Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Amaso aruta umutumba!

Amaso aruta umutumba!

BENSHI bovuga ko ako gakoko karyoshe kuraba, abandi bakavuga ko ari kabi. Gafise utuguru tureture, ubwoya bworoshe n’amaso manini cane akayangana. Kareha na santimetero nka 12,5 kagapima amagarama nka 114. Ako gakoko ni nyabaki? Ni agakoko ko mu bwoko bw’inkende kitwa tarsier.

Reka twihweze kamwe mu dukoko mwene utwo gakomoka muri Filipine. Uravye amaso yako, amatwi yako, amaguru n’amaboko vyako, ibirenge vyako be n’umurizo wako, ubona umengo ni binini cane ugereranije n’umutumba wako mutoyi cane. Naho kameze ukwo, ukihweje neza usanga karemwe mu buryo butangaje.

AMATWI: Amatwi yako afise intimbatimba ntoyi cane. Karayazinga, kakayazingurura kakongera kakayahindukiza kugira kumve n’utujwi tugoye kwumva. Ubwo bushobozi bukomeye gafise bwo kwumva buragafasha kumenya ahari ico korya bukongera bukagakingira ibikoko vyokarya, nk’intambwe canke ingwe. Bumaze kugoroba, karumva amajwi y’uduhori, y’umuswa, y’ibivumvuri, y’inyoni n’ay’ibikere. Gaca rero gahindukiza umutwe kakarabisha amaso yako manini ku co gashaka kurya.

KARAFATA KAKAGUMYA: Ibiganza vy’ako gakoko bikozwe ku buryo bikorohera cane gufata udushami tw’ibiti. Ubusunwa bw’intoke zako buriko uduhirohiro tudasanzwe dufata ku kintu nka kurya imirongorongo y’ipine ry’umuduga ituma ritanyerera mw’ibarabara. Ako gakoko gategerezwa kuguma gafashe cane ku giti n’igihe kaba gasinziriye. Uduhirohiro two ku ruhande ruraba hasi rw’umurizo wako turatuma gafata ku giti kakakigumya gushika kavyutse.

AMASO: Mu bikoko vyose vyonsa, ako gakoko ni ko gafise amaso manini cane ugereranije n’ingene umutumba wako ungana. Nkako, ijisho ryako ni rinini kuruta n’ubwonko bwako! Amaso yako ntashobora guhindukira. Yama araba imbere. Ivyo vyoba none bikabera intambamyi? Habe namba. Naho amaso yako adahindukira, izosi ryako ryoryo riranonotse cane ku buryo gashobora guhindukiza umutwe rwose, mu maso hako hakaraba inyuma.

KARABANGUTSE: Utuguru tureture tw’ako gakoko dutuma kagira inguvu zo gutaruka gushika ku metero 6, iziruta incuro zirenga 40 uburebure bwako! Igihe ako gakoko kariko karahiga mw’ijoro, gataruka kagoroye udutoke twako kugira gacakire ata guhusha ico karya.

Ako gakoko ni gake karamba iyo kugaraniwe ahantu. Imvo imwe ibituma ni uko gakunda kurya udukoko tukiri tuzima tuguruka, kakaba kandi kanka ko bagakorako. Naho ari ukwo, Abanyafilipine barakunda cane ako gakoko kadasanzwe. Ibihimba nka vyose vy’umubiri w’ako gakoko k’amaso manini ko mw’ishamba biratangaje cane.