Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

 IKIGANIRO GIHUYE N’IBIRI KU GIPFUKISHO

Ushobora kubaho igihe kingana gute?

Ushobora kubaho igihe kingana gute?

IKINYAMASYO citwa Harriet capfuye mu 2006 kimaze imyaka nka 175. Cari ikinyamasyo co mu mazinga ya Galápagos, kikaba caba ahantu batungira ibikoko muri Ostraliya. Tugereranije n’igihe twebwe tumara, twovuga ko ico kinyamasyo caramvye cane. Ariko tukigereranije n’ibindi binyabuzima, twovuga ko kitaramvye rwose. Raba ubu burorero bukeyi:

  • Abashakashatsi bo muri Finlande bavuga ko igifyera co mu bwoko bwitwa moule perlière d’eau douce gishobora kumara imyaka 200.

  • Ubwoko bumwe bw’ibifyera vyo mu mazi bukunze kurenza imyaka 100, hakaba mbere hari igifyera mwene ico bivugwa ko camaze imyaka irenga 400.

  • Hari ibiti vy’ubwoko butandukanye bimara imyaka ibihumbi, aho tukaba twovuga nk’igiti co mu bwoko bw’ipinusi citwa pin à cône épineux, icitwa séquoia géant, n’ubwoko bumwebumwe bw’akajwari be n’icitwa épicéa.

Ariko twebwe abantu, naho muri rusangi tubonwa ko ari twe biremwa biruta ibindi binyabuzima vyose vyo kw’isi, iyo turamvye dushikana imyaka 80 canke 90, na ho nyene rimwe na rimwe tukaba twaciye ku biti no ku mabuye kugira ngo turushirize kuramba!

None uvyibazako iki? Imyaka 80 canke irenga gatoyi yoba ari yo myaka ntarengwa dushobora kumara? Canke vyoba bishoboka ko turamba cane kuruta uko biri ubu? Abantu benshi bizera ko ubuhinga bwa siyansi be n’iterambere mu vy’ubuvuzi bizotuma abantu barushiriza kuramba.

 Ubuhinga bwa siyansi hoba hari ico bwofasha?

Ubuhinga bwa siyansi bwaragize ikintu kinini buterereye mu bijanye n’amagara be n’iterambere mu vy’ubuvuzi. Ikinyamakuru kimwe c’ivya siyansi (Scientific American) kivuga giti: “Ubu igitigiri c’abantu [bo muri Leta Zunze Ubumwe za Amerika] bapfa bahitanywe n’indwara zandukira canke ingorane zijanye n’ukwibaruka, caragabanutse.” Congerako giti: “Igitigiri c’abana batoyi bapfa caragabanutse ku rugero rw’ibice 75 kw’ijana kuva mu 1960.” Ariko ubuhinga bwa siyansi ntibwashoboye gutuma abantu bakuze baramba cane. Iyindi nteguro y’ico kinyamakuru nyene ivuga iti: “Naho abashakashatsi bamaze imyaka mirongo barondera kumenya igituma abantu basaza, ivy’ubusaza biracabasiga.” Ariko rero, “ibimenyamenya vyerekana ko umubiri ushobora gusaza igihe amakuru yo mu tugingo ngengakamere atuma havuka utugingo ngengabuzima dushasha aretse gukora neza.” Ico kinyamakuru congerako giti: “Nimba ugusaza guturuka ahanini ku tugingo ngengakamere, birumvikana ko umusi uri izina kwoshobora gutorerwa umuti.”

“Naho abashakashatsi bamaze imyaka mirongo barondera kumenya igituma abantu basaza, ivy’ubusaza biracabasiga”

Mu ntumbero yo gutora imvo nyamukuru zitera ubusaza be n’indwara zijanye n’ubusaza, abahinga bamwebamwe bariko barihweza ivyavuye mu bushakashatsi buherutse kugirwa mu gisata kimwe kijanye n’ivy’utugingo ngengakamere citwa épigénétique. None ico gisata gitohoza iki?

Utugingo ngengabuzima turimwo amakuru ngengakamere akenewe kugira ngo umubiri uhingure utugingo ngengabuzima dushasha. Menshi muri ayo makuru tuyasanga mu gahimba ntekeramakuru kitwa ADN kaboneka mu tugingo ngengabuzima. Ariko rero, haraheze igihe abahinga batanguye kwinjira mu mizi ibindi bintu vyo mu tugingo ngengabuzima vyitwa épigénome. Ca gisata c’ubushakashatsi citwa épigénétique ni co gitohoza ibijanye n’ivyo bintu bitangaje biba mu tugingo ngengabuzima.

Ibigize ivyo bintu vyitwa épigénome ntibisa na ka gahimba ntekeramakuru kitwa ADN. Ako gahimba ADN kameze nk’ingazi; ariko ivyo bintu vyitwa épigénome vyovyo ahinini ni ibintu vyo mu mubiri biza bigafata kuri ako gahimba ADN, bikamera nk’ikimenyetso kuri ko. None ivyo bintu vyitwa épigénome bikora iki? Birayobora uburyo amakuru ari muri ako gahimba ADN akoreshwa, nka kurya kw’umuntu ayobora umugwi w’abaririmvyi baririmba mu majwi atandukanye. Biratuma utugingo ngengakamere dukora canke tureka gukora bivanye n’ivyo akagingo ngengabuzima gakeneye be n’ibindi bintu, nk’ivyo umuntu afungura, amaganya afise canke ubumara (bwitwa toxine) bumurimwo. Ibiheruka kwuburwa mu bijanye n’ivyo, vyaragize ikintu gikomeye bihinduye ku kuntu abahinga babona ingene umubiri ukora, bakaba basigaye babona ko ivyo bintu vyitwa épigénome bifitaniye isano n’indwara zimwezimwe, eka mbere n’ubusaza.

Umuhinga umwe yitwa Nessa Carey, akaba agira ubushakashatsi muri ivyo, avuga ko ivyo bintu vyitwa épigénome “bigira uruhara mu ndwara zimwezimwe, nk’indwara yo mu mutwe yitwa schizophrénie, indwara ya rumatizime, kanseri, ububabare bwo mu mubiri budahera, n’izindi.” Avuga kandi ati: “Nta gukeka yuko bigira uruhara mu busaza.” Ubushakashatsi bujanye n’ivyo burashobora rero kuzotuma haboneka uburyo bwiza bwo kuvura butuma amagara arushiriza kuba meza, bukarwanya indwara, ushizemwo na kanseri, gutyo abantu bagashobora kuramba. Ariko gushika ubu nta terambere rikomeye muri ivyo riratangura kwibonekeza. Wa muhinga yitwa Carey avuga ati: “Nta bundi buryo turaronka [bwo kurwanya ubusaza] uretse bwa buryo bwa kera,” ni ukuvuga “ugufungura cane ibisoromano” no “kunonora imitsi.”

Kubera iki none abantu baca ku biti no ku mabuye barondera kuramba? Kubera iki twipfuza kubaho ibihe bidahera? Ikinyamakuru kimwe co mu Bwongereza (The Times) cabajije giti: “Kubera iki abantu bose barondera guca mu ryahumye urupfu, vyaba biciye ku kudapfa,  kw’izuka, ku buzima bw’inyuma y’urupfu canke ku gupfa ugasubira kuvuka?” Nk’uko tugiye kubibona, inyishu y’ico kibazo irerekana ikintu nyamukuru gituma abantu basaza.

Kubera iki twipfuza kubaho ibihe bidahera?

Abantu baramaze imyaka ibihumbi barondera inyishu y’ico kibazo. Hoba none hariho inyishu yumvikana kandi ijijura isigura igituma twipfuza kubaho ibihe bidahera be n’igituma umubiri wacu ushobora kubaho ibihe bidahera? Abantu amamiliyoni bokwemeza ko iyo nyishu iriho! Uti bavyemezwa n’iki? Bavyemezwa n’uko baronse muri Bibiliya inyishu zijijura z’ibibazo bijanye na kamere k’abantu.

Kuva mu ntango, Bibiliya irerekana neza yuko abantu batandukanye cane n’ibindi biremwa naho hari ivyo bahuriyeko na vyo. Nk’akarorero, mw’Itanguriro 1:27, dusoma yuko Imana yaremye abantu mw’ishusho yayo. Ivyo bisobanura iki? Bisobanura ko yaturemanye ubushobozi bwo kugaragaza urukundo, ubutungane n’ubukerebutsi. Iyo Mana ibaho ibihe bidahera ni yo yadushizemwo icipfuzo co kubaho ibihe bidahera. Mu Musiguzi 3:11 havuga hati: “Yashize ivyiyumviro vy’ibihoraho mu mitima yabo.”—Bibiliya Yera.

Ubwonko, na canecane ubushobozi bufise bwo kumenya ibintu, ni ikimenyamenya cerekana ko Imana yaremanye umubiri wacu ubushobozi bwo kubaho igihe kirekire kuruta ico tumara. Igitabu kimwe kivuga ivy’ubwonko (The Encyclopedia of the Brain and Brain Disorders) kivuga yuko ubushobozi ubwonko bufise bwo kubika amakuru igihe kirekire “busa n’ubutagira akarimbi.” Kubera iki none Imana yari kuduha ubwo bushobozi nimba butari  bugenewe gukoreshwa? Vy’ukuri, uburyo abantu baremwe burerekana mu buryo bukomeye umugambi Imana yari ibafitiye igihe yabarema. Kubera iki none dusaza, tugashikirwa n’imibabaro, amaherezo tugapfa?

Igituma dusaza hanyuma tugapfa

Umugabo n’umugore ba mbere bari bafise umubiri utagira akanenge be n’ubushobozi bwo kwihitiramwo. Ariko ikibabaje ni uko bakoresheje nabi ubwo bushobozi, bagahitamwo kugarariza Umuremyi wabo. * (Itanguriro 2:16, 17; 3:6-11) Ukugambarara kwabo, ari na kwo kwitwa igicumuro, kwatumye biyagiriza cane bongera baricwa n’ibimaramare. Kwatumye kandi imibiri yabo itangura kwononekara no gusaza, biruhira kubashikana ku rupfu. Mu 1 Bakorinto 15:56 havuga hati: “Uruboyi ruzana urupfu ni igicumuro.”

Kubera ko twese twakomotse kuri Adamu na Eva, baraturaze akanenge be n’impengamiro yo gukora ibicumuro, ni ukuvuga ibitabereye. Mu Baroma 5:12 havuga hati: “Igicumuro cinjiye mw’isi biciye ku muntu umwe urupfu na rwo [ruzanwa] n’igicumuro, gutyo urupfu [rukwira] ku bantu bose kuko bose bari baracumuye.”

None ivyo vyerekana iki? Vyerekana ko abahinga atari bo bazotora icotuma umuntu abaho ibihe bidahera. Imana ni yo yonyene ishobora gukuraho ingaruka z’igicumuro. Yoba none izobikora? Emwe, Bibiliya iremeza ko izobikora!

“Urupfu azorumira miyonzwa gushitsa ibihe bidahera”

Imana iramaze gukora ikintu gihambaye kugira ngo ikureho igicumuro n’urupfu. Yararungitse Yezu Kristu kugira ngo atange ubuzima bwiwe ku bwacu. None urupfu rwa Yezu rudufasha gute? Yezu yavutse atagira akanenge kandi “nta gicumuro yakoze.” (1 Petero 2:22) Yari ashoboye rero kubaho ibihe bidahera ari umuntu atagira akanenge. None yakoresheje gute ubwo buzima bwiwe butagira akanenge? Yarabutanze abikunze kugira bube incungu y’ibicumuro vyacu. Egome, Yezu yatanze ubuzima bwiwe “bwa ncungu ya benshi.” (Matayo 20:28) Vuba iyo ncungu igiye kuzokoreshwa bimwe bishitse ku neza yacu. None ivyo bishobora gutuma uharonkera ivyiza ibihe? Raba ico ibi vyanditswe bivuga:

  • “Imana ya[ra]kunze isi cane ku buryo yatanze Umwana wayo w’ikinege, kugira ngo umuntu wese amwizera ntarandurwe ahubwo aronke ubuzima budahera.”Yohani 3:16.

  • “Emwe, urupfu azorumira miyonzwa gushitsa ibihe bidahera, kandi Umukama Segaba Yehova azohanagura koko amosozi mu maso ha bose.”—Yesaya 25:8.

  • “Urupfu ni we mwansi wa nyuma azokurwaho.”1 Abakorinto 15:26.

  • “Ihema ry’Imana riri kumwe n’abantu . . . Kandi izohanagura amosozi yose ku maso yabo, kandi urupfu ntiruzoba rukiriho.”Ivyahishuwe 21:3, 4.

Ushobora kubaho igihe kingana gute? Inyishu Bibiliya itanga iratomoye: Abantu barashobora kugira icizigiro co kubaho ibihe bidahera, kikaba kizoranguka Imana niyamara gukuraho ububisha bwose kw’isi. (Zaburi 37:28, 29) Ico cizigiro gihambaye cane ni co Yezu yari afise ku muzirikanyi igihe yabwira umugabo yari amanitswe iruhande yiwe, ati: “Uzoba uri kumwe nanje muri Paradizo.”—Luka 23:43.

Egome, icipfuzo abantu bafise co kubaho ibihe bidahera twarakiremanywe kandi kirashoboka. Imana ni ko yaturemye! Kandi ico cipfuzo azogishitsa. (Zaburi 145:16) Ariko rero, hari ico natwe dutegerezwa gukora. Nk’akarorero, turakeneye kwizera Imana. Mu Baheburayo 11:6 hagira hati: “Ata kwizera ntibishoboka kuyihimbara rwose, kuko uwegera Imana ategerezwa kwemera yuko iriho be n’uko ihemba abayironderana ubwira.” Ukwo kwizera si ugupfa kwemera, ahubwo ni ukujijuka ukoresheje ubwenge ufatiye ku bumenyi butagira amakosa bwo muri Bibiliya. (Abaheburayo 11:1) Nimba wipfuza kugira ukwizera nk’ukwo, tukuremesheje kuvugana n’Ivyabona vya Yehova bo ng’aho mu karere iwanyu canke uje ku muhora wacu wo kuri Internet www.mt1130.com.

^ par. 21 Ubugarariji bwa Adamu na Eva bwaravyuye ibibazo bikomeye ku bijanye n’Imana, bino bikaba vyerekeye ikibereye n’ikitabereye. Ivyo bibazo birasigura igituma Imana yabaye irareka ubukozi bw’ibiki burabandanya, bikaba vyihwezwa mu gitabu gifasha kwiga Bibiliya citwa   Urashobora kugisanga ku muhora wo kuri Internet www.mt1130.com.