Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

INGENE WOKWIYIGISHA

Niwiyibutse ivyiyumviro nyamukuru

Niwiyibutse ivyiyumviro nyamukuru

Vyoba birashika ukibagira ivyo wari uhejeje kwiga? Twese biradushikira. None muri ico gihe wokora iki? Niwiyibutse ivyiyumviro nyamukuru.

Igihe uriko uriyigisha, nuze urafata akanya ko kuzirikana ku vyiyumviro nyamukuru wize. Ivyo ni vyo intumwa Pawulo yaremesheje abari gusoma ikete ryiwe, igihe yabandikira ati: «Iciyumviro nyamukuru ni iki.» (Heb. 8:1) Ivyo vyobafashije gutahura ivyo yariko arabasigurira no kubona ingene bifitaniye isano.

Na wewe uhejeje kwiyigisha, woshobora gusigaza akanya nk’ak’iminota cumi kugira ngo uzirikane ku vyiyumviro nyamukuru. Nimba utavyibuka, nusubire gusoma udutwe duto canke iryungane rya mbere ryo mu ngingo, kugira uvyiyibutse. Nimba hari ikintu gishasha wize, nurabe ingene wogisigura mu majambo yawe bwite. Niwiyibutsa ivyiyumviro nyamukuru, bizotuma utavyibagira vyongere bitume ubona ingene ivyo wize vyogufasha mu buzima bwawe.