ISI YUZUYEMWO INGORANE
2 | Nukingire akazi ukora
IGITUMA BIHAMBAYE
Buri musi, abantu benshi ntibiborohera kuronka icorirenza. Ikibabaje, ingorane ziri mw’isi zirashobora gutuma birushiriza kubabera urugamba kuronka ikibabeshaho. Uti kubera iki?
-
Mu turere twugarijwe n’ingorane, ibiciro vy’ibintu vya nkenerwa biraduga, aho twovuga nk’ibifungurwa n’uburaro.
-
Ivyago birashobora gutuma abantu batakaza akazi canke agashahara kabo kakagabanuka.
-
Ibiza n’isibe birashobora kwonona canke kubomora inyubakwa abantu bakoreramwo ubuzi, amazu canke ibindi bibanza, bigatuma benshi basigara bifumbereje.
Ico ukwiye kumenya
-
Nimba uzi gukoresha neza amahera, uzoshobora kuvyifatamwo neza mu gihe c’ubukene.
-
Amahera nta woyizigira. Agashahara uronka, utwo waziganije canke ibindi bintu birashobora guta agaciro.
-
Hari ibintu amahera adashobora kugura, nk’agahimbare n’ubumwe mu muryango.
Ico wokora ubu
Bibiliya ivuga iti: “Iyo . . . dufise ivyo kurya n’ivyo kwambara, ivyo biratubumba.”—1 Timoteyo 6:8.
Kubumbwa n’ivyo dufise birimwo kugabanya ivyo twipfuza maze tukamarwa ipfa n’uko turonka ivya nkenerwa buri musi. Ivyo birahambaye canecane igihe dufise uburyo buke.
Kugira ubumbwe n’ivyo ufise, vyoshobora gusaba ko uhindura uburyo wari ubayeho. Nimba ukoresha amahera arenze ayo winjiza, nta kindi bizovamwo atari ukwunyura ingorane.