Abakirisu boba bakwiye gusengera mu bibanza vyeranda?
BURI mwaka abantu barenga imiliyoni zitandatu barafata urugendo bagiye ahantu hari ibiti vy’isederi biri ukwa vyonyene i Shima mu Buyapani. Baba baje mu kibanza citwa ko ari ceranda mu gisagara ca Ise. Abashinto baramaze imyaka nk’ibihumbi bibiri bahasengera Amaterasu Omikami imanakazi zuba. Abo bantu barabanza bakityorora mu gukaraba no mu kwiyugumura. Baca bahagarara imbere y’urusengero maze bakaza barunama, bakoma amashi bongera basenga iyo manakazi. * Abashinto bararekurira abayoboke babo kugira imigenzo y’ayandi madini kandi ababuda bamwebamwe, abitwa abakirisu n’abandi baraza kugira iyo migenzo y’abashinto.
Menshi mu madini akomeye yo kw’isi usanga afise ibibanza vyitwa ko ari vyeranda * bigenderwa n’abantu amamiliyoni. Mu bihugu vy’abiyita abakirisu hariyo amasengero n’ibibanza vyeranda vyinshi vyeguriwe Yezu, Mariya hamwe n’aberanda. Ahandi na ho usanga bene ivyo bibanza ari ivyabereyemwo ikintu kivugwa muri Bibiliya, ahaheruka kubera ivyitwa ibitangaro canke ahabitswe ibisigarira vy’aberanda. Abaja muri ivyo bibanza baba bibaza ko ari ho amasengesho yabo yumvirwa. Abandi na bo baragira urugendo rurerure baja kuri ivyo bibanza kugira berekane ishaka bafise mu vy’Imana.
None amasengesho yacu yoba yumvirwa igihe turinze kuja muri ivyo bibanza vyeranda? Imana yoba ihimbarwa n’umwete w’abagira ingendo baja muri ivyo bibanza? N’igihambaye kuruta, abakirisu boba bakwiye gusengera muri ivyo bibanza? Inyishu z’ivyo bibazo ntizidufasha gusa gutahura ukuntu twobona ugusengera mu bibanza vyitwa ko ari vyeranda ariko kandi ziradufasha kumenya uburyo bwo gusenga bushimwa n’Imana.
GUSENGA “MU MPWEMU NO MU KURI”
Ikiganiro Yezu yagiranye na wa Musamariyakazi kirerekana ukuntu Imana ibona ugusengera mu bibanza vyitwa vyeranda. Yezu ariko aca i Samariya, yararuhukiye kw’isôko ryari hafi y’igisagara c’i Sikara. Yaciye atangura kuganira n’umugore yari aje kuvoma. Bariko baraganira, uwo mugore yaravuze ikintu nyamukuru catandukanya ugusenga kw’Abayuda n’ukw’Abasamariya. Yavuze ati: “Ba sogokuruza bacu basengera kuri uyu musozi; mugabo mwebwe muvuga yuko i Yeruzalemu ari ho abantu babwirizwa gusengera.”—Yohani 4:5-9, 20.
Yohani 4:21) Vyari bitangaje kubona Yezu avuga amajambo nk’ayo, kandi ari Umuyuda! Kubera iki botegerejwe guhagarika gusengera ku rusengero i Yeruzalemu?
Uwo mugore yariko avuga Umusozi Gerizimu wari nko ku bilometero 50 mu buraruko bwa Yeruzalemu. Kuri uwo musozi ni ho hari urusengero Abasamariya bahimbarizamwo imisi mikuru nka Pasika. Ariko rero aho kwibanda ku vyo batahurizako, Yezu yabwiye uwo mugore ati: “Emera ivyo mvuze, mugore: Isaha igira igere, aho mutazosengera Data kuri uyu musozi canke i Yeruzalemu.” (Yezu yabandanije ati: “Isaha igira igere, kandi ni ubu, aho abasenga b’ukuri bazosenga Data mu mpwemu no mu kuri, kuko vy’ukuri mwene abo ari bo Data arondera ngo bamusenge.” (Yohani 4:23) Hari haciye ibinjana n’ibindi urwo rusengero ari co kibanza nyamukuru Abayuda basengeramwo. Barajayo gatatu mu mwaka gushikanira ibimazi Imana yabo Yehova. (Kuvayo 23:14-17) Ariko rero Yezu yavuze ko ivyo vyose vyohindutse maze “abasenga b’ukuri” bagasenga Imana “mu mpwemu no mu kuri.”
