Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Udukuru tw’irya n’ino

Udukuru tw’irya n’ino

Muri Israyeli

Ikinyamakuru kimwe co kuri Internet (Haaretz.com.) kivuga yuko bitagishoboka ko abana “bavukanye ubumuga abaganga bari gushobora kubona mu gupima imbanyi imbere y’ivuka” bitwarira abakuru mu vy’ubuvuzi kubera yuko “babaretse bakabaho.” Ariko abavyeyi barashobora kwitwarira abo bakuru kubera yuko “baretse [abo bana] bakavuka,” ivyo bakabigira kugira baronke inshumbusho y’“uburyo vyabatwaye kugira ngo barere uwo mwana afise ubumuga be n’uburyo bizobatwara kugira bamuronse ivyo akeneye mu buzima bwiwe bwose.”

Muri Ostraliya

Muri Ostraliya, imiryango 8 kuri 10 igizwe n’umugabo n’umugore babana imbere y’uko bubakana biciye mu mategeko.

Mu Bugiriki

Ibitigiri vyashizwe ahabona n’Ubushikiranganji bw’amagara y’abantu bwo mu Bugiriki vyerekana yuko abiyahura biyongereye ibice 40 kw’ijana mu mezi atanu ya mbere y’umwaka wa 2011, ugereranije n’abiyahuye muri ayo mezi nyene mu 2010. Iryo yongerekana rihurirana n’ikiringo ingorane ziherutse z’ivy’ubutunzi zatanguriyeko.

Muri Leta Zunze Ubumwe za Amerika

Ishirahamwe ryishinze gukingira ubutunzi kama kw’isi rivuga yuko ibice nka 40 kw’ijana vy’ibifungurwa bipfishwa ubusa muri Leta Zunze Ubumwe za Amerika. Nk’akarorero, rivuga ko ibice nka 7 kw’ijana vy’ibiterwa biri mu mirima bitigera vyimburwa, yuko ibice nka 17 kw’ijana vy’ibifungurwa bitangwa mu maresitora bitaribwa, be n’uko imiryango ita ibice nka 25 kw’ijana vy’ibifungurwa iba yasumye.

Muri Madagaskari

Muri Madagaskari haherutse kwuburwa ubwoko bw’uruvu rutoya kw’isi yose. Urwo ruvu rusa n’inginagina rurashobora kugira uburebure bwa milimetero 29, kandi tumwetumwe muri utwo dukoko ni tunzwinya ku buryo dushobora gukwira ku rwara rw’umuntu. Kubera yuko aho nya dukoko tuba hageramiwe, turashobora kuzozimangana.