BE MASO! Nyakanga 2015 | Ingene ukwiye kubona amahera

Kubona amahera ukutari kwo birashobora guhindura uko umeze.

IKIGANIRO GIHUYE N’IBIRI KU GIPFUKISHO

Ingene ukwiye kubona amahera

Hariho ibibazo indwi vyogufasha gusuzuma nimba woba usigaye ubona amahera ukutari kwo.

UDUKURU TW’IRYA N’INO

Uko vyifashe mu bihugu vy’abarabu

Ibiba muri kamwe mu turere two kw’isi katanguye kubamwo abantu biremeza ko Bibiliya ivuga ukuri.

ICOFASHA UMURYANGO

Gusaba imbabazi

Bite ho igihe atari jewe ndi mw’ikosa?

KAHISE KATWIGISHA IKI?

Herodote

Yiswe Se w’inkuru z’ivya kahise, bikaba biboneka ko yamaze ubuzima bwiwe bwose yandika igitabu kimwe gusa.

IBIHUGU N’ABABIBAMWO

Tuje muri Nikaragwa

Ni co kiyaga conyene gifise amazi atarimwo umunyu mugabo kikabamwo ibifi vyo mu mabahari nka requin, espadon, na tarpon.

TWISUNZE BIBILIYA

Ubukene

Abantu bakenye cane boba bashobora guhimbarwa?

VYOBA VYARIYADUKIJE?

Utunyabuzima tuzimanganya ibitoro

Ni gute utwo tunyabuzima dusukura neza ahasesetse ibitoro utugereranije n’ubuhinga bukoreshwa muri iki gihe?

Ibindi usanga kuri internet

Abakiri bato baravuga ibijanye n’amahera

Raba impanuro zijanye no kuziganya amahera, kuyakoresha no kuyabona mu buryo bubereye.

Nube umwana mwiza kandi utize abandi

Raba ingene Kalebu na Sonia banezerwa cane igihe batizanya ivyo bafise.