Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Wari ubizi?

Wari ubizi?

Igihe Yezu yakoresha ikigereranyo c’“utubwa” yoba yashaka gutukana?

Agakobwa gafise ikibunda: igishusho c’Abagiriki canke Abaroma (ikinjana ca 1 imbere ya Kristu gushika mu ca 2 inyuma ya Kristu)

Umusi umwe, Yezu yaravuye muri Isirayeli aja muri Siriya, intara y’Uburoma. Hari umugore w’umugirikikazi yamwegereye amusaba ko yomufasha. Inyishu Yezu yamuhaye yarimwo imvugo igereranya abatari Abayuda n’“utubwa.” Mu gihe c’Itegeko rya Musa, imbwa zari mu bikoko bihumanye. (Abalewi 11:27) None Yezu yoba yashaka gutuka uwo mugirikikazi be n’abandi bantu atari Abayuda?

Habe namba. Nk’uko Yezu yabisiguriye abigishwa biwe, yashaka kuvuga ko intumbero yiwe nyamukuru kwari ugufasha Abayuda. Yaciye rero abitangira ikigereranyo mu kubwira uwo mugirikikazi ati: “Si vyiza gufata umukate w’abana ukawuterera utubwa.” (Matayo 15:21-26; Mariko 7:26) Ku Bagiriki n’Abaroma, imbwa cari igitungwa gikundwa cane. Wasanga ibana na nyeneyo ikongera igakina n’abana. Ku bw’ivyo, imvugo ngo “utubwa” ishobora kuba yatuma babona mu bwenge igishika n’igikundiro. Nya mugirikikazi afatiye ku vyo Yezu avuze, yaciye asubizayo ati: “Egome, Mukama; ariko mu vy’ukuri utubwa twirira ku tuvunguka dukoroka tuva ku meza ya ba shebuja.” Yezu yarakeje uwo mugore kubera ukwizera kwiwe, aca arakiza umukobwa wiwe.​—Matayo 15:27, 28.

Iciyumviro ca Paulo co kwigiza inyuma urugendo rwo mu kiyaga, coba cari gifise ishingiro?

Igicapo gikorogoshoweko ubwato bunini (ikinjana ca 1 inyuma ya Kristu)

Ubwato bwari butwaye Paulo mu Butaliyano bwariko burarwana n’umuyaga ukaze. Igihe bahagarara ku kivuko, iyo ntumwa yaratanze iciyumviro c’uko urwo rugendo rwungururizwa ikindi gihe. (Ivyakozwe 27:9-12) Hoba none hari imvo yatumye atanga ico ciyumviro?

Abagenda n’ubwato kera bari bazi yuko kugendera mu Kiyaga Mediterane vyarimwo akaga mu mezi y’urushana. Kuva muri Munyonyo gushika muri Ntwarante rero, bafata ko ata bwato bugendera muri ico kiyaga. Urugendo Paulo yariko avuga rworwo rwabwirizwa kuba muri Nyakanga canke Gitugutu. Mu gitabu Epitome of Military Science, umwanditsi w’Umuroma Vegetius (ikinjana ca 4 inyuma ya Kristu), yarasiguye ibijanye n’ingendo zo muri ico kiyaga ati: “Mu mezi amwamwe haba hatekanye, mu yandi mezi hakaba hateye amakenga, mu yandi na ho hakaba hatagendwa.” Vegetius yavuze ko haba hatekanye ku wa 27 Rusama gushika ku wa 14 Nyakanga. Ariko haba hateye amakenga ku wa 15 Nyakanga gushika ku wa 11 Munyonyo, hakaba hatagendwa ku wa 11 Ntwarante gushika ku wa 26 Rusama. Paulo rero yari azi neza ivyo bihe kuko yari amenyereye ivy’ingendo. Naho uwatwara iyo meri be na nyeneyo na bo nyene batari babiyobewe, barirengagije impanuro ya Paulo. Amaherezo, ubwato bwarasavye.​—Ivyakozwe 27:13-44.