Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Ikinyoma kimwe kivyara ikindi

Ikinyoma kimwe kivyara ikindi

Ikinyoma kimwe kivyara ikindi

INTUMWA Paulo yarandikiye abakirisu babayeho amaja mu mpera z’ikinjana ca mbere G.C. ati: “Mwiyubare.” None ni ibiki yariko arabagabishako? Yababwiye ati: “Hari aho hogira uwubigarurira nk’isahu ryiwe biciye muri filozofiya no mu ruhendo ata co rurimwo vyisunga imigenzo y’abantu.”​—Abakolosayi 2:8.

Naho Paulo yatanze iyo ngabisho, kuva ikinjana ca kabiri G.C. kigeze hagati, abakirisu bamwebamwe baratanguye gukoresha ivyiyumviro vyigishijwe n’abafilozofe ba kera kugira ngo basigure ivyo bemera. Uti kubera iki? Barondera kwemerwa n’incabwenge zo mu Nganji y’Abaroma ngo gutyo bitume abantu benshi bahindukirira ubukirisu.

Uwitwa Justin Martyr, uno akaba yari umwe muri abo bakirisu babaye rurangiranwa, yemera yuko Umuvugizi w’Imana yari yariyeretse abafilozofe b’Abagiriki kera cane imbere yuko Yezu ashika. Justin be n’abigisha bari bafise ivyiyumviro nk’ivyiwe, bavuga ko agacumu k’ubumwe filozofiya be n’inkuru z’ibitito vyaterereye mu bijanye n’ubukirisu katumye iryo dini riba iryagenewe bose koko.

Ubukirisu Justin Martyr yigishije bwahavuye bwererwa cane mu kuronka abanywanyi. Ariko rero, kwemera inyigisho imwe y’ikinyoma vyatumye baremarema ibindi bintu bitari vyo maze ivyo bica bivamwo ivyo muri kino gihe abantu bakunze kwita ko ari inyigisho za gikirisu. Kugira ngo ivyo bintu bitari vyo bishirwe ku kabarore, nugereranye ibivugwa n’ibitabu bikurikira be n’ivyo mu vy’ukuri Bibiliya yigisha.

[Abo dukesha ifoto ku rup. 3]

Mubesheranyi: Barrators​—Giampolo/The Doré Illustrations For Dante’s Divine Comedy/Dover Publications Inc.; abamarayika: Art Resource, NY; igishusho c’Ubutatu: Museo Bardini, Florence