Bibiliya irahindura ubuzima bw’abantu
Bibiliya irahindura ubuzima bw’abantu
Ni igiki catumye umugabo umwe ata kindi yakora mu buzima atari ukugendesha amapikipiki, kunywa ibiyayuramutwe no kwama mu nkino, afata ingingo yo gucika umusuku w’igihe cose? Ni igiki catumye umugabo umwe yari abeshejweho n’ugukina akamari, avavanura n’iyo ngeso yari yaramwiziziye maze akitwararika umuryango wiwe mu gukora akazi gateye iteka? Umwigeme umwe yari yarezwe n’umuvyeyi w’Icabona ca Yehova mugabo yahavuye atera akagere ingingo mfatirwako zo muri Bibiliya, ni igiki catumye asubira kurimbura ukuntu yari abayeho? Rimbura ivyo abo bantu batuyagira.
IBIMURANGA
IZINA: TERRENCE J. O’BRIEN
IMYAKA: 57
IGIHUGU: OSITARALIYA
IVYO YACIYEMWO: YARI YARIZIZIWE N’IBIYAYURAMUTWE KANDI YARI YARATWAWE N’IVYO KUGENDESHA AMAPIKIPIKI
KAHISE KANJE: Nakuriye mu gisagara gikorerwamwo ibintu vyinshi citwa Brisbane, umurwa mukuru wa Queensland. Umuryango wacu wari uw’abagatolika, mugabo maze gukwiza imyaka umunani, twaciye duhagarika kuja mu misa kandi ntitwigera dusubira kuyaga ivy’Imana. Igihe nari mfise imyaka cumi, umuryango wacu warimukiye i Gold Coast muri Ositaraliya nyene. Twaba hafi y’inkengera y’ikiyaga, kandi mu myaka yanje ya mbere y’ubuyabaga nta kindi nakora atari ukwoga no gukina ivyo guserereka ku mikuba yo mu kiyaga.
Naho vyari ukwo, sinaryoherewe ubuto bwanje. Dawe yarataye umuryango wacu igihe nari mfise imyaka umunani. Mawe yaciye asubira kwabirwa, kandi mu rugo iwacu harangwa akaborerwe n’uguhazuka. Umusi umwe mw’ijoro, abavyeyi banje bahejeje guhazuka bimwe bikaze, naricaye ku gitanda canje, nsezerana ko bishitse nkubaka urwanje ntokwigeze mpazuka n’umukenyezi wanje. Naho mu rugo iwacu hari ingorane, umuryango wacu, uwari ugizwe n’abana batandatu na mawe be n’umugabo wiwe, wagumye uri hamwe.
Igihe nari negereje imyaka mirongo ibiri, abenshi mu bo mu runganwe rwanje baragarariza ubutegetsi. Baranywa ikiyayuramutwe citwa marijuwana, itabi be n’ibindi biyayuramutwe, kandi bararenza urugero mu kunywa inzoga. Narisutse mu vyo kubaho muri ubwo buryo nyene ata co nitwararika nk’uko abo mu runganwe rwanje bari babayeho. Nanarakunda cane kugendesha amapikipiki. Naho nagize amasanganya akomeye atari make, nabandanije gukunda amapikipiki kandi narafashe ingingo yo guca muri Ositaraliya yose ndi kw’ipikipiki yanje.
Naho nari mfise uwo mwidegemvyo wose, akenshi naragira intuntu igihe naba nzirikanye ku bijanye n’ukuntu isi imerewe be n’ukuntu abantu benshi cane ingorane umuryango w’abantu ufise ata co zibabwiye. Naripfuza cane kumenya ukuri ku bijanye n’Imana, idini be n’ukuntu ivy’isi vyifashe. Ariko igihe nabaza abapadiri babiri b’abagatolika ibibazo nari mfise, inyishu bampaye zaramvunye umutima. Naraganiriye n’abavugabutumwa b’abaporotisanti batari bake ku bijanye n’ivyo bibazo nyene, ariko inyishu bampaye na zo nyene zaramvunye umutima. Mu nyuma, hari umugenzi yatunganije ivy’uko nobonana n’uwitwa Eddie, uno akaba ari Icabona ca Yehova. Twaraganiriye na Eddie incuro zine, kandi igihe cose yakoresha Bibiliya mu kwishura ibibazo nari mfise. Kuva tugitangura kuganira, narabonye ko nari natoye ikintu kidasanzwe. Ariko rero muri ico gihe, sinabona ko hari ikintu na kimwe nari nkeneye guhindura mu buryo nari mbayeho.
UKUNTU BIBILIYA YAHINDUYE UBUZIMA BWANJE: Mu rugendo nagize nca muri Ositaraliya yose, naraganiriye n’uwundi muntu w’Icabona, uno tukaba twahwaniye mu nzira. Mugabo igihe nasubira i Queensland, namaze amezi atandatu ntasubiye kubonana n’Ivyabona.
Umusi umwe rero ndiko ndataha mvuye ku kazi, narabonye abagabo babiri bambaye neza bafise amasakoshi bariko bajana ibarabara, nca nibwira ko ari Ivyabona vya Yehova. Narabegereye, ndiyemeza ko ivyo nari nibwiye ari vyo, maze ndabasaba ko twokwigana Bibiliya. Naciye ntangura kwitaba amakoraniro yagirwa n’Ivyabona ntatebaganye, eka mbere naritavye ihwaniro rinini ryabereye i Sydney mu 1973. Ariko rero, igihe abagize umuryango wanje, na canecane mawe, bamenya ivyo nariko ndagira, barababaye cane. Kubera iyo mpamvu be n’izindi, narahagaritse kwifatanya n’Ivyabona. Naramaze umwaka ata kindi nkora atari ikindi kintu nakunda cane, ico na co kikaba kwari ugukina urukino bita cricket, urwo bakina mu gukubitisha urubaho agapira gatoya kagumye.
Ariko rero, nahavuye ntahura ko ata kindi gihe nigeze kuba numva agahimbare vy’ukuri atari igihe nigana Bibiliya n’Ivyabona vya Yehova. Narasubiye kuyaga na bo maze ndatangura kwitaba amakoraniro. Narahevye kandi kwifatanya na ba bagenzi banje banywa ibiyayuramutwe.
Icamvyuriye vy’ukuri umutima wo kugira ayo mahinduka ni ivyo nize ku bijanye n’umuntu avugwa muri Bibiliya ari we Yobu. Icabona yari ageze mu zabukuru w’umutima mwiza mugabo ashikamye yitwa Bill ni we twama tuganira ku bijanye na Bibiliya. Tumaze kwiga inkuru ya Yobu, Bill yarambajije abandi bantu Shetani yagiriza ko badakorera Imana babigiranye imitima yabo yose. (Yobu 2:3-5) Naradondaguye abantu bose bavugwa muri Bibiliya nari nzi, kandi Bill yaguma yitabira abigiranye ukwihangana ati: “Ego, ego, na bo nyene.” Yaciye anyitegereza mu maso maze avuga ati: “Shetani arabivuga no ku bikwerekeye!” Wamengo nkubiswe n’inkuba. Imbere yuko twiga ico cigwa, nari nzi ko inyigisho nariko ndiga ari iz’ukuri. Mugabo ico gihe, naciye ntahura igituma nari nkwiye kubaho nisunga ivyo nariko ndiga. Haciye amezi ane, narabatijwe mba Icabona ca Yehova.
IVYIZA NAHAKUYE: Ndatekerwa n’ubwoba igihe niyumviriye ukuntu ubuzima bwanje buba bumeze ubu iyo ntaza kwiga kubaho nisunga ingingo mfatirwako zo muri Bibiliya. Birashoboka cane ko mba narapfuye. Abenshi mu bagenzi banje ba kera barapfuye bahitanywe n’ibiyayuramutwe canke inzoga. N’imiryango yabo ntiyari ihimbawe. Ivyo ari vyo vyose, ubuzima bwanje bwobaye nk’ukwo nyene.
Ubu narubatse urwanje, kandi jewe n’umukenyezi wanje Margaret, turahimbarwa n’ugusukurira ku biro vy’ishami vy’Ivyabona vya Yehova vyo muri Ositaraliya. Nta muntu n’umwe mu bo mu muryango nkomokamwo yifatanije nanje mu
gusenga Yehova. Ariko rero, uko imyaka yagiye irarengana, jewe na Margaret twaragize umunezero wo kwigana Bibiliya n’abantu batari bake be n’abubakanye batari bake, bano bakaba barahinduye ubuzima bwabo nk’uko na jewe nabigize. Muri ico gihe nyene, twarironkeye abagenzi beza benshi. N’ikindi kandi, Margaret, uwarerewe mu muryango w’Ivyabona, yaramfashije kwubahiriza rya sezerano haheze imyaka nka 40 ngize. Turamaze imyaka irenga 25 dufise agahimbare mu mubano wacu. Ntitwama nantaryo tubona ibintu vyose kumwe, mugabo gushika uno musi ntiturigera duhazuka na rimwe. Twempi tubona ko ivyo tubikesha Bibiliya.IBIMURANGA
IZINA: MASAHIRO OKABAYASHI
IMYAKA: 39
IGIHUGU: UBUYAPANI
IVYO YACIYEMWO: UMUKINYI W’AKAMARI
KAHISE KANJE: Narerewe i Iwakura, kano kakaba kari agasagara twovuga ko kari gatoya umuntu agenda hafi inusu y’isaha ari mw’igariyamoshi avuye mu gisagara ca Nagoya kugira ngo agashikemwo. Ndibuka ko mawe na dawe bompi bari abantu b’umutima mwiza cane. Ariko rero, mu nyuma naramenye ko dawe yari mu bo bita yakuza, ni ukuvuga umwe mu bagize akagwi k’inkozi z’ikibi, akaba yaramaze igihe kinaka yitwararika umuryango wacu wari ugizwe n’abantu batanu mu kugira forode. Yaranywa cane buri musi, kandi igihe nari mfise imyaka 20, yarapfuye ahitanywe n’indwara y’igitigu bita cirrhose du foie.
Dawe yaturuka muri Koreya, akaba ari co gituma akenshi umuryango wacu wakumirwa n’abandi bantu bo mu kibano. Ico kintu be n’izindi ngorane nari mfise vyatumye imyaka yanje y’ubuyabaga iba iyiteye agahinda. Nariyandikishije mw’ishure ryisumbuye ariko nagenda rimwerimwe gusa, maze inyuma y’umwaka umwe nca ndaheba. Ukuba nari maze kugirirwa idosiye mu gipolisi hamwe n’ukuba dawe yaturuka muri Koreya, vyatuma kuronka akazi bitanyorohera. Nahavuye ndonka akazi, ariko mu nyuma naragize ingorane ikomeye yo mu mavi bituma ntaba ngishobora gukora akazi gasaba inguvu.
Naciye ntangura kwibeshaho mu gukina ivyo bita pachinko, buno bukaba ari ubwoko bw’akamari bakinisha imashini imeze nk’imwe yo muri casino. Muri ico gihe, nabana n’umwigeme yashaka ko ndondera akazi gatomoye kugira ngo duce tugira ubugeni. Ariko nararonka amahera menshi cane muri ako kamari, kandi sinipfuza guhindura uburyo nari mbayeho.
UKUNTU BIBILIYA YAHINDUYE UBUZIMA BWANJE: Umusi umwe, hari Icabona ca Yehova yaje i muhira iwacu aca ansigira ca gitabu La vie: comment est-elle apparue? Évolution ou création? Sinari bwigere nzirikana kuri ico kibazo imbere y’aho. Ariko rero, maze gusoma ico gitabu, naremeye kwiga vyinshi ku vyerekeye Bibiliya. Nari nahoze nantaryo nibaza uko bica bigenda iyo umuntu apfuye. Inyishu zitomoye nakuye muri Bibiliya ku bijanye n’ico kibazo be n’ibindi, zatumye numva umenga hari ibigaragamba vyari bikorotse bivuye ku maso yanje.
Narabonye ko bikenewe yuko nshira mu ngiro ivyo nariko ndiga muri Bibiliya. Ni co gituma naciye nandikisha umubano wanje, ndahagarika kunywa itabi, ndamwa imishatsi yanje miremire nari narasize irangi ry’umuhondo uca ibibatsi,
nongera ndagira ivyo ndyohoye mu kuntu nasa. Narahevye n’ivyo gukina akamari.Nta na rimwe muri ayo mahinduka ryari ryoroshe kugira. Nk’akarorero, sinari gushobora guheba kunywa itabi ndabifashijwe n’inkomezi zanje bwite. Ariko, kubera yuko nasenga ndabigiranye ubwira kandi nkiheka kuri Yehova Imana, narashoboye kuriheba. Vyongeye, akazi ka mbere naronse inyuma y’aho mpebeye gukina ka kamari pachinko, kari akazi katanyorohera na gato. Naronka amahera angana gusa n’ica kabiri c’ayo nahora ndonka mu gukina akamari, kandi ako kazi kari kagoye kandi gatesha umutwe. Icanditswe kimwe co muri Bibiliya camfashije muri ivyo bintu bigoye ni ico mu Bafilipi 4:6, 7. Kivuga giti: “Ntimwiganyire ku kintu na kimwe, mugabo muri vyose, mu gusenga no mu gutakamba bijana n’ugukenguruka, ivyo musaba bimenyeshwe Imana; maze amahoro y’Imana arengeye ukwiyumvira kwose azorinda imitima yanyu n’ububasha bwanyu bwo kwiyumvira biciye kuri Kristu Yezu.” Nariboneye akatari gake ko uwo muhango ari uw’ukuri.
IVYIZA NAHAKUYE: Igihe nigana Bibiliya n’Ivyabona vya Yehova ari bwo bwa mbere, umukenyezi wanje ntivyamuhimbaye. Mugabo igihe yabona amahinduka akomeye nariko ndagira mu kuntu nigenza, yaciye aza arifatanya nanje igihe naba ndiko ndiga Bibiliya maze aratangura kuza arajana nanje ku makoraniro y’Ivyabona vya Yehova. Ubu, twempi turi Ivyabona vya Yehova. Emwe, ni umuhezagiro kuba dushobora gukorera Imana turi kumwe!
Imbere yuko niga Bibiliya, niyumvira ko nari mpimbawe. Ariko ubu, ndazi ico ari co agahimbare nyakuri. Kubaho wisunga ingingo mfatirwako zo muri Bibiliya ntivyoroshe na gato, mugabo ndemera ntakeka yuko ari bwo buryo bwiza kuruta ubundi bwose bwo kubaho.
IBIMURANGA
IZINA: ELIZABETH JANE SCHOFIELD
IMYAKA: 35
IGIHUGU: ROYAUME-UNI
IVYO YACIYEMWO: YARAKUNDA CANE IVYO KWIDAGADURA MU MPERA Z’IMISHAMVU
KAHISE KANJE: Nakuriye i Hardgate, kano kakaba ari agasagara ushikiramwo ukiva i Glasgow, muri Ekose. Igihe nari mfise imyaka indwi, mawe, uwari yaracitse Icabona ca Yehova, yaratanguye kunyigisha ibijanye na Bibiliya. Ariko rero, igihe nari mfise imyaka 17, narakunda cane kwifatanya n’abagenzi bo kw’ishure, tukaja muri twa tubare usanga abantu barara baratamba, tukumviriza imiziki yo mu bwoko bwa rock bita heavy-metal, tukongera tukanywa inzoga. Sinerekwa ikintu na kimwe kijanye n’ivy’Imana. Nta kindi nikundira atari ukwidagadura mu mpera z’imishamvu. Ariko rero, ivyo vyose vyarahindutse igihe nari mfise imyaka 21.
Naragiye kuramutsa zimwezimwe mu ncuti zanje mu Buraruko bwa Irilande. Igihe nari yo,
nariboneye abantu bari mu rugendo abaporotisanti bakunze kugira rwitwa ngo Orange Walk. Urwanko be n’ukwinubana bikomeye nabonye vyagaragara hagati y’abaporotisanti be n’abagatolika muri ico kiringo, vyarambabaje cane. Nkako, vyaratumye nzirikana. Naciye nibuka ivyo mawe yari yaranyigishije muri Bibiliya nca ndamenya ko Imana itokwigera yemera abantu birengagiza ingingo mfatirwako zayo ziranga urukundo. Vyaciye ubwo nyene binyereka ko nari natwawe n’ugukurikirana inyungu zanje bwite, nkirengagiza ukuntu Imana yashaka ko mbaho. Naciye mfata ingingo yuko nsubiye i muhira muri Ekose, nociye ntohoza ata gufyina ivyo Bibiliya yigisha.UKUNTU BIBILIYA YAHINDUYE UBUZIMA BWANJE: Umusi wa mbere nsubira kwitaba amakoraniro y’Ivyabona vya Yehova mu gisagara canje c’amavukiro, narumvise mfise ubuyega kandi mpagaritse umutima. Yamara rero, bose baratumye numva nisanze. Igihe natangura gushira mu ngiro ivyo nariko ndiga muri Bibiliya, hari umwe mu bagize ishengero afise umutima mwiza cane yanyitwararitse bimwe bidasanzwe. Yaramfashije vy’ukuri gusubira kwumva ko ndi mu bagize ishengero. Abagenzi nahoze nifatanya na bo barabandanije kuntumira ngo dusohokane muri bwa bubare usanga abantu barara baratamba, ariko narababwiye ko nari niyemeje ata gufyina kubaho nisunga ingingo mfatirwako zo muri Bibiliya. Bahavuye bareka kuza barandondera.
Muri kahise, nahora mbona Bibiliya nk’igitabu c’amategeko gusa. Ubu nsigaye ndayibona mu bundi buryo. Naratanguye kubona ko abantu bavugwa muri Bibiliya ari abantu babayeho koko, bari bafise inyiyumvo be n’ubugoyagoye nkanje. Na bo nyene barakora amakosa, ariko Yehova Imana yarabaharira igihe baba bigaye vy’ukuri. Naraheze amazinda yuko naho nari narateye umugongo Imana igihe nari nkiri muto, yompariye kandi ikibagira amakosa nakoze muri kahise bishitse nkihatira kuyihimbara.
Inyifato ya mawe na yo nyene yarankoze ku mutima cane. Naho nari narikuye ku Mana, wewe ntiyigeze abigira. Akarorero kiwe ko kuguma ari intadohoka karatumye mbona yuko utwigoro umuntu agira akorera Yehova atari utw’impfagusa. Igihe nari nkiri muto maze nkaza ndaja kwamamaza inzu ku nzu ndi kumwe na mawe, sinigera ndabinezerererwa kandi sinashobora kwumva ko nomara amasaha n’ayandi ndiko ndabwira abantu inkuru nziza. Ariko rero muri iki gihe, narafashe ingingo yo kugeza umuhango Yezu yatanze muri Matayo 6:31-33. Yavuze ati: “Ntimukigere muganya ngo: ‘Tuzorya iki?’, canke ngo: ‘Tuzonywa iki?’, canke ngo: ‘Tuzokwambara iki?’ . . . So wo mw’ijuru a[ra]zi ko mukenera ivyo bintu vyose. Gume rero mubanza kurondera ubwami n’ubugororotsi bwayo, ivyo bindi bintu vyose na vyo muzovyongerwa.” Haciye igihe gito mbatijwe nkaba Icabona ca Yehova, narahevye akazi nakora kansaba gukora imisi yose, ndaronka ako nakora imisi mikeya, maze nca mba umusuku w’igihe cose.
IVYIZA NAHAKUYE: Igihe nari nkiri muto nkaba ata kindi nakora atari ukwidagadura mu mpera z’imishamvu, sinigeze numva ko nshize akanyota. Ubuzima bwanje nta co bwari buvuze. Kubera ko ubu nkorera Yehova bimwe vyuzuye, ndumva nshize akanyota. Ubuzima bwanje burafise intumbero. Ubu narubatse urwanje, kandi jewe n’umunega wanje turagendera buri ndwi amashengero atandukanye y’Ivyabona vya Yehova, tukayaremesha. Ico gikorwa ndakibona ko ari ko gateka gakomeye kuruta ubundi bwose natewe mu buzima bwanje. Emwe, ndakengurukira cane Yehova kuba yarampaye akaryo ko kwisubirako!
[Iciyumviro ku rup. 27]
“Kuva tugitangura kuganira, narabonye ko nari natoye ikintu kidasanzwe. Ariko rero muri ico gihe, sinabona ko hari ikintu na kimwe nari nkeneye guhindura mu buryo nari mbayeho”
[Iciyumviro ku rup. 29]
“Sinari gushobora guheba kunywa itabi ndabifashijwe n’inkomezi zanje bwite. Ariko, kubera yuko nasenga ndabigiranye ubwira kandi nkiheka kuri Yehova Imana, narashoboye kuriheba”
[Iciyumviro ku rup. 30]
“Muri kahise, nahora mbona Bibiliya nk’igitabu c’amategeko gusa. Ubu nsigaye ndayibona mu bundi buryo. Naratanguye kubona ko abantu bavugwa muri Bibiliya ari abantu babayeho koko, bari bafise inyiyumvo be n’ubugoyagoye nkanje”