Hulda yarashitse ku mugambi wiwe
NIMBA mu myaka mikeyi iheze vyarashitse ukagendera izinga rimwe ritoyi ryitwa Sangir Besar ryo muri Endoneziya, ushobora kuba warabonye bashiki bacu batatu bakorera ku nkengera y’ikiyaga. Muri iryo zinga barazwi cane kubera igikorwa bakora co gufasha abantu gutahura Bibiliya. Ico gihe hoho, bariko bakora ikindi gikorwa kitari ico.
Ubwa mbere, binjira mu kiyaga bakaropora amabuye bayashira ku musenyi. Amwamwe muri ayo mabuye yangana n’umupira w’amaguru. Baca bicara ku gatebe gatoyi maze bakayamenagura bakoresheje inyundo gushika abaye urucekeri. Bahejeje baca batekera urwo rucekeri mu ndobo za plastike bakarudugana muri etaje babamwo. Baca barupakira mu mifuko mininiminini maze amakamyo agaca aza kurutora rugakoreshwa mu gukora amabarabara.
Umwe muri abo bashiki bacu yari Hulda. Wewe yararonkera umwanya munini ico gikorwa gusumba abandi. Muri rusangi, amahera yakuramwo yayakoresha mu kuronsa umuryango wiwe ivyo ukenera buri musi. Ariko ico gihe hoho, yari afise uwundi mugambi. Yashaka kugura tablete kugira ashiremwo ka ga programa ka JW Library®. Hulda yari azi ko amavidewo be n’ayandi mayagwa biri muri ako ga programa, vyomufashije cane mu gikorwa ciwe co kwamamaza bikamufasha no kurushiriza gutahura Bibiliya.
Hulda yamaze ukwezi n’inusu buri gitondo amenagura amabuye mu kiringo c’amasaha abiri, ku buryo aronka urucekeri rwuzuye ikamyoneti. Yaciye aronka amahera yo kugura ya tablete.
Hulda yavuze ati: «Naho kumenagura ayo mabuye vyatumye ngira uburuhe bwinshi n’ububabare, igihe nabona ingene iyo tablete imfasha kuba kirumara mu ndimiro no gutegura neza amakoraniro, wa muruho na bwa bubabare naciye ndavyibagira.» Yavuze kandi ko iyo tablete yamufashije igihe Korona yatera, kubera ko amakoraniro n’indimiro vyakorerwa ku buhinga bwa none. Turanezeranywe na Hulda kubona yarashitse ku mugambi wiwe.