Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

“Imana iriko iradufasha gusubirana”

“Imana iriko iradufasha gusubirana”

NATALYA n’agahungu kiwe k’imyaka icenda kitwa Aslan bari batunye iruhande ya Zarina n’umukobwa wiwe w’imyaka 12 yitwa Anzhelika. Hari n’abandi bana n’abakuze barenga 1.000 bari bicaye iruhande yabo, bacunzwe n’abantu bitwaje ibirwanisho bikomeye bari bateye.

Hari ku wa gatatu itariki 1 Nyakanga 2004, abana n’abavyeyi bakaba bari bagiye guhimbaza umusi wa mbere w’umwaka w’ishure i Beslan, agasagara ko muri Ossétie du Nord-Alanie, mu Burusiya. Bagiye babona abantu bitwaje ibirwanisho bambaye n’amabombe babashwayemwo, barasa hejuru bongera basemerera. Bari abantu barenga 30. Baciye bashorera abari ng’aho bose bari batekewe n’ubwoba, babajana mu nyubakwa yo kwinonoreramwo imitsi yo kuri iryo shure, baca babakikuza amabombe.

Ibintu bikomera

Haciye haca imisi itatu izo nkozi z’ikibi n’abasoda bataratangura gutana mu mitwe. Natalya yigana ati: “Sinari bwigere nsenga cane nk’uko nasenze uwo musi.” Ico gihe Natalya yariga Bibiliya n’Ivyabona vya Yehova.

Ici ryari rigeze kure. Muri ya nyubakwa harashushe biteye ubwoba. Kuva mu gitondo c’umusi ugira kabiri, izo nkozi z’ikibi zaranse guha ibifungurwa canke amazi abo bantu zari zafashe. Ku musi ugira gatatu, hakaba hari ku wa gatanu, hari abaciye batangura kunywa amasobwe no kurya amashurwe abana bari bazaniye abigisha babo. Natalya yigana ati: “Hari agahungu kari kicaye hafi yanje kampaye ibabi. Naciye ndaricamwo kubiri, igice kimwe ndagiha Anzhelika, ikindi ndagiha Aslan.”

Kuri uwo musi ugira gatatu, imishamirano yahavuye itangura. Natalya yigana ati: “Twagiye twumva ibintu bituritse, nca ndagwa hasi. Ivyotsi vyaciye vyuzura, amasasu atangura kwasana.” Igihe abasoda bariko bararasana n’izo nkozi z’ikibi, Natalya na Aslan baciye bagenda bavūra barayanyaga. Umugabo wo muri ako karere yitwa Alan yaciye abahungisha. Ariko abandi benshi ntivyakunze ko bavayo.

Ingaruka zavyo

Anzhelika yarahitanywe n’imishamirano

Harapfuye abana n’abakuze amajana, ushizemwo na Anzhelika. Amarira n’amaborogo vyamaze amayinga vyumvikana i Beslan. Uri mu nzu ya Natalya, urabona neza ibisigarira vya rya shure. Naho bahavuye bubaka irindi shure mu micungararo, Aslan vyaranse ko yinjirayo. Ntiyanaja hanze gukina. Natalya avuga ati: “Twaringinze Yehova ngo amufashe gutsinda ubwoba.” Aslan yahavuye arya umutima amenyo arasubira kw’ishure.

Natalya na we, kwitaba amakoraniro Ivyabona vya Yehova bagirira ku Ngoro y’Ubwami ni vyo vyamubereye urugamba. Yigana ati: “Igihe cose naba ndi kumwe n’abantu benshi mu nyubakwa ntoyi, naca nishiramwo yuko duhava duterwa. Narasenga nsaba ngo ntibibe. Haciye igihe gito, narahevye kwitaba amakoraniro. Vyongeye, nibutse ko benshi bahasize ubuzima twebwe tukarusimba, vyarambabaza.”

Ugusubirana

Natalya avuga ati: “Ndashimira cane abo mw’ishengero babandanije kumfata mu mugongo. Icabona ca Yehova yitwa Tatyana yama aza kundaba uko haciye imisi itatu. Mu nyuma, yarazananye n’uwundi yitwa Ulyana afise umutima mwiza, yigengesera kandi yivugira bukebuke, akaba yari azi neza Bibiliya. Yarankeje ku kigoro nari maze kugira yongera arantega ugutwi koko.

“Kuvuga ivyabaye uwo musi ntibikintera ubwoba canke intuntu”

“Ulyana yaransomeye amajambo intumwa Paulo yavuze mu 2 Abakorinto 1:9 inyuma y’icago camushikiye muri Aziya. Paulo yavuze ati: ‘Twiyumvisemwo ko twari twaciriwe urubanza rwo gupfa.’ Yaransomeye no muri Yesaya 40:31, ahavuga hati: ‘Abizigira Yehova bazosubira kugira ububasha. Bazodugisha amababa nk’inkona.’ Mwene ivyo vyanditswe hamwe n’indemesho Ulyana n’abandi bagumye bampa, vyarankomeje ndasubira kwitaba amakoraniro yo gusenga ndi kumwe n’abana banje. Naho ari ukwo, ndacabura amahoro iyo ndi mu nyubakwa ikoraniramwo abantu.”

Zarina yahavuye aba Icabona ca Yehova, kandi arashashaye gusanganira Anzhelika niyazukira kuba kw’isi y’akaroruhore irangwa amahoro izoba itwarwa n’Ubwami bw’Imana. (Matayo 6:9, 10; Ivyakozwe 24:15) Natalya n’abana biwe babatijwe mu 2009. Baracaba hafi y’ibisigarira vya ya nyubakwa yo kwinonoreramwo imitsi, ariko amabi yahabereye ntakibatuntuza cane. Natalya avuga ati: “Kuvuga ivyabaye uwo musi ntibikintera ubwoba canke intuntu. Imana iriko iradufasha gusubirana.”