Urwo rusengero rw’Abayuda cari ikibanza abantu bose bashobora kubona. Ariko rero impwemu be n’ukuri si ibintu bifadika wobonesha amaso. Yezu rero yariko yerekana ko ugusenga kw’abakirisu b’ukuri kudashingiye ku kibanza kinaka, waba Umusozi Gerizimu, urusengero rw’i Yeruzalemu canke ikindi kibanza ceranda.
Mu kiganiro Yezu yagiraniye n’uwo musamariyakazi, yaravuze kandi ko “isaha” y’uko ivyo bihinduka “igira igere.” None ivyo vyobaye ryari? Iyo saha yageze igihe Yezu yapfa aba ahagaritse ugusenga kw’Abayuda kwari gushingiye ku mategeko Imana yatanze biciye kuri Musa. (Abaroma 10:4) Yamara Yezu yongeyeko ati: “Kandi ni ubu.” Kubera iki? Kubera ko Yezu we Mesiya yari yaramaze gutororokanya abigishwa bogamburutse itegeko yaciye atanga ati: “Imana ni Impwemu, kandi abayisenga bategerezwa kuyisenga mu mpwemu no mu kuri.” (Yohani 4:24) None bisobanura iki gusenga mu mpwemu no mu kuri?
Igihe Yezu yavuga gusenga mu mpwemu ntiyashaka kuvuga ivyo bakunze kwita ukuja mu mpwemu. Ahubwo yariko avuga ibijanye no kuyoborwa n’impwemu nyeranda yo ituma dutahura Ijambo ry’Imana. (1 Abakorinto 2:9-12) Ukwo kuri yariko aravuga na kwo ni ubumenyi butagira amakosa bwerekeye Ijambo ry’Imana. Imana ntiyemera ugusenga kwacu ngo ni uko dusengeye ahantu kanaka, ahubwo ikwemera igihe twisunga ivyo Bibiliya yigisha kandi tukayoborwa n’impwemu nyeranda.
UKO ABAKIRISU BAKWIYE KUBONA IVYO BIBANZA
Abakirisu boba bakwiye gusengera mu bibanza vyitwa ko ari vyeranda canke kugira ingendo baja muri bene ivyo bibanza? Twisunze itegeko Yezu yatanze ry’uko abasenga b’ukuri bakwiye gusenga Imana mu mpwemu no mu kuri, biragaragara ko Imana idashima ivyo gusengera muri bene ivyo bibanza. Vyongeye Bibiliya iratubwira ingene Imana ibona ivyo gukoresha ibishushanyo mu gusenga. Igira iti: “Muhunge ugusenga ibigirwamana” ikongerako iti: “Mwirinde ibigirwamana.” (1 Abakorinto 10:14; 1 Yohani 5:21) Ku bw’ivyo rero, umukirisu w’ukuri ntakwiye gusengera mu bibanza vyitwa ko ari vyeranda canke birimwo ibigirwamana.
Ariko rero ivyo ntibisobanura ko Imana yanka ko tugira ikibanza dukunda gusengeramwo, kwigiramwo no kuzirikaniramwo ibiyerekeye. Gukoranira ahantu hatekanye kandi hameze neza biratuma twiga Bibiliya tukongera tukayiganirako. Eka kandi si bibi gushira ku mva y’umuntu ikintu tumwibukirako. Ivyo bigirwa gusa kugira bitwibutse uwo muntu no kugira twerekane ko twamukunda. Yamara rero, gufata ico kibanza ko ari ceranda canke kuja gusengerayo birateye kubiri na ya majambo ya Yezu.
Ntutegerezwa rero gusengera mu kibanza citwa ko ari ceranda kugira Imana yumve amasengesho yawe. Vyongeye kugira urugendo uja mu kibanza ceranda ntibituma Imana igushima canke iguhezagira bidasanzwe. Bibiliya ivuga ko Yehova Imana, “yo Mukama w’ijuru n’isi, [ita]ba mu nsengero zakozwe n’amaboko y’abantu.” Mugabo ivyo ntibisobanura ko Imana iri kure yacu. Turashobora kuyisenga kandi ikatwumva aho twoba turi hose kuko “itari kure y’umwe wese muri twebwe.”—Ivyakozwe 17:24-27.
^ ing. 2 Ibigirirwa mu bibanza vyeranda bitandukanye vy’abashinto usanga atari bimwe.
^ ing. 3 Raba uruzitiro ruvuga ngo “ Ivyo bibanza ni ibihe?”