Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

IKIGANIRO GIHUYE N’IBIRI KU GIPFUKISHO | BIBILIYA YOBA IGIFISE AKAMARO?

Ivyo ivuga ni kirumara kandi ntibita igiheUrukundo

Ivyo ivuga ni kirumara kandi ntibita igiheUrukundo

ICO BIBILIYA IVUGA: “Mwambare urukundo, kuko urukundo ari umugozi utagira akanenge wunga ubumwe.”Abakolosayi 3:14.

IVYIZA BIVAMWO: Urukundo ruvugwa cane muri Bibiliya, si rumwe ruba hagati y’abadasangiye igitsina. Ahubwo ni urukundo rwisunga ingingo ngenderwako, rukaba rurangwa na kamere nk’impuhwe, uguharira abandi, ukwicisha bugufi, ukudahemuka, ubuntu, ubwitonzi n’ukwiyumanganya. (Mika 6:8; Abakolosayi 3:12, 13) Mwene urwo rukundo ntirumeze nka rumwe rw’igihababu rutamara na kabiri. Rworwo rubandanya rwongerekana.

Brenda, uwumaze imyaka hafi 30 yubatse, avuga ati: “Urukundo muba mufitaniye mukimara kurushinga nta ho rusa rusana n’urwo mugira uko mumarana igihe.”

Sam, uwumaze imyaka irenga 12 arushinze, agira ati: “Twe n’umukenyezi wanje twama duhimbarwa cane, mbere tukanatangara, turavye ukuntu impanuro Bibiliya itanga ari ngirakamaro n’ukuntu zoroshe! Uzikurikije, ibintu bica bigenda neza. Noshima kuvuga ko nama ndazishira mu ngiro, ariko biramaze gushika sindazikurikize, nk’igihe mba numva akantu kose kanshavuza, igihe niyumvira ivyanje gusa canke ndushe. Iyo bishitse, nca nsaba Yehova ngo amfashe kwikuramwo ivyiyumviro bibi. Nca ngumbira umukenyezi wanje, mu kanya gato ingorane ikaba iheze, ukamengo nta cigeze!”

“Ubukerebutsi bwerekanwa ko bugororotse n’ibikorwa vyabwo”

Yezu Kristu yavuze ko “ubukerebutsi bwerekanwa ko bugororotse n’ibikorwa vyabwo.” (Matayo 11:19) Dufatiye kuri ayo majambo, biribonekeza ko ubukerebutsi dusanga muri Bibiliya ari ubw’ukuri. Ivyo yigisha n’impanuro itanga ni kirumara. Ntivyigera bita igihe. Biragirira akamaro abantu bo mu mico kama yose n’ibihugu vyose. Uravye ukuntu ivyo Bibiliya yigisha bihuje neza n’ingene abantu bameze, biribonekeza ko yavuye ku wurengeye abantu, na we akaba ari Umuremyi wacu Yehova Imana. Ariko ivyo ubibona ari uko ushize mu ngiro ivyo ivuga. Ni co gituma Bibiliya iduhimiriza iti: “Nimuhonje, mubone ko Yehova aryoshe.” (Zaburi 34:8) Woba uzobikora?