BE MASO! No 3 2019 | Bibiliya yoba yogufasha kubaho neza?

Bibiliya iramaze imyaka myinshi ifasha abantu kubaho neza. Urashobora kwungukira ku mpanuro itanga zidufasha mu buzima bwa misi yose.

Igitabu ca kera ariko gifasha ab’ubu

Raba ivyo bamwebamwe bavuga ku bijanye no gusoma Bibiliya be no gushira mu ngiro impanuro itanga.

Amagara meza

Impanuro Bibiliya itanga ziradufasha kwitwararika amagara yacu uko dushoboye kwose.

Gutekana

Igihe twize gucungera ishavu ryacu, biratugirira akamaro.

Ubucuti bwiza mu muryango be n’abagenzi

Ubucuti dufitaniye n’abandi burakomera igihe twitwararika gutanga kuruta guhabwa.

Ingorane nke mu vy’ubutunzi

Impanuro Bibiliya itanga zogufasha gute kugabanya ingorane zijanye n’amahera?

Ubucuti bwiza n’Imana

Ivyiyumviro vy’Imana be n’impanuro zo muri Bibiliya birashobora kudufasha kugiranira ubucuti bwiza n’Imana. Uti gute?

Igitabu cafashije benshi kuruta ibindi

Ibitigiri vyerekana ko Bibiliya ari co gitabu gihindurwa mu ndimi nyinshi kandi kigakwiragizwa cane kuruta ibindi.

Muri iyi nomero: Bibiliya yoba yogufasha kubaho neza?

Bibiliya irimwo impanuro zodufasha mu buzima bwa misi yose.