Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Ni ibiki twokwigira kuri Yohana?

Ni ibiki twokwigira kuri Yohana?

ABANTU benshi barazi ko Yezu yari afise intumwa 12. Mugabo boshobora kuba batazi ko mu bigishwa biwe harimwo n’abagore bifatanije cane na we. Yohana yari umwe muri bo.Mat. 27:55; Luka 8:3.

Ni uruhara uruhe Yohana yaranguye mu busuku bwa Yezu, kandi akarorero kiwe katwigisha iki?

YOHANA YARI NDE?

Yohana yari “muka Kuza uwari ajejwe ivyo kwa Herodi.” Kuza ashobora kuba yari umubwiriza ajejwe ivyo mu rugo kwa Herodi Antipa. Yohana yari umwe mu bagore benshi Yezu yakijije. Yohana ari kumwe n’abandi bagore, yaragendanye na Yezu hamwe n’abigishwa biwe.Luka 8:1-3.

Abayuda b’abarabi bigisha yuko abagore badakwiye kwifatanya n’abagabo atari incuti zabo, icibagiwe co ni ukugendana na bo. Nkako, abagabo b’Abayuda babwirizwa kuvugana make n’abagore. Kubera ko Yezu aterekwa iyo migenzo, yararetse Yohana n’abandi bagore bemera, baramuherekeza n’umugwi wari kumwe na we.

Yohana yari gushobora kwankwa mu kibano ahorwa ko yifatanije na Yezu be n’intumwa ziwe. Abifatanya na Yezu bose babwirizwa kwemera kugira ivyo bahinduye mu buzima bwabo bwa misi yose. Ariko rero ku bijanye n’abo bayoboke biwe, Yezu yavuze ati: “Mawe na bene wacu ni aba bumva ijambo ry’Imana bakarishira mu ngiro.” (Luka 8:19-21; 18:28-30) Nturemeshwa none no kumenya ko Yezu yiyumvamwo cane abemera kugira ivyo bahevye kugira ngo bamukurikire?

YARASUKUYE AKORESHEJE IBINTU ATUNZE

Yohana n’abandi bagore benshi barakorera Yezu na bamwe cumi na babiri “bakoresheje ibintu batunze”. (Luka 8:3) Umwanditsi umwe avuga ati: “Luka ntashaka kuvuga ko abo bagore bakora igikorwa co gukinjika, kwoza amasahani canke kubarira impuzu. Birashoboka ko ivyo babigira . . . , ariko ivyo si vyo Luka ashaka kuvuga.” Biboneka ko abo bagore bakoresha amahera yabo, ivyo batunze canke amatongo yabo kugira baronse abo bagenzi babo ivyo bakeneye.

Yaba Yezu canke intumwa ziwe, nta n’umwe yakora akandi kazi igihe baba bari mu ngendo zo kwamamaza. Birashoboka rero ko bataronka amahera yo kugura ibifungurwa hamwe n’ibindi bintu uwo mugwi w’abantu nka 20 wari ukeneye. Naho boba bararonka ababakira, kuba Kristu n’intumwa ziwe baritwaza “isandugu y’amahera” vyerekana ko batama biteze ko ababakira babaronsa vyose. (Yoh. 12:6; 13:28, 29) Yohana be n’abo bandi bagore bashobora kuba baratanga intererano kugira haboneke ivyaba bikenewe.

Hari abavuga ko umugore w’Umuyuda atashobora kuronka ibintu bimwinjiriza amahera. Ariko rero, ibisomwa vyanditswe ico gihe birerekana ko mu Bayuda, umugore yashobora kuronka amahera mu buryo butandukanye: (1) ayava mu vyo yaragwa mu gihe se yaba yapfuye ata bahungu asize, (2) ayava mw’itongo yaba yarahawe, (3) amahera vyavugwa ko ategerezwa guhabwa igihe yaba yahukanye, (4) amahera yabwirizwa kuguma aronka ku bisigi vy’umugabo canke (5) amahera yaba yirondereye.

Nta gukeka ko abayoboke ba Yezu batanga ivyo bashobora kuronka. Muri bo hashobora kuba harimwo abagore batunze. Kubera ko Yohana yari umugore w’umubwiriza wa Herodi canke akaba yahoze ari we, hari abavuga yuko yari yifise. Birashoboka ko umuntu nka Yohana ari we yahaye Yezu ya mpuzu izimvye itagira umubariro. Umwanditsi umwe avuga ko ico cari ikintu “abagore b’abarovyi batashobora kuronka.”Yoh. 19:23, 24.

Ivyanditswe ntivyerekana neza ko Yohana yatanga intererano z’amahera. Ariko rero yarakoze ivyo ashoboye, kandi ivyo biri n’ico bitwigisha. Ni twe twihitaramwo gutanga canke kudatanga be n’ivyo twotanga, kugira duteze imbere ivyungura Ubwami. Igihambaye ku Mana ni uko dukora ivyo dushoboye kandi tunezerewe.Mat. 6:33; Mrk. 14:8; 2 Kor. 9:7.

IGIHE YEZU YAPFA BE N’INYUMA YAHO

Biboneka ko Yohana ari ho yari igihe Yezu yicwa, akaba yari kumwe n’abandi bagore “bahora bamuherekeza kandi bakamukorera udukorwa igihe yari i Galilaya, be n’abandi bagore benshi bari bazananye na we i Yeruzalemu.” (Mrk. 15:41) Igihe ikiziga ca Yezu cakurwa ku giti kugira gihambwe, “ba bagore bari bavanye na we i Galilaya barakurikira, bitegereza nya mva n’ingene ikiziga ciwe caryamitswe; hanyuma basubira inyuma gutegura ibimota be n’amavuta amota neza.” Luka avuga ko abo bagore “yari Mariya umwe Magadalena, na Yohana, na Mariya nyina wa Yakobo.” Baragarutse inyuma y’isabato maze babona abamarayika baciye bababwira ko Yezu yazutse.Luka 23:55–24:10.

Yohana hamwe n’abandi bagore bemera barakoreye Umukama wabo ivyo bashoboye vyose

Birashoboka ko Yohana yari muri ba bigishwa bari bakoraniye i Yeruzalemu kuri Pentekoti yo mu 33 inyuma ya Kristu, hakaba harimwo nyina wa Yezu na bene wabo. (Ivyak. 1:12-14) Kubera ko Yohana yari azi ivyo ku kirimba, ashobora kuba ari we yabwiye Luka amakuru amwamwe yerekeye Herodi Antipa, na canecane ko Luka ari we mwanditsi w’Injili wenyene avuga uwo mugore mw’izina.Luka 8:3; 9:7-9; 23:8-12; 24:10.

Inkuru ya Yohana iraturonsa ivyigwa bituma tuzirikana. Yarakoreye Yezu uko ashoboye kwose. Ategerezwa kuba yarahimbarwa igihe amahera yiwe yaba afashije Yezu, bamwe cumi na babiri hamwe n’abandi bigishwa kugira bafate ingendo bagiye kwamamaza bari kumwe. Yohana yarakoreye Yezu kandi yaramubereye intahemuka mu bigeragezo. Vyoba vyiza abakenyezi bakirisu biganye agatima kiwe ko gukunda Imana.