Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Inkuru nziza mu ndimi 500

Inkuru nziza mu ndimi 500

Inkuru nziza mu ndimi 500

IGIHE mu Rwanda hariko haraba indwano y’abanyagihugu, umugwi mutoya w’abahinduzi barahunga bakava mu mazu yabo, bagasiga ivyo batunze. Ariko rero, barakora ukwo bashoboye kwose kugira ngo bagende mu makambi y’impunzi batwaye orodinateri zabo ngendanwa. Uti kubera iki? Kugira ngo bashobore kubandanya bahindura mu Kinyarwanda ibisohokayandikiro bishingiye kuri Bibiliya.

Umukenyezi umwe akiri muto wo mu Bumanuko bushira Ubuseruko bwa Aziya ariko arandika akoresheje orodinateri yiwe gushika ijoro ryitereye cane, akihanganira uburuhe, ubushuhe be n’umuyagankuba uza uracika ukaguma umuciramwo mu gikorwa ciwe co guhindura. None afise intumbero iyihe? Ashaka kurangiza ico gikorwa ciwe umusi wo gucapura ivyo ariko arakora utararengana.

Abo bahinduzi ni bamwe mu bahinduzi benshi bashika ku 2.300 bakora bavyishakiye bari mu bibanza birenga 190 hirya no hino kw’isi. Bafise imyaka iri hagati ya 20 n’iyababa 90, kandi baritanga bataruha kugira ngo abantu bashobore kuronka uguhumurizwa kuva mu butumwa bwo muri Bibiliya mu ndimi 500.​—Ivyahishuwe 7:9.

Burashikira abantu bavuga indimi zitandukanye

Mu myaka ya vuba, igikorwa co guhindura kirangurwa n’Ivyabona vya Yehova carongerekanye ku rugero rutari bwigere rushikwako. Nk’akarorero mu 1985, ikinyamakuru Umunara w’Inderetsi casohorwa icarimwe mu ndimi 23, ico kikaba ari ikintu gihambaye cari kimaze gushikwako ico gihe. Muri kino gihe, Umunara w’Inderetsi uraboneka mu ndimi 176, kandi integuro zose zirasohorwa icarimwe kugira ngo abasomyi bo hirya no hino kw’isi bashobore kwiga amayagwa amwe kandi ku gihe kimwe.

Umunara w’Inderetsi ni co kinyamakuru conyene gisohorwa ubudahengeshanya mu ndimi zishika 50. Uti kubera iki? Usanga ata bintu vyinshi biriho biremesha amakompanyi akora ibijanye n’urudandaza rwo gucapura ngo acapure ibisohokayandikiro biri mu ndimi zivugwa mu turere akoreramwo. Ariko Ivyabona vya Yehova kw’isi yose baratanga intererano ataco barinze gusaba kugira ngo bashobore gusabikanya ku vyo baronka, gutyo Ijambo ry’Imana be n’ibisohokayandikiro bishingiye kuri Bibiliya bigashobora kuboneka aho ari ho hose bikenewe.​—2 Abakorinto 8:14.

Abantu baraha agaciro cane ubutumwa bwo muri Bibiliya igihe buri mu rurimi basanzwe bavuga. Nk’akarorero, mu misi ya vuba ibisohokayandikiro vyarasohowe mu rurimi rwitwa Miskito, runo rukaba ruvugwa n’abantu nka 200.000 bo muri Nikaragwa. Umukenyezi umwe yarasavye igitabu gifise umutwe uvuga ngo Igitabu Canje c’Inkuru za Bibiliya a muri urwo rurimi rwa Miskito, kandi hari umupasitori wo mu karere yabamwo yari ari ng’aho igihe bakimushikiriza. Uwo mupasitori akubise ijisho ico gitabu giteye igomwe, yaciye ashaka ko bakimuha. Uwo mukenyezi yaranse ko uwo mupasitori agitwara, naho mbere uwo mupasitori yari yemeye kumuha ibilo 20 vy’intete z’ikawa kugira ngo amuhebere ico gitabu!

Mu myaka nka cumi iheze, ibisohokayandikiro bishingiye kuri Bibiliya vyahindurwa mu ndimi zirenga 12 zivugwa n’abantu b’imvukira bo muri Megizike, harimwo ikimaya, ikinahuwatali be n’igitsotsili. Mu myaka idashika cumi, amashengero y’Ivyabona vya Yehova akoresha ururimi ruvugwa n’abantu b’imvukira bo muri ico gihugu be n’ururimi rw’ibimenyetso yarongerekanye ava kuri 72 ashika ku yarenga 1.200. Ivyabona vya Yehova barashobora guteragira ubutumwa bwo muri Bibiliya mu mitima y’abantu, ariko barareka Imana ikaba ari yo ituma izo mbuto zerekeye ukuri zinaga.​—1 Abakorinto 3:5-7.

Impinduro ya Bibiliya ya none mu ndimi 80

Mu myaka ya vuba, Ivyabona vya Yehova barakoze baratama kugira ngo basohore Bibiliya Impinduro y’isi nshasha, yaba yose canke igice cayo, mu ndimi 80. None abantu bavyakiriye gute? Icabona umwe wo muri Afirika y’Epfo yavuze ku bijanye na Bibiliya yo mu gitswana ati: “Urazi ukuntu ari igikoresho ciza igitangaza! Izotuma ndushiriza gutahura Ijambo ry’Imana. Imvugo yakoreshejwe iroroshe gusoma kandi iraryoshe.” Umuntu umwe avuga ururimi rw’igitsonga wo muri Mozambike yanditse ati: “Naho twari dufise ibindi bitabu vyose bishingiye kuri Bibiliya, kuba tutari dufise Bibiliya kwari nko kubona imituragaro n’imiravyo mugabo ntituronke imvura! Ariko rero, imvura yaraguye igihe Bibiliya Impinduro y’isi nshasha yasohorwa mu gitsonga.”

Mu buryo bwibonekeje, abahindura bakongera bagatanga inkuru nziza iri muri Bibiliya bariko barashitsa ubuhanuzi bwavuzwe kera. Yezu Kristu ubwiwe ni we yavuze ati: “Iyi nkuru nziza y’ubwami izokwamamazwa mw’isi yose ngo bibe intahe ku mahanga yose; maze umuhero uzoca uza.”​—Matayo 24:14.

[Akajambo k’epfo]

a Casohowe n’Ivyabona vya Yehova.

[Iciyumviro ku rup. 25]

(Ushaka igisomwa cose, raba ico gitabu)

IMPINDURO Y’ISI NSHASHA

Iraboneka yaba yose canke igice cayo

1950 1*

1970 7*

1990 13*

2000 36*

2010 80*

IBINDI BISOHOKAYANDIKIRO

1950 88*

1960 125*

1970 165*

1980 190*

1990 200*

2010 500*

IGITIGIRI C’INDIMI

[Amafoto ku rup. 24]

Abantu bashika 2.300 bakora bavyishakiye barahindura ibisohokayandikiro bishingiye kuri Bibiliya mu ndimi 500

BENIN

SOLOVENIYA

ETIYOPIYA

UBWONGEREZA