Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

IKIGANIRO C’UKWIGA CA 34

URURIRIMBO RWA 107 Akarorero Imana yatanze k’urukundo

Ingene abakurambere bafasha abacumuzi babigiranye urukundo n’imbabazi

Ingene abakurambere bafasha abacumuzi babigiranye urukundo n’imbabazi

«[Imana] igira ubuntu kubera ishaka kugufasha ngo wigaye.»ROM. 2:4.

ICIYUMVIRO NYAMUKURU

Turabona ingene abakurambere bagerageza gufasha ababa bakoze ibicumuro bikomeye.

1. Uwakoze gicumuro gikomeye ashobora gufashwa gukora iki?

 MU KIGANIRO giheruka, twarabonye ingene intumwa Paulo yafashije ishengero ry’i Korinto gutunganya ikibazo c’uwari yakoze igicumuro gikomeye. Kubera ko atari yigiye, vyabaye ngombwa ko akurwa mw’ishengero. Ariko nk’uko icanditswe c’ishimikiro kivyerekana, abantu bamwebamwe bakoze ibicumuro bikomeye barashobora gufashwa bakigaya. (Rom. 2:4) None abakurambere bobafasha gute kwigaya?

2-3. Twokora iki hamwe twomenya ko hari uwo dusangiye ukwizera yakoze igicumuro gikomeye, kandi kubera iki?

2 Kugira ngo abakurambere bafashe umucumuzi, barakenera kubanza kumenya ibiba vyabaye. Twokora iki none hamwe twomenya ko hari uwo dusangiye ukwizera yakoze igicumuro gikomeye coshobora gutuma akurwa mw’ishengero? Dukwiye guca tumuremesha kwitura abakurambere kugira ngo bamufashe.—Yes. 1:18; Ivyak. 20:28; 1 Pet. 5:2.

3 Vyogenda gute none hamwe yokwanka kubitura? Dukwiye guca tubibwira abakurambere kugira ngo bamufashe. Tubigize, tuba twerekanye ko dukunda uwo muvukanyi wacu, kuko tutipfuza ko aja kure y’ishengero. Hamwe yobandanya iyo ngendo yiwe mbi, yoshobora kuguma yonona ubucuti afitaniye na Yehova, agatukisha n’ishengero. Urukundo rero dukunda Yehova be n’uwo mucumuzi, ruratuma tugira umutima rugabo wo kubimenyesha abakurambere.—Zab. 27:14.

INGENE ABAKURAMBERE BAFASHA UWAKOZE IGICUMURO GIKOMEYE

4. Abakurambere baba bafise intumbero iyihe igihe babonana n’uwakoze igicumuro gikomeye?

4 Igihe mw’ishengero hari uwakoze igicumuro gikomeye, inama y’abakurambere irahitamwo batatu muri bo babishoboye kugira ngo bagire komite a ijejwe kwitwararika ico kibazo. Abo bakurambere bakwiye kuba ari abantu bifata ruto kandi bicisha bugufi. Naho bagerageza gufasha umucumuzi kwigaya, barazi ko badashobora kumuhata kugira ivyo ahinduye. (Gus. 30:19) Abakurambere baratahura ko atari abacumuzi bose baca bigaya, nka kumwe kw’umwami Dawidi. (2 Sam. 12:13) Abacumuzi bamwebamwe boshobora kwanka gukurikiza impanuro Yehova atanga. (Ita. 4:​6-8) Naho ari ukwo, intumbero abakurambere baba bafise ni ugufasha uwo mucumuzi uko bishoboka kwose kugira ngo yigaye. Ni ibiki none bagumiza mu bwenge igihe babonana n’uwacumuye?

5. Ni impanuro iyihe abakurambere baguma bibuka igihe babonana n’uwacumuye? (2 Timoteyo 2:​24-26) (Raba n’ifoto.)

5 Abakurambere babona uwacumuye nk’intama y’agaciro iba yatakaye. (Luka 15:​4, 6) Igihe rero babonana n’uwacumuye ntibamukarira canke ngo bamufate nabi. Vyongeye, ntibakwiye kwiyumvira ko igihe c’uwo mubonano ari akaryo gusa ko kumubaza ibibazo kugira bamenye ivyabaye. Ahubwo, baragaragaza kamere zivugwa muri 2 Timoteyo 2:​24-26. (Soma.) Kuguma bagaragaza ubwitonzi, ubugwaneza be n’umutima mwiza birashobora gutuma bakora ku mutima uwo mucumuzi.

Cokimwe n’abungere ba kera, abakurambere barihatira gufasha intama yazimiye (Raba ingingo ya 5)


6. Abakurambere botegura gute umutima wabo imbere yo kubonana n’umucumuzi? (Abaroma 2:4)

6 Abakurambere barategura umutima wabo. Baragerageza kwigana Yehova mu kuntu bafata umucumuzi, bakaguma bibuka amajambo Paulo yavuze agira ati: «[Imana] igira ubuntu kubera ishaka kugufasha ngo wigaye.» (Soma Abaroma 2:4.) Abakurambere bategerezwa kwibuka ko imbere ya vyose ari abungere bayoborwa na Kristu. (Yes. 11:​3, 4; Mat. 18:​18-20) Imbere y’uko abagize ya komite y’abakurambere babonana n’umucumuzi, bazosenga Yehova kugira ngo abafashe gushika ku ntumbero yabo, na yo akaba ari ugufasha umucumuzi kwigaya. Bazogira ubushakashatsi muri Bibiliya no mu bitabu vyacu, bongere basenge basaba ugutahura. Bazozirikana no kuri kahise k’uwo muntu be n’uko ivyiwe vyifashe kugira bamenye ivyoba vyaratumye agira ivyiyumviro vyamushikanye ku gukora igicumuro.—Imig. 20:5.

7-8. Abakurambere bokwigana gute ukwihangana kwa Yehova igihe baganiriza umucumuzi?

7 Abakurambere barigana ukwihangana kwa Yehova. Baguma bibuka ingene Yehova yagerageje gufasha abacumuzi muri kahise. Nk’akarorero, abigiranye ukwihangana yarafashije Kayini kuzirikana ku ngaruka zo gukora igicumuro no ku vyiza yokwironkeye aramutse agamburutse. (Ita. 4:​6, 7) Yehova yarakebuye umwami Dawidi biciye ku muhanuzi wiwe Natani. Ico gihe, Natani yarakoresheje akarorero kafashije uwo mwami kwigaya. (2 Sam. 12:​1-7) Vyongeye, Yehova ‘yagumye atuma abahanuzi biwe incuro n’izindi’ kugira ngo bakebure Abisirayeli bari bagararije. (Yer. 7:​24, 25) Ntiyarindira ko abasavyi biwe babanza kwigaya, maze ngo abone kubafasha. Ahubwo riho, ni we yibwiriza akabahimiriza kwigaya.

8 Abakurambere barigana ako karorero ka Yehova igihe baba bariko baragerageza gufasha abakoze ibicumuro bikomeye. Nk’uko bivugwa mu 2 Timoteyo 4:​2, baragerageza gufasha uwo muntu aba yacumuye babigiranye «ukwihangana kwose.» Kugira ngo rero abakurambere bafashe umucumuzi kwigaya, barakeneye kwigumya no kwihangana. Ariko nka hamwe botwarwa n’agashavu ntibigumye, vyoshobora gutuma uwo mucumuzi atumviriza impanuro bamuha canke ntiyigaye.

9-10. Abakurambere bofasha gute umucumuzi kuzirikana ku bintu vyoba vyaratumye akora igicumuro?

9 Abakurambere baragerageza kumenya ivyoba vyaratumye uwo muntu akora igicumuro. Nk’akarorero, ni ibiki vyoba vyaratumye ubucuti afitaniye na Yehova bucumbagira? Yoba yarirengagije kwama yiyigisha canke kwama aja mu ndimiro? Yoba yari asigaye asenga Yehova gake canke akabigira mu buryo bwo guheza umwuga? Yoba yari asigaye yirekerana agatwarwa n’ivyipfuzo bibi? Yari asigaye afise abagenzi bameze gute? Ni ibiki yakora mu kwisamaza? Ivyo vyamugizeko ingaruka izihe? Yoba atahura ingene igicumuro yakoze cababaje Umuvyeyi wiwe Yehova?

10 Abakurambere bakoresheje utubazo bacaguye neza mugabo tutamwinjirira cane mu buzima, barashobora gufasha uwo mucumuzi kubona ivyoba vyaratumye akora igicumuro. (Imig. 20:5) Vyongeye, boshobora gukoresha ibigereranyo kugira ngo bamufashe gutahura uburemere bw’icaha yakoze, nka kumwe nyene Natani yabigenza kuri Dawidi. Hari aho kuri uwo mubonano wa mbere, uwo mucumuzi yoca atangura kwicuza ku vyo yakoze, kumbure mbere akigaya.

11. Yezu yafata gute abacumuzi?

11 Abakurambere barihatira kwigana Yezu. Igihe Yezu uwari yazutse yavugana na Sawuli w’i Taruso, yamubajije aka kabazo karanga ubukerebutsi: «Sawuli, Sawuli, umpamira iki?» Yezu akoresheje ako kabazo, yarafashije Sawuli kubona ko ivyo yariko arakora vyari bibi. (Ivyak. 9:​3-6) Ku vyerekeye wa «mugore Yezebeli» na we, Yezu yavuze ati: «Naramuhaye umwanya wo kwigaya.»—Ivyah. 2:​20, 21.

12-13. Abakurambere boha gute umucumuzi umwanya wo kwigaya? (Raba n’ifoto.)

12 Abakurambere barigana Yezu mu kutihutira kwiyumvira yuko umucumuzi atazokwigaya. Naho hari abashobora kwigaya ku mubonano wa mbere bagiranira n’abakurambere, hari n’abandi bifata igihe. Ku bw’ivyo rero, abakurambere boshobora gutegekanya kubonana n’umucumuzi incuro zirenze imwe. Hari igihe inyuma y’umubonano wa mbere uwo mukirisu yahuvye yotangura kuzirikana ata gufyina ku vyo abakurambere bamubwiye. Yoshobora guca bugufi akitura Yehova mw’isengesho ngo amubabarire. (Zab. 32:5; 38:18) Ivyo vyoshobora gutuma asubiye kubonana n’abakurambere, aza yahinduye agatima.

13 Kugira ngo abakurambere bafashe umucumuzi kwigaya, barakeneye kugaragaza impuhwe n’umutima mwiza. Barasenga Yehova bamusaba ngo ahezagire utwigoro bagira, kandi bakizigira ko uwo mukirisu yahuvye azokwikubita agashi akigaya.—2 Tim. 2:​25, 26.

Abakurambere boshobora kubonana n’umucumuzi incuro zirenga imwe kugira ngo bamuhe umwanya wo kwigaya (Raba ingingo ya 12)


14. Iyo umucumuzi yigaye ni nde akwiye gushemezwa, kandi kubera iki?

14 Iyo umucumuzi yigaye biratera umunezero mwinshi. (Luka 15:​7, 10) None bigenze gutyo ni nde akwiye gushemezwa? Boba ari abakurambere? Niwibuke ko ku bijanye n’abacumuzi Pawulo yanditse ati: «Hari aho Imana yotuma bigaya.» (2 Tim. 2:25) Nta muntu n’umwe rero afasha umucumuzi guhindura ingendo kiretse Yehova wenyene. Pawulo aca yerekana ivyiza umucumuzi yironkera amaze kwigaya. Avuga ko arushiriza kumenya neza ukuri, akagarura ubwenge, akava no mu mitego ya Shetani.—2 Tim. 2:26.

15. Abakurambere bobandanya gufasha gute umucumuzi aba yigaye?

15 Igihe umucumuzi yigaye, abakurambere bo muri iyo komite bazotunganya ivyo kuza baramugendera cungere. Ivyo bizotuma uwo muntu abandanya kuronka indemesho akeneye kugira ngo arwanye imitego ya Shetani no kugira ngo akore ibigororotse. (Heb. 12:​12, 13) Ego ni ko nta muntu n’umwe abakurambere babwira ido n’ido ry’ivyo uwo mucumuzi yakoze. Naho ari ukwo, hariho ivyo ishengero ryokenera kumenya. None ni ibihe?

«UKOSORERE IMBERE YA BOSE»

16. Twisunze 1 Timoteyo 5:​20, abo ‘bantu bose’ Pawulo yavuze ni bande?

16 Soma 1 Timoteyo 5:20. Ayo majambo Pawulo yayandikiye umukurambere mugenziwe Timoteyo, amubwira icokorwa ku bijanye n’abantu «baza baracumura.» None mu kuvuga ngo ‘imbere y’abantu bose’ yashaka kuvuga iki? Yoba yashaka kuvuga imbere y’ishengero ryose? Si ngombwa. Ahubwo yashaka kuvuga abantu bakeyi bashobora kuba baramenye ibijanye n’ivyo bicumuro. Bashobora kuba ari ababibonye bikorwa canke ababibwiwe na bene kubikora. Abo ni bo abakurambere bomenyesheje mw’ibanga ko ivyo bibazo vyitwararitswe be n’uko abo bacumuzi bafashijwe.

17. Ni ryari ishengero ryoshikirizwa itangazo ry’uwakangiriwe, kandi kubera iki?

17 Umuntu yoshobora kuba yarakoze icaha gikomeye maze bikamenyekana cane mw’ishengero canke bikaba bishobora kuzomenyekana. Mu bihe nk’ivyo, ba ‘bantu bose’ Pawulo yavuga boshobora kwerekeza kw’ishengero ryose. Umukurambere rero yoshikiriza itanga imbere y’ishengero rivuga yuko uwo muntu yakangiriwe. Kubera iki? Pawulo yishura ati: «Kugira ngo n’abandi batinye» gukora icaha.

18. Abakurambere bokwitwararika gute ibibazo vyerekeye abana babatijwe? (Raba n’ifoto.)

18 Bite hoho igihe umwana yabatijwe, ni ukuvuga uwutarashikana imyaka 18, akoze igicumuro gikomeye? Inama y’abakurambere izotunganya ko abakurambere babiri babonana n’uwo mwana ari kumwe n’abavyeyi biwe b’Ivyabona. b Abo bakurambere bazogerageza kumenya ivyo abo bavyeyi bamaze gukora kugira ngo bafashe uwo mwana kwigaya. Abo bakurambere babiri basanze uwo mwana ariko arashira mu ngiro impanuro abavyeyi biwe bamuhaye, boshobora gufata ingingo yo kureka ico kibazo kikabandanya citwararikwa n’abavyeyi, aho kwitwararikwa na komite y’abakurambere. Kanatsinda, abavyeyi ni bo Imana yajeje ibanga ryo gukosora abana babo babigiranye urukundo. (Gus. 6:​6, 7; Imig. 6:20; 22:6; Ef. 6:​2-4) Inyuma y’aho, abo bakurambere bazoza barayaga n’abavyeyi b’uwo mwana kugira bamenye ingene ariko arafashwa. Bite hoho nka hamwe uwo mwana yabatijwe yobandanya gukora igicumuro ntiyigaye? Ico gihe, hazoca hashingwa komite y’abakurambere izobonana na we ari kumwe n’abavyeyi biwe b’Ivyabona.

Igihe umwana akoze igicumuro gikomeye, abakurambere babiri bazobonana na we ari kumwe n’abavyeyi biwe b’Ivyabona (Raba ingingo ya 18)


‘YEHOVA YUZUYE IKIBABARWE KANDI NI UMUNYEMBABAZI’

19. Abakurambere bihatira gute kwigana Yehova igihe babonana n’umucumuzi?

19 Abakurambere baba bagize komite, Yehova yiteze ko bakingira ishengero kugira ngo rigume ridahumanye. (1 Kor. 5:7) Ariko kandi baripfuza gukora uko bashoboye kwose kugira bafashe umucumuzi kwigaya. Kugira ngo ivyo babishikeko baguma babona ibintu mu buryo bwiza, bakizigira ko uwo mucumuzi azokwikubita agashi. Uti kubera iki? Kubera ko bipfuza kwigana Yehova, ya Mana ‘yuzuye ikibabarwe kandi y’inyembabazi.’ (Yak. 5:11) Raba ingene intumwa Yohani yagaragaje mwene uwo mutima. Yanditse ati: «Bane banje nkunda, ndabandikiye ibi bintu kugira ntimucumure. Ariko hagize uwucumura, turafise umufasha ari kumwe na Data, akaba ari Yezu Kristu, umugororotsi.»—1 Yoh. 2:1.

20. Tuzokwihweza iki mu kiganiro gisozera uru rukurikirane rw’ibiganiro?

20 Ikibabaje ni uko rimwe na rimwe bishika umukirisu ntiyigaye. Iyo bigenze gutyo ategerezwa gukurwa mw’ishengero. None abakurambere bitwararika gute mwene ivyo bibazo? Ivyo ni vyo tuzokwihweza mu kiganiro gisozera uru rukurikirane rw’ibiganiro.

URURIRIMBO 103 Abungere ni ingabire z’abagabo

a Iyo komite yahoze yitwa komite ncarubanza. Ariko kubera ko iyo komite itaba ijejwe gusa guca urubanza, ni co gituma iyo mvugo itazosubira gukoreshwa. Ubu izokwitwa gusa komite y’abakurambere.

b Ukwo ni ko bikwiye kugenda no ku basanzwe bareze uwo mwana.