Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Ivyo Bibiliya itubwira

Ivyo Bibiliya itubwira

“Aka ni akahise k’amajuru n’isi igihe vyaremwa.” (Itanguriro 2:4) Ukwo ni ko Bibiliya ivuga muri make ingene ijuru n’isi vyaremwe. Ivyo Bibiliya ivuga vyoba bihuye n’ivyo siyansi yerekana? Raba uburorero bukeyi.

Mu ntango: Ijuru n’isi biremwa

Ijuru n’isi vyoba vyamyeho?

Mw’Itanguriro 1:1 havuga hati: “Mu ntango Imana yaremye amajuru n’isi.”

Gushika nk’imbere y’umwaka wa 1950, abahinga benshi bari bazwi cane bemera ko ijuru n’isi vyamyeho. Ariko ubu abahinga benshi bisunze ivyo baheruka kwubura, bariyemerera ko ijuru n’isi vyagize intango.

Isi yari imeze gute mu ntango?

Mw’Itanguriro 1:29 havuga ko mu ntango ‘isi itagira imero kandi yari igiharabuga,’ ikaba yari idengereyeko amazi.

Ivyo birahuye n’ivyo abanyasiyansi bavuga. Umuhinga mu vy’ibinyabuzima yitwa Patrick Shih, avuga ko uwu mubumbe wacu ‘wariko umwuka utagira ogisijeni kandi ko ata kintu na kimwe cariko.’ Ikinyamakuru kimwe (Astronomy) kivuga giti: “Ivyo abahinga baheruka kwubura vyerekana ko kera isi yari yuzuyeko amazi, ata butaka buboneka.”

Ikirere cagiye kirahinduka gute?

Mw’Itanguriro 1:3-5 herekana ko igihe umuco watangura kuboneka mu kirere, umuntu atari gushobora kuwubona neza ari kw’isi. Mu nyuma ni ho izuba n’ukwezi vyatangura kuboneka neza ku buryo umuntu yari gushobora kubibona ari kw’isi.​—Itanguriro 1:14-18.

Bibiliya ntivuga ko ibinyabuzima vyose biri kw’isi vyaremwe mu misi itandatu y’amasaha 24

Ikigo kimwe (Smithsonian Environmental Research Center) kivuga ko mu ntango umuco mukeyi ari wo washika kw’isi uvuye mu kirere. Kivuga giti: “Mu ntango umwuka witwa metane wari utwikiriye isi.” Mu nyuma “uwo mwuka warakeye, ikirere gica gisa n’ubururu.”

Ibinyabuzima vyagiye birabaho gute ng’aha kw’isi?

Mw’Itanguriro 1:20-27 herekana ko haremwe amafi, hanyuma inyoni, hanyuma ibikoko bigendagenda kw’isi, mu nyuma na ho abantu. Abahinga bavuga ko amafi yabayeho imbere cane y’uko ibikoko bigendagenda kw’isi bibaho maze abantu na bo babaho haciye ikindi kiringo kinini.

Bibiliya ntivuga ko ibifise ubuzima bidashobora guhinduka uko haca igihe

Ivyiyumviro bitari vyo ku bijanye n’ivyo Bibiliya ivuga

Abantu bamwebamwe bavuga ko Bibiliya idahuza n’ivyo abahinga bubuye. Ariko akenshi biva ku kuba badatahura neza ivyo Bibiliya ivuga.

Bibiliya ntivuga ko ijuru canke isi bimaze imyaka 6.000 gusa. Ahubwo ivuga gusa ko ijuru n’isi vyaremwe “mu ntango.” (Itanguriro 1:1) Ntitomora imyaka bimaze.

Bibiliya ntivuga ko ibinyabuzima vyose biri kw’isi vyaremwe mu misi itandatu y’amasaha 24. Ahubwo ikoresha ijambo “umusi” yerekeza ku kiringo kirekire. Nk’akarorero, ivuga ko ivyaremwe vyose, harimwo ivyaremwe muri ya “misi” itandatu ivugwa mw’Itanguriro ikigabane ca 1, vyabayeho mu kiringo citwa “umusi Yehova * Imana yakora isi n’ijuru.” (Itanguriro 2:4) Ku bw’ivyo, umwumwe muri ya “misi” itandatu y’irema Imana yamara iriko irategura isi yongera ishiramwo ibinyabuzima, ushobora kureha n’ikiringo kirekire cane.

Bibiliya ntivuga ko ibifise ubuzima bidashobora kuza birahinduka ngo bivemwo iyindi mice uko haca igihe. Igitabu c’Itanguriro kivuga ko ibikoko vyaremwe “nk’uko amoko yavyo ari.” (Itanguriro 1:24, 25) Iryo jambo ryo muri Bibiliya “amoko” ntirisa n’iryo abahinga bakoresha. Ariko biboneka ko rikoreshwa mu buryo bwagutse mu kuvuga imice itandukanye y’ivyaremwe vyo mu bwoko bumwe. Ku bw’ivyo rero, “ubwoko” bumwe bushobora kubamwo imice myinshi itandukanye. Iyo mvugo irerekana ko bishoboka ko ibinyabuzima vyo mu “bwoko” kanaka vyo mu muryango umwe, biza birahinduka bikavamwo iyindi mice uko haca igihe.

Uvyibazako iki?

Nk’uko duhejeje kubibona, Bibiliya iravuga mu buryo bworoshe kandi bw’ukuri ingene ijuru n’isi vyatanguye, ingene isi yari imeze mu ntango, n’ingene ubuzima bwabayeho. None ubwo Bibiliya ntiyoba yaravuze uwaremye ivyo bintu vyose uwo ari we? Igitabu kimwe c’inkoranyabumenyi (Encyclopædia Britannica) kigira giti: “Iciyumviro c’uko ibiriho vyashizweho n’uwurengeye abantu bose kirahuza n’ivyo abanyasiyansi bo muri iki gihe bubuye.” *

^ ing. 17 Yehova ni izina ry’uruharo ry’Imana nk’uko riboneka muri Bibiliya.

^ ing. 20 Ico gitabu Encyclopædia Britannica nticemeza icese ko ibiriho vyaremwe.