Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Ku bijanye na kazoza k’abantu

Ku bijanye na kazoza k’abantu

Ivyo twigira kuri Yezu

Ku bijanye na kazoza k’abantu

Yezu yoba yarasezeranye ko hariho abantu bazoba mw’ijuru?

Egome yarabisezeranye. Yezu ubwiwe yarazuwe, maze araduga mw’ijuru kugira ngo aje iyo Se ari. Ariko imbere y’urupfu rwiwe n’izuka ryiwe, yabwiye intumwa ziwe 11 z’intahemuka ati: “Mu nzu ya Data hari ibibanza vyinshi. . . . Ngiye kubategurira ikibanza.” (Yohani 14:2) Yamara rero, ako gateka koronswe na bake. Yezu yarerekanye mu buryo butomoye ico kintu igihe yabwira abigishwa biwe ati: “Ntimutinye, mwa busho buto, kuko So yashimye kubaha ubwami.”​—Luka 12:32.

Abagize ubwo “busho buto” bazokora iki mw’ijuru?

Se wa Yezu ashaka ko uwo mugwi mutoya ufadikanya na we gutegeka mu ntwaro yo mw’ijuru. Ivyo tubizi gute? Yezu amaze kuzurwa, yarahishuriye intumwa Yohani yuko hari abantu b’abizigirwa ‘bongaje isi nk’abami.’ (Ivyahishuwe 1:1; 5:9, 10) Iyo ni inkuru nziza. Kimwe mu bintu bihambaye abantu bakeneye ni intwaro nziza. None iyo ntwaro izorongorwa na Yezu izoshika ku ki? Yezu yavuze ati: “Muri kwa kurema busha, Umwana w’umuntu niyicara ku ntebe y’ubwami yiwe y’ubuninahazwa, mwebwe mwankurikiye namwe ubwanyu muzokwicara ku ntebe z’ubwami cumi na zibiri.” (Matayo 19:28) Ubutegetsi bwa Yezu ari kumwe n’abayoboke biwe buzotuma haba “ukurema busha,” canke uguhindura ibintu bikaba bishasha, bikamera neza nk’uko abantu ba mbere bari babayeho imbere y’uko bacumura.

Yezu yatumye abandi bantu basigaye bagira icizigiro ikihe?

Mu buryo butandukanye na Yezu, uwaremwe ngo abe mw’ijuru, abantu bobo baremwe ngo babe kw’isi. (Zaburi 115:16) Ku bw’ivyo, Yezu yavuze ati: “Mwebwe muri abo mu turere two hasi; jewe ndi uwo mu turere two hejuru.” (Yohani 8:23) Yezu yaravuze ibijanye n’icizigiro ciza igitangaza abantu bafise co kuba kw’isi. Igihe kimwe yavuze ati: “Hahiriwe abitonda, kuko bazotorana isi.” (Matayo 5:5) Yariko yerekeza kuri zaburi yahumetswe ivuga iti: “Abagwaneza bazoragwa igihugu, bazonezererwa amahoro y’umusēsekara. Abagororotsi bazoragwa igihugu, bakibemw’ibihe bidashira.”​—Zaburi 37:11, 29.

Gutyo rero, abagize “ubusho buto” baja mw’ijuru, si bo bonyene baronka ubuzima budahera. Yezu yaravuze kandi ibijanye n’icizigiro abantu amamiliyoni bo kw’isi yose bashobora kugira. Yavuze ati: “Imana ya[ra]kunze isi cane ku buryo yatanze Umwana wayo w’ikinege, kugira ngo umuntu wese amwizera ntarandurwe ahubwo agire ubuzima budahera.”​—Yohani 3:16.

Imana izotabara abantu gute ntibabe bagicumukura?

Yezu yaravuze ibijanye n’ingene abantu bazotabarwa ibintu bibiri bituma bacumukura, igihe yavuga ati: “Ubu iyi si iraciriwe urubanza; ubu umutware w’iyi si agira atabwe hanze.” (Yohani 12:31) Ica mbere, abantu batibanga Imana batuma haba ugucumukura bazocirwa urubanza maze basangangurwe. Ica kabiri, Shetani azotabwa hanze maze ntabe akizimiza abantu.

Bite hoho ku bantu bagiye barabaho muri kahise, bapfuye bataronse akaryo ko kwiga ivyerekeye Imana na Kristu no kugaragaza ko babizeye? Yezu yabwiye inkozi y’ikibi yiciwe hamwe na we ati: “Uzoba uri kumwe nanje muri Paradizo.” (Luka 23:43) Uwo muntu, hamwe n’abandi bantu amamiliyoni, azoronka akaryo ko kwiga ivyerekeye Imana igihe Yezu azomuzura mu bapfuye akaba mw’Iparadizo ng’aha kw’isi. Azoca rero aronka akaryo ko kuba mu bagwaneza n’abagororotsi bazoronka ubuzima budahera ng’aha kw’isi.​—Ibikorwa 24:15.

Niba ushaka kumenya vyinshi, raba ikigabane ca 3 n’ica 7 mu gitabu Mu vy’ukuri Bibiliya yigisha iki? a

[Akajambo k’epfo]

a Casohowe n’Ivyabona vya Yehova.

[Ifoto ku rup. 23]

“Abagororotsi bazoragwa igihugu, bakibemw’ibihe bidashira.”​—Zaburi 37:29