Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

 VYOBA VYARIYADUKIJE?

Agahori kumva bimwe bidasanzwe

Agahori kumva bimwe bidasanzwe

AKO gahori ko muri Amerika y’Epfo (Copiphora gorgonensis) gafise amatwi y’uburebure budashika imilimetero imwe, ariko akora mu buryo busa cane n’ukuntu amatwi y’umuntu akora. Ako gahori karashobora gutandukanya amajwi y’ubwoko butari bumwe aba aturutse kure cane. Nk’akarorero, karashobora gutandukanya ijwi ry’agahori kagenzi kako n’ijwi ry’agahungarema kariko karahiga, rino rikaba ari ijwi umuntu adashobora kwumva.

UGUTWI KW’AKO GAHORI

Rimbura ibi: Amatwi y’ako gahori ari ku tu- guru twako tubiri tw’imbere. Cokimwe n’ugutwi kw’umuntu, ugutwi kw’ako gahori kurakira amajwi, kukayahinyanyura akaja mu yindi mero, kukongera kugasuzuma urugero rwayo. Ariko abanyasiyansi barubuye agahimba kadasanzwe mu gutwi kw’ako gahori: ni agahimba kameze nk’agapurizo karekare kanihiriye utuntu tumeze nk’amazimazi. Ako gahimba bise ngo ni agasaho k’amajwi gakora nk’agahimba kitwa cochlée ko mu gutwi kw’umuntu be n’ukw’ibikoko vyonsa; ariko koko ni gatoya cane ugereranije n’ak’umuntu be n’ak’ibikoko vyonsa. Ako gasaho k’amajwi ni ko gatuma ako gahori kagira ubushobozi budasanzwe bwo kwumva.

Umwigisha yitwa Daniel Robert wo mu gisata cerekeye ibinyabuzima co kuri kaminuza y’i Bristol mu Bwongereza, avuga yuko ico kintu cubuwe kizofasha abahinga “guhingura udukoresho dutoduto cane dufasha kwumva amajwi kandi dukora neza gusumba utumaze guhingurwa twose, bakaduhingura bafatiye ku tunyabuzima tumwetumwe.” Abashakashatsi biyumvira kandi yuko ivyo bizobafasha guhingura ubwoko bushasha bw’ivyuma vyumva amajwi ugutwi kw’umuntu kudashobora kwumva, ushizemwo n’ivyuma vyerekana amashusho bikoreshwa mu bitaro.

None uvyibazako iki? Ubushobozi budasanzwe bwo kwumva ako gahori gafise, coba ari ikintu ciyadukije? Canke hariho uwagishizeho?