Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

IKIGANIRO TWAGIRANYE NA | BRETT SCHENCK

Umuhinga mu bijanye n’ibidukikije asigura igituma yemera Imana

Umuhinga mu bijanye n’ibidukikije asigura igituma yemera Imana

Brett Schenck yahoze ari umuhanuzi mu bijanye no gukingira ibidukikije muri Leta Zunze Ubumwe za Amerika, ubu akaba yarakukurutse. Yatohoza ivyerekeye ukuntu ibiterwa, ibikoko be n’ibindi vyo mu bidukikije usanga bikeneraniye. Ni ibiki vyatumye yemera ko hariho Umuremyi? Ikinyamakuru Be maso! caramubajije ibijanye n’ivyo yemera be n’igikorwa ciwe kijanye na siyansi.

Wotwiganira ivyerekeye kahise kawe?

Dawe yari enjeniyeri mu bijanye n’ibintu vy’ivyuma. Yarakunda kumbwira ivyerekeye ibiharuro na siyansi aryohewe. Nkiri muto, nararyoherwa cane no kwitegereza ibiterwa be n’ibikoko mu migezi no mu bidengeri vyari hafi y’i muhira i New Paris, muri Ohio, muri Leta Zunze Ubumwe za Amerika. Ni co gituma igihe naja kuri kaminuza yitiriwe Purdue nahisemwo kwiga ivyerekeye ibidukikije.

Woba waritaho ivyerekeye idini?

Ego cane. Dawe yarandemesha kwiga ivy’idini twarimwo ry’abaluteri. Narize ikigiriki c’abanyagihugu citwa koyine, runo rukaba ari rumwe mu ndimi Bibiliya yanditswemwo mu ntango. Nahavuye nubaha cane Bibiliya.

Wewe none wabona gute inyigisho ivuga ko ibiriho vyabayeho biciye kw’ihindagurika?

Iyo nyigisho yaremerwa mw’idini iwacu. Abo twakorana na bo nyene barayemera, akaba ari co gituma na jewe nayemera. Ariko naremera kandi yuko Imana iriho. Nabona yuko ivyo bintu bibiri bihuza. Naho nubaha Bibiliya, sinabona ko yavuye ku Mana.

Ni ibiki none vyatumye uhindura ukuntu wabona Bibiliya?

Hari Ivyabona vya Yehova babiri, Steve na Sandy, batugendeye n’umukenyezi wanje Debbie. Baratweretse yuko Bibiliya itihenda mu bijanye na siyansi naho atari igitabu c’ivya siyansi. Nk’akarorero, Bibiliya ivuga ku bijanye n’Imana iti: “Hariho Umwe yibera hejuru y’umuzingi w’isi.” (Yesaya 40:22) Ivuga kandi iti: “Isi iyeneneka ku busa.” (Yobu 26:7) Ico gihe, mu gutohoza ibijanye n’ibidukikije nakoresha amafoto yafashwe n’ivyuma bita satelite, akaba ari co gituma iyo mirongo yo muri Bibiliya yantangaje. Ayo majambo yanditswe kera cane, igihe ata muntu n’umwe yari bwafate ifoto y’umuzingi w’isi yenetse ku busa. Igihe jewe n’umukenyezi wanje twiga Bibiliya na Steve na Sandy, naramenye ibintu Bibiliya yari yaravuze vyarangutse, impanuro ngirakamaro itanga, ndaronka n’insiguro z’ibintu bitandukanye zinshika ku nyota. Naratevye ndajijuka yuko Bibiliya ari Ijambo ry’Imana.

Ni ryari wahinduye ivyiyumviro ku bijanye n’iyo ibinyabuzima vyakomotse?

Steve yahavuye anyereka amajambo atomoye Bibiliya ivuga agira ati: “Yehova Imana abumba umuntu mu mukungugu w’ubutaka.” (Itanguriro 2:7) Bibiliya iratomora neza rero ingene umuntu wa mbere yabayeho. Ivyo vyatumye nibaza iki kibazo: Ubwo Bibiliya yoba ihuza n’ibintu vy’ukuri siyansi ivuga? Steve yarandemesheje kugira ubushakashatsi kuri ico kibazo, nanje nca ndabugira.

Ni ibiki none wamenye ku bijanye n’inyigisho y’ihindagurika?

Namenye ibitari bike. Kimwe muri ivyo ni uko inyigisho y’ihindagurika igerageza gusigura ingene ibinyabuzima vyabayeho. Ibinyabuzima birafise ibihimba bikora igikorwa gihambaye, nk’umutima, amahaha n’amaso. Vyongeye, n’agahimba kanzwinya cane, ari ko kagingo ngengabuzima, usanga karimwo ibintu bikora mu buryo burimwo ubuhinga. None ivyo bintu vyose vyabayeho gute? Abemera ivy’ihindagurika bavuga ngo iyo ibinyabuzima bibandanije kubaho ibindi vyahonye, bica biboneka ko imibiri y’ibibandanya kubaho ikora mu buryo buhanitse gusumba ivyo bindi. Ariko ico ciyumviro ntigisigura aho ubwo buryo imibiri yavyo ikora bwavuye. Naramenye ko abanyasiyansi benshi batemera yuko inyigisho y’ihindagurika yishura ico kibazo. Hari umuhinga mu vyerekeye ibikoko yambwiye yuko atemera ikintu na kimwe kijanye n’inyigisho y’ihindagurika. Ariko rero, ntiyabivugira hejuru kugira ntakurwe mu kazi.

Ivyo wamenye ku vyerekeye ibidukikije vyoba bikomeza ukwizera kwawe?

Cane rwose. Kimwe mu vyo nakora kwari ugutohoza ingene ibinyabuzima bikeneraniye. Kw’isi usanga ibinyabuzima vyose bibaho kubera ibindi. Rimbura akarorero k’amashurwe n’inzuki. Ibara ry’amashurwe, akamoto kayo, utuzituzi dusosa twayo, be n’imero yayo, biremwe ku buryo bikwegakwega inzuki maze iyo ziyaguyeko zikagenda zuzuyeko utuntu tumeze nk’agafu tuba turi kuri nya mashurwe. Inzuki na zo ziremwe ku buryo zinunuza utwo tuzituzi zikongera zigatwara utwo tuntu tumeze nk’agafu ku bindi biterwa kugira ngo birondoke. Biragaragara rero yuko amashurwe n’inzuki biremwe ku buryo kimwekimwe cose kironsa ikindi ivyo gikeneye.

‘Iyo nzirikanye ingene ibinyabuzima vyose vyo kw’isi vyihagararako, ndemera ntakeka yuko ubuzima bwashizweho n’Imana’

Ibinyabuzima birakeneranira ku rugero runini. Mu gace kanaka, umuntu arashobora kuhasanga ubwoko ibihumbi n’ibihumbi bw’ibikoko, ibiterwa, utunyabuzima dutoduto twitwa amabagiteri be n’ibizinu. Iyaba ibiterwa bitabaho, ibikoko vyose ntivyoronse ico birya n’umwuka bihumeka witwa ogisijeni. Ibiterwa vyinshi vy’amashurwe na vyo, usanga bikeneye ibikoko kugira ngo bibeho. Naho mu gace kanaka umuntu ashobora kuhasanga ibinyabuzima vy’urusobangane rudasanzwe kandi bidakomeye cane, vyoshobora kumara imyaka ibihumbi n’ibihumbi biriho. Niyo ahantu nk’aho hokwononwa n’ikintu kanaka, kimaze guhera, ntihateba gusubirana. Iyo nzirikanye ingene ibinyabuzima vyose vyo kw’isi vyihagararako iyo bishikiwe n’ikintu kibigeramira, ndemera ntakeka yuko ubuzima bwashizweho n’Imana.

Kubera iki wabaye Icabona ca Yehova?

Nari mpagaritswe cane umutima no kubona ingene abantu bahonya ibidukikije. Nari nzi yuko ibinyabuzima vyononekara naho vyihagararako. Ivyabona vya Yehova baranyigishije yuko Imana “[izo]honya abahonya isi,” nk’uko Bibiliya ivyerekana. (Ivyahishuwe 11:18) Ayo majambo yaransubirije umutima mu nda. Uko nagiye ndabandanya kwiga Bibiliya, narabonye yuko ivyo isezerana bizoranguka koko.

Ndahimbarwa no kubwira abandi ivyo nemera, kandi ndamaze kwigisha Bibiliya abanyasiyansi bamwebamwe. Nshikanye imyaka 55, narasavye gukukuruka naho imyaka itari bwakwire, kugira ngo ndonke umwanya wiyongereye wo gufasha abantu kumenya Uwaremye ubuzima be n’umugambi afitiye iyi si yacu nziza igitangaza.