Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Ikintu cibonekeza cane mu Kiyaga Nikaragwa ni izinga Ometepe, rikaba ari izinga rinini ritotahaye rifise ibirunga bibiri amahero bifatanijwe n’agace k’ubutaka

IBIHUGU N’ABABIBAMWO

Tuje muri Nikaragwa

Tuje muri Nikaragwa

NIKARAGWA abantu bakunze kuyita igihugu c’ibiyaga n’ibirunga. Ico gihugu ni co kirimwo ikiyaga kinini kuruta ibindi vyose muri Amerika yo hagati: Ikiyaga Nikaragwa. Abantu baho bacise Cocibolca, bisobanura ngo “Ikiyaga gisosa.” Kirimwo amazinga amajana kandi ni co kiyaga conyene gifise amazi atarimwo umunyu mugabo kikabamwo ibifi vyo mu mabahari nka requin, espadon, na tarpon.

Ishurwe ryitwa frangipani ni ryo riranga igihugu ca Nikaragwa

Muri Nikaragwa kandi ni ho hari akarere ko muri Amerika yo hagati kari ukwa konyene gusumba utundi. Ni akarere kari ku nkengera y’ibahari kegukira aba Miskito. Ako karere kareha n’ibilometero 65 kakaba gaca ku nkengera yo mu buseruko kakagenda gushika mu gihugu kibanyi ca Honduras. Aba Miskito ni umwe mu migwi myinshi y’abantu b’imvukira bo muri Nikaragwa babayeho imbere yuko Abanyaburaya bashikayo mu kinjana ca 16.

Aba Miskito barakundana cane kandi bafise imico bisangije. Nk’akarorero, mu rurimi rwabo nta majambo bafise yo guhamagara umuntu akuruta nka “Mushingantahe” canke “Mupfasoni.” Mu gihugu hagati, abakiri bato bahamagara abakuze ngo “Muyomba” canke “Senge,” naho boba atari incuti zabo. Hari umugenzo wa kera abakenyezi b’aba Miskito bafise wo kuramutsa umugenzi ashika canke incuti mu gukoza itama ryiwe ku ry’uwundi, uwatanguye agaca akwega impemu nk’uwimotereza.

Abantu b’imvukira

Ibitabu bishingiye kuri Bibiliya vyo mu ndimi zitwa mayangna na miskito, vyasohowe n’Ivyabona vya Yehova