Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

 KAHISE KATWIGISHA IKI?

William Whiston

William Whiston

William Whiston yari umuhinga mu vya siyansi n’ibiharuro, umukuru mw’idini n’umwanditsi yanditse ibitabu bitari bike. Yarakoranye n’umuhinga mu vya fizike n’ibiharuro w’Umwongereza yitwa Isaac Newton. Mu 1702, Whiston yarasubiriye Newton mu kibanza c’umwigisha akomeye w’ibiharuro kuri kaminuza y’i Cambridge mu Bwongereza. Bamwebamwe mu ncabwenge zikomeye mu vya siyansi no mu vy’ubuhinga bwa none barigeze guhabwa ico kibanza.

ABANTU benshi, na canecane abatohoza Bibiliya, barazi ko Whiston yashize mu congereza ivyanditswe n’umuhinga mu vya kahise wo mu kinjana ca mbere yitwa Flavius Josèphe. Igitabu yabisohoyemwo (The Works of Josephus) kiratanga amakuru atari make ku bijanye na kahise k’Abayahudi be n’abakirisu bo mu ntango.

IVYO WHISTON YEMERA

Ubwenge Whiston yari afise yarabukoresheje mu kwiga ibintu vyinshi, na canecane ivya siyansi n’ivy’idini. Yaremera ko inkuru yo muri Bibiliya yerekeye irema ivuga ukuri be n’uko ibiriho bifise uwabishizeho kubera ukuntu bikozwe, ukuntu bimeze neza kandi bikaba birimwo urutonde.

Vyongeye, Whiston yabona ko amadini y’abiyita abakirisu yari yarigabaguye kubera ko abakuru bayo bari barataye Bibiliya. Bashima kwigisha inyigisho zidashingiye kuri yo be n’imigenzo yashinzwe n’inama za Ekleziya be n’abatanguje Ekleziya.

Kubera ko Whiston yabona ko Bibiliya ari igitabu gihishura ukuri kwereye Imana, yaranse kwemera inyigisho y’ukubabarizwa mu muriro udahera. Yabona ko iyo nyigisho itumvikana, itaranga ikigongwe be n’uko itukisha Imana. Ariko ikintu canecane catumye atavuga rumwe n’abakuru ba Ekleziya n’uko yanse kwemera Ubutatu. Abemera Ubutatu bavuga ko Imana igizwe n’abaperesona batatu bangana kandi bahoraho ari bo Data, Mwana na Mutima Mweranda. Mugabo bavuga ko Imana ari imwe gusa, atari zitatu.

 ‘UMWIGISHA RURANGIRANWA ASIGARA ARI IGICIBWA’

Whiston amaze kugira ubushakashatsi bwitondewe, yabonye yuko abakirisu bo mu ntango batigisha Ubutatu ahubwo ko bwatanguye kwigishwa igihe filozofiya y’abapagani yinjira mu nyigisho z’abakirisu. * Abagenzi baramugabishije ngo ntasohore ivyo yubuye kuko vyarimwo akaga, mugabo Whiston yaranse kwirengagiza ivyo yabona ko ari ikinyoma ku bijanye na Yezu uwo ari we, ni ukuvuga Umwana w’Imana akaba n’ikiremwa mu bindi.

Kubera ko kaminuza y’i Cambridge yari isanzwe itihanganira umuntu wese yigisha ibitandukanye n’inyigisho z’ishengero rya Angilikani, Whiston yarashobora guca akurwa mu kazi. Ariko ivyo ntivyatumye Whiston anuma nka Newton. Newton na we nyene yarabona ko Ubutatu ari inyigisho y’ikinyoma mugabo agatinya gushira ahabona ivyiyumviro vyiwe. Whiston yanditse ko ‘ata kintu na kimwe co muri iyi si comubuza’ gushira ahabona ivyo yemera.

Whiston “yaratakaje ikibanza co kuba umwigisha rurangiranwa muri kaminuza asigara ari igicibwa” kubera ko yanse kwihakana ivyo yemera

Mu 1710, Whiston yarirukanywe kuri ya kaminuza y’i Cambridge. “Yaratakaje ikibanza co kuba umwigisha rurangiranwa muri kaminuza, asigara ari igicibwa” kubera ko yanse kwihakana ivyo yemera. Yamara ivyo ntivyatumye asha coba. Nkako, igihe yagirizwa inyigisho z’icaduka, yaranditse urukurikirane rw’ibiganiro yise Ugusubiza umutamana ubukirisu bwo mu ntango (Primitive Christianity Revived), bumwe bwaranga abayoboke ba Yezu bo mu ntango. Mu nyuma, Whiston yarashinze ishirahamwe ry’abarondera gusubiza umutamana ubukirisu bwo mu ntango, bakaba bakoranira muhira iwe i Londres.

Naho Whiston yatakaje akazi ko kwigisha kuri kaminuza akamara n’igihe amerewe nabi mu vy’ubutunzi, yarabandanije kwandika no gushikiriza ivyiyumviro vyiwe mu bibanza abantu bafatiramwo agakawa i Londres. Mu 1737, yarasohoye mu congereza ivyo wa muhinga mu vya kahise yitwa Josèphe yanditse. Igitabu yabisohoyemwo carafashije abantu gutahura ukuntu ibintu vyari vyifashe mu gihe c’abakirisu bo mu ntango, kikaba caracapuwe kuva ico gihe.

Umwanditsi yitwa James E. Force avuga ko abantu benshi muri iki gihe babona yuko Whiston yari “umuntu akavya,” kubera ukuntu yarinduka agashikiriza ivyiyumviro vyiwe naho bitashimwa na benshi. Ariko rero, abandi babona ko yari umuhinga mu vya Bibiliya yarondera ukuri kwerekeye Imana ata buryarya, akaba n’umuntu yari yiyemeje kubaho yisunga ivyo yemera.

^ par. 10 Bibiliya iratomora neza akaranga k’Imana. Wipfuza kumenya vyinshi, ja kuri jw.org. Raba ahavuga ngo INYIGISHO ZO MURI BIBILIYA > INYISHU Z’IBIBAZO BISHINGIYE KURI BIBILIYA.