
«Bashikiriye Yezu, basanga yamaze gupfa, ntibaba rero bakimuvuna amaguru.»
UBUHANUZI
«Yaracumiswe azira ibicumuro vyacu.»
UKUNTU BWARANGUTSE
«Umwe muri abo basoda aca amucumita icumu mu rubavu, ubwo nyene haca havayo amaraso n’amazi.»
UBUHANUZI
«Bampemba ibiceri 30 vy’ifeza.»
UKUNTU BWARANGUTSE
«Umwe muri bamwe cumi na babiri, ari we Yuda Isikariyoti, aca aja ku bakuru b’abaherezi, ababwira ati: “Mumpa iki ngo ndamubahe?” Bumvikana kumuha ibiceri 30 vy’ifeza.»