Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Udukuru tw’irya n’ino

Udukuru tw’irya n’ino

Muri Israyeli, Yordaniya na Palestina

Ikiyaga c’Umunyu kiguma kigabanuka imetero imwe ku mwaka. Hari abatinya ko mu mwaka wa 2050 kizoba cakamye kikazimangana. Abategetsi bo muri ivyo bihugu bariko bariga ico kibazo. Uburyo bumwe biyumviriye ni ugukura amazi mu Kiyaga Gitukura, bakayakuramwo umunyu kugira abantu bayakoreshe, ibisigarira vyayo birimwo umunyu bigaca birungikwa mu Kiyaga c’Umunyu. Abadashigikira ico ciyumviro bavuga ko ivyo vyobangamira ibinyabuzima bidasanzwe vyo muri ico Kiyaga c’Umunyu.

Mu Budagi

Itohoza rimwe ryagizwe n’ishirahamwe ry’ivya asiransi ryerekanye ko kuri Noweli, igitigiri c’abinjira ibitaro kubera bafashwe n’indwara y’umutima ciyongerako hafi ica gatatu c’abo bishikira mu bindi bihe vy’umwaka. Iryo shirahamwe rivuga ko zimwe mu mvo nyamukuru zibituma ari imyitwarariko myinshi abantu bagira igihe barondera ingabirano zo gutanga kuri Noweli be n’ukuntu usanga incuti n’abagenzi babitegako ibirenze.

Mu Bwongereza

Agakoko kamwe ko mu bwoko bw’igifyera ko muri Islande, vyahora vyiyumvirwa ko kabayeho imyaka nka 405. Ariko abahinga bo mu Bwongereza baratangaje yuko igihe kahura n’isanganya kagapfa mu 2006, kari gafise imyaka 507. Kapfuye igihe abashakashatsi bagakonjesha kugira bakajane aho bagirira ubushakashatsi. Abahinga basanze ari ko gakoko karamba gusumba ibikoko vyose * bizwi.

Muri Amerika y’Epfo no mu mazinga ya Karayibe

Mu nama yabereye i Havane muri Kiba mu ntango z’uwu mwaka, ibihugu 33 vyo mu karere k’ibihugu vyo muri Amerika y’Epfo n’amazinga ya Karayibe vyatangaje ko akarere kavyo ari ‘akarere k’amahoro,’ kubera vyagize amasezerano yo gutorera umuti ivyo bipfa hatiriwe harakoreshwa inguvu. Umunyamabanga mukuru w’Ishirahamwe mpuzamakungu ONU Ban Ki-moon ni ho yari.

^ par. 7 Ariko aho ntitwashizemwo utunyabuzima usanga tubaho turundaniye hamwe, nk’akarorero utunyabuzima two mu mazi twitwa corail, utwiyumvirwa ko tumaze imyaka ibihumbi.