Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Naho amasinema n’udukino vyerekana ko ivy’ubupfumu n’ababikora ari ibintu biryoshe kuraba, dukwiye kumenya ko birimwo akaga

IBIGANIRO BIHUYE N’IBIRI KU GIPFUKISHO | KURABA IVY’AMASHETANI HARI ICO BITWAYE?

Bibiliya ivuga iki ku bijanye n’ubupfumu?

Bibiliya ivuga iki ku bijanye n’ubupfumu?

ABANTU benshi babona ko inkuru zo mu bitabu no mu masenema zivuga ibintu vy’ibintazi n’ivy’ubupfumu, ari ibintu vy’amayeri gusa canke ko ari ibikino vyiyumviriwe n’abantu. Ariko Bibiliya yoyo si ko ibibona. Iratugabisha ku bijanye n’ubupfumu idaca ku ruhande. Nk’akarorero mu Gusubira mu vyagezwe 18:10-13 havuga hati: “Muri wewe ntihaze haboneke . . . uwuragura, umunyamageza canke umuntu arondera ibimenyetso bitara ibizoba canke umupfumu, canke uwuzirikisha abandi ubupfumu canke umuntu ahanuza uwuvugana n’ibiremwa vy’impwemu canke uwagize umwuga ukubura ibizoba canke umuntu asiguza abapfuye.” Kubera iki? Hongerako hati: “Kuko uwukora ivyo bintu wese ari ikintu giteye ishishi kuri Yehova . . . Ukwiye kwerekana ko utagira amahinyu kuri Yehova Imana yawe.”

Kubera iki none Bibiliya yiyamiriza cane ubwoko bwose bw’ubupfumu?

BUFISE INKOMOKO MBI

Bibiliya itubwira yuko Imana itararema isi, yari yararemye ibiremwa bitaboneka amamiliyoni ari bo bamarayika. (Yobu 38:4, 7; Ivyahishuwe 5:11) Bose Imana yabahaye ubushobozi bwo kwihitiramwo iciza n’ikibi. Bamwe bahisemwo kugarariza Imana, bata ibibanza vyabo mw’ijuru baza kw’isi guteza ingorane. Ivyo vyatumye “yuzura ubukazi.”Itanguriro 6:2-5, 11; Yuda 6.

Bibiliya ivuga yuko abo bamarayika babi bagira akosho kanini ku bantu, bakazimiza benshi cane muri bo. (Ivyahishuwe 12:9) Baranafatira ku cipfuzo abantu bafise co kumenya kazoza kugira babazimize.1 Samweli 28:5, 7; 1 Timoteyo 4:1.

Rimwe na rimwe abo bamarayika babi womengo barafasha abantu. (2 Abakorinto 11:14) Ariko mu vy’ukuri baba barondera kubahuma amaso kugira ntibamenye ukuri kwerekeye Imana.2 Abakorinto 4:4.

Bibiliya rero yerekana yuko gukora ibintu bifitaniye isano n’amadayimoni birimwo akaga. Abantu bamwe bipfuza kuba abigishwa ba Yezu, baratahuye ukwo kuri. Ni co gituma “abakora ivy’ubupfumu” baciye “bakoranya ibitabo vyabo vy’ubupfumu, babituririra mu maso ya bose” naho bahahombeye amahera menshi.Ivyakozwe 19:19, Bibiliya Yera.

“Kuba abakobwa b’imiyabaga basigaye bemera cane ubupfumu, bishobora kuba vyatewe n’ukuntu mu myaka ya vuba wasanga kuri televiziyo, mu masinema no mu bitabu berekana abapfumu bateye igomwe.”—Itohoza ryagizwe ku rwaruka n’ishirahamwe ryitwa Gallup, mu 2014

Hariho n’abandi benshi bafashe ingingo yo kwirinda ibintu vyo kwinezereza bijanye n’ubupfumu be n’ikintu cose gifitaniye isano na bwo. Nk’akarorero, igihe Maria * yari afise imyaka 12, yasa n’uwufise ubushobozi bwo kuvuga akaga kazoshika canke ibindi bintu bizoba. Yarabwira abo bigana ibizobashikira akoresheje amakarata y’ivy’ubupfumu. Kubera ko ivyo yavuga vyashika, yaciye yipfuza cane kumenya ibijanye n’ubupfumu.

Maria yiyumvira ko Imana yamuhaye ingabirano ituma afasha abantu. Ariko avuga ati: “Hari ikintu cambuza amahoro. Nararabira abandi ibizobashikira nkoresheje amakarata, ariko jewe sinashobora kumenya kazoza kanje naho navyipfuza.”

Yaribaza ibibazo vyinshi ntaronke inyishu. Ni kwo gusenga Imana maze agenderwa n’Ivyabona vya Yehova batangura kumwigisha Bibiliya. Bibiliya yaramufashije gutahura ko ubwo bushobozi yari afise butava ku Mana. Yaratahuye kandi ko abipfuza kuba abagenzi b’Imana bategerezwa kuvavanura n’ibintu vyose bifitaniye isano n’ubupfumu. (1 Abakorinto 10:21) None yaciye akora iki? Yaciye ashibura ibitabu hamwe n’ibindi bintu yari afise bifitaniye isano n’ubupfumu. Ubu asigaye afasha abandi kumenya ukuri kwo mw’Ijambo ry’Imana.

Michael na we akiri umuyabaga yarakunda cane gusoma inkuru zivuga abantu bafise ububasha busiga ubwenge. Avuga ko yiyumvamwo abantu bo mu runganwe rwiwe bavugwa muri izo nkuru bakora ibintu bidasanzwe. Bukebuke Michael yahavuye amenyera gusoma ibitabu bivuga ivya maji hamwe n’ivy’amashetani. Yongerako ati: “Inyota yo kumenya ivyo bintu yatumye nipfuza gusoma ibitabu bijanye na vyo no kuraba amasinema avyerekana.”

Ariko Bibiliya yarafashije Michael kubona ko akwiye gusuzuma neza ivyo asoma. Avuga ati: “Naragize urutonde rw’ibintu vyose nari mfise bifitaniye isano n’ubupfumu nca ndabita. Narahakuye icigwa gihambaye. Mu 1 Abakorinto 10:31 Bibiliya ivuga iti: ‘Mukore vyose ku bw’ubuninahazwa bw’Imana.’ Ubu imbere yo gusoma igitabu ndibaza nti: ‘Ndagisomye, ubwo sinzoba nsomye ibintu bitaninahaza Imana?’ Nsanze ari ko biri, sindagisoma.”

Ntibitangaje kubona Bibiliya igereranywa n’itara. Iratanga umuco udufasha kubona neza ubupfumu ico ari co. (Zaburi 119:105) Ariko si ivyo gusa. Idusezeranira ko amadayimoni agiye gukurwaho. Ivyo bizotuma ibintu vyinshi cane bihinduka kw’isi. Nk’akarorero, muri Zaburi 37:10, 11 hagira hati: “Hasigaye akanya gatoyi, umubisha ntabe akiriho; kandi uzokwitegereza koko aho yahora, umubure. Mugabo abatekereza bazokwigabira isi, kandi bazokwinovora amahoro menshi.”

^ ing. 10 Si ko basanzwe bitwa.