Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Wari ubizi?

Wari ubizi?

Uretse ibivugwa muri Bibiliya, hoba hari ibindi bimenyamenya vyerekana ko Abisirayeli babaye abashumba mu Misiri?

Bibiliya ivuga ko inyuma y’aho Abamidiyani batwariye Yozefu mu Misiri, umwe sekuruza w’imiryango Yakobo be n’umuryango wiwe bavuye i Kanani bakimukira mu Misiri. Bacumbitse mu karere ko mu Misiri kitwa Gosheni, aho uruzi Nili rushamikira imbere yo kwisuka mu Kiyaga Mediterane. (Ita. 47:1, 6) Abisirayeli “[bagumye] bagwira bongera barushiriza gukomera.” Ivyo vyatumye Abanyamisiri batinya Abisirayeli, baca babagira abashumba.​—Kuv. 1:7-14.

Abahinga bamwebamwe banegura Bibiliya, bavuga ko iyo nkuru ari igitito. Yamara rero, hariho ibimenyamenya vyerekana ko Abasemite * babaye abashumba mu Misiri ya kera.

Nk’akarorero, abahinga mu vy’ubucukuzi barubuye mu buraruko bwa Misiri, ibisigarira vy’ibibanza abantu babamwo kera. Umuhinga mu vya Bibiliya yitwa John Bimson avuga yuko muri ako karere hari ibisigarira vy’ibibanza 20 canke birenga Abasemite babayemwo. Vyongeye, uwundi muhinga mu vya kahise ka Misiri yitwa James K. Hoffmeier avuga ati: “Mu kiringo co kuva mu 1800 gushika mu 1540 imbere ya Kristu, mu Misiri harakwegēra cane abantu bo burengero bwa Aziya bavuga ururimi rw’igisemite, ku buryo hari abimukiyeyo.” Yongerako ati: “Ico kiringo kirahuye n’ikiringo bivugwa ko ari ica ba sekuruza b’imiryango, kikaba rero gihuye n’ikiringo be n’ibintu bivugwa mw’⁠Itanguriro.”

Hari n’ibindi bimenyamenya vyo mu bumanuko bwa Misiri. Hari impapuro zo mu rufunzo zo hagati y’umwaka wa 2000 na 1600 imbere ya Kristu, ziriko amazina y’abashumba bakorera mu rugo rumwe rwo mu bumanuko bwa Misiri. Ayarenga 40 muri ayo mazina ni ay’Abasemite. Abo bashumba, ari bo basuku, bakoreshwa mu bikorwa vyo guteka, kujisha no mu bindi bikorwa vy’umuruho. Wa muhinga Hoffmeier avuga ati: “Kubona Abasemite barenga mirongo ine bakorera mu rugo rumwe rwo mu karere ka Thebaid [mu bumanuko bwa Misiri], vyerekana ko igitigiri c’abari mu gihugu cose ca Misiri, na canecane mu karere uruzi Nili rushamikiramwo, cari kinini cane.”

Umuhinga mu vy’ubucukuzi yitwa David Rohl avuga ko amazina amwamwe y’abo bashumba “yaturwa cokimwe n’ayo muri Bibiliya.” Nk’akarorero, za mpapuro ziriko amazina agomba gusa n’aya: Isakari, Asheri, na Shifura. (Kuv. 1:3, 4, 15) Yongerako ati: “Ico ni ikimenyamenya ntaharirizwa cerekana ko Abisirayeli babaye abashumba mu Misiri.”

Wa muhinga mu vya Bibiliya Bimson avuga ati: “Kahise karashingira intahe inkuru zo muri Bibiliya zivuga ibijanye n’ubushumba mu Misiri be no Kuvayo.”

^ ing. 4 Izina Abasemite rikomoka kw’izina Shemu, umwe mu bahungu batatu ba Nowa. Mu bakomotse kuri Shemu hashobora kuba harimwo Abelamu, Abashuri, Abakaludaya ba kera, Abaheburayo, Abasiriya, n’imiryango itandukanye y’Abarabu